Message d'erreur

Deprecated function : The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls dans menu_set_active_trail() (ligne 2405 dans /home/centreu/public_html/includes/menu.inc).

AMATEGEKO AVUGA IKI KU BIJANYE N’UBUSHURASHUZI MU BURUNDI ?

Ibwirizwa rihindura igitabu c’amategeko mpanavyaha n° 1/05 ryo 22/04/2009 rirerekana neza ibijanye n’ubushurashuzi, ubumaraya, abo vyega hamwe n’ibihano bijanye. Twashimye rero kubibashikiriza ngo mubimenye ntihagire uwihenda ngo nta mategeko n’amabwirizwa ariho ahana ivyaha mwene ivyo.

Igice ca II : Ivyerekeye ivyaha birtyoza imigenzo myiza y’igihu-gu

Agace ka 1 : Ivyerekeye ugushurashura

Ingingo ya 538 :

Ugushurashura ni ugukoresha umubiri mu ntumbero yo kune-zereza uwundi kandi bikaba umwuga

Agahimba ka 1 : ivyerekeye gukwegera abandi mu ngeso yo gushurashura

Ingingo ya 539 :

Uwo wese artyoje imigenzo myiza y’igihugu arondera gufasha uwushaka gushurashura mu kwosha canke mu kworohereza umuntu, aba umugabo canke umugore, afise imyaka y’amavuka irenga mirongo ibiri n’umwe canke asa n’uwuyirenza, ahanish-wa umunyororo uva ku mwaka umwe gushika ku myaka itatu n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu gushika ku mafaranga ibihumbi amajana abiri.

Ico gihano gishobora kuduzwa gushika ku myaka cumi iyo uwa-shurashujwe adashikikana imyaka y’amavuka mirongo ibiri n’u-mwe canke asa n’uwutayishikana. Imyaka y’abo bantu ishobora kumenyekana bapimwe na muganga iyo ata kindi kibaranga

Ingingo ya 540 :

Ibihano bitegekanijwe ku karongo ka mbere k’ingingo ya 539 bihabwa :

1° Uwo wese aha akazi canke akwegeye mu bushurashuzi uwu-ndi muntu afise imyaka itegetswe kugira ngo yemeze ko akuze canke uwutayishikana n’aho yoba yavyemeye ;

2° Uwo wese atunze umuntu afise imyaka itegetswe kugira ye-mezwe ko akuze canke uwutarayishikana kugira amushurashu-ze n’aho yoba yavyemeye.

Ingingo ya 541 :

Uwo wese akoresheje iterabwoba, agahato, uguhendahenda canke ubundi buryo bwose, abereye intambamyi igikorwa co

gukingira ivyo vyaha, co gufasha, canke cotuma abakora ivyo vyaha bigarura, kikaba kiriko kirakorwa n’amashirahamwe abi-shoboye afasha abantu bihebeye gushurashura canke bari mu gutwarwa n’ubushurashuzi, kugira ngo bigarure, ahanishwa umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu n’i-hadabu riva ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu gushika ku mafaranga ibihumbi amajana abiri.

Agahimba ka 2 : Ivyerekeye inyungu mu bushurashuzi

Ingingo ya 542 :

Uwo wese, atunganya canke atanga n’impaka amafaranga ngo abakorerwa ubushurashuzi canke akaba ari mu batanga ayo mafaranga, akaba abigira we nyene ubwiwe, canke akoresheje uwundi muntu, ahanishwa umunyororo uva ku myaka ibiri gu-shika ku myaka itanu n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi ija-na gushika ku mafaranga umuriyoni.

Ingingo ya 543:

Umuntu wese agabuye mu buryo ubwo ari bwo bwose, ibivuye mu buhumbu n’uwundi muntu afise imyaka itegetswe  kugira ngo yemezwe ko akuze canke atarashikana iyo myaka, naho yo-ba yavyemeye canke aronka imfashanyo ahabwa n’umuntu yi-hebeye ubushurashuzi, ahanishwa umunyororo uva ku mwaka umwe gushika ku myaka itanu n’ihadabu riva ku mafaranga ibi-humbi mirongo ibiri gushika ku mafaranga ibihumbi amajana abiri.

Agahimba ka 3: Ivyerekeye ukworohereza abashurashura

Ingingo ya 544:

Umuntu wese afasha, ashigikira canke akingira n’impaka mu buryo ubwo ari bwo bwose ubushurashuzi bw’uwundi muntu canke akwegera abandi mu bushurashuzi, ahanishwa umunyo-roro uva ku mwaka umwe gushika ku myaka itatu n’ihadabu ri-va ku mafaranga ibihumbi mirongo ibiri gushika ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu

Ingingo ya 545:

Ibihano bitegekanijwe mu ngingo ya 544 bihabwa umuntu wese akora akazi k’umuranzi, abitumwe n’ico ari co cose, hagati y’a-bantu bihebeye ubushurashuzi n’abandi bantu babikuramwo inyungu canke bahemba abashurashura;

Ingingo ya 546:

Uwo wese apangishije canke apanga abizi inzu yose canke uru-hande rwayo uko imeze kwose kugira abandi bahashurashurire, ahanishwa umunyororo uva ku myaka ibiri gushika ku myaka itanu n’ihadabu riva ku mafaranga ibihumbi mirongo itanu gu-shika ku mafaranga umuriyoni canke igihano kimwe muri ivyo co nyene;

Ingingo ya 547:

Ibihano bitegekanijwe mu ngingo zigize aka gace bigwizwa na kabiri igihe mu rubanza habonetse imwe mu vyongerezakibi zi-kurikira:

  1. Iyo icaha cakorewe umwana atarashikana imyaka cumi n’umunani;
  2. Iyo nyene gukorerwa icaha atabishaka;
  3. Iyo icaha cakorewe umuntu asanzwe atishoboye kube-ra imywaka yiwe, ingwara afise, ubumuga, amagara make canke ubukehabwenge canke yibungenze, bibo-neka canke bizwi n’uwakoze ico caha;
  4. Iyo cakozwe n’abantu benshi n’abo bafadikanije canke ababafashije;
  5. Iyo nyene gukora icaha yakoresheje urwenge, itera-bwoba, igikenye;
  6. Iyo icaha cakozwe n’umuntu uwakorewe icaha akomo-kako;
  7. Iyo icaha cakozwe n’umuntu afise ububasha ku wagi-korewe;
  8. Iyo nyene gukora icaha asanzwe ari umukozi wo mu nzu y’uwagikorewe;
  9. Iyo nyene gukora icaha ari umukozi wa Reta canke ari umukuru mw’idini.

Dusozere

Abasokuru ni bo bayamaze bati: “Mbwire gito canje, ic’uwundi cumvireho”. Amategeko bayashiraho kugira akinge ko ivyaha vyerwa n’ayo mategeko biteke gukorwa hanyuma uwubikoze nawe ahanwe n’ayo mategeko. Tugerageze rero kwubahiriza amategeko n’amabwirizwa yashinzwe mu ntum-bero yuko igihugu cacu cokwubakira ku mico n’imigenzo runtu yamye iranga Abarundi. Umwe wese aho ari, afashe kurwanya izo ngeso mbi z’ubushurashuzi, bibaye ngongwa batake abate-getsi babijejwe. 

Share
Back to Top