Message d'erreur

Deprecated function : The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls dans menu_set_active_trail() (ligne 2405 dans /home/centreu/public_html/includes/menu.inc).

CIPFUZO C’ABAGORE N’ABAKOBWA BAKORA UBUMA-RAYA

 

  1. Ukuronka umutahe wo gucuruza: Naho bigoye kubaso koroza, muri abo bacuruza uru-dandazwa rugayitse, harimwo abipfuza kubiheba bakabaho nk’abandi. Nk’uyu yatubajije iki-bazo kijanye no kumenya ko tu-bashiriye imitahe yo gucuruza ati: “ Ko muhambaye mutuzaniye imitahe ngo ducuru-ze”. Igikorwa  rero ca mbere bipfuza gukora ni uko bocu-ruza ibidandazwa bibayayabaye. Umwe ava i Bubanza yipfuza gucuruza amavoka kuko abona ari yo yokunguka kuruta ibindi. Muri make, umwe wese asanzwe afise umutima wo guheba ubwo bumara-ya arafise igikorwa abona comuteza imbere.

Abandi na bo bipfuza kuronka akandi kazi ako ariko kose bokora kiretse ako bahora bakora kandi gatandukanye no kurima kuko bamwe bavuga ko bahunze isuka.

Kuri iki cipfuzo benshi muri bo bafise, hari n’abavuye muri ubwo buja basigaye bitunze. Umwe muri bo yariyu-bakiye inzu y’ingenzi, uwundi na we asigaye acuruza impuzu z’abakenyezi, abandi na bo bafise inzu badanda-rizamwo imfungurwa.

  1. Ugusubira kw’ishure: muri bamwe bacira amashure ha-gati, hari abipfuza gusubira kwiga, mugabo bagaca bagi-ra ubwoba ko batoba baki-bishobora. Ikindi kibatera ubwoba ni ukuronka ama-hera y’ishure, ari co gituma bipfuza nk’umugiraneza yo-bibafashamwo.

  2.  Ugufasha gutegurira kazoza abana bavutse igihe co muri ivyo bikorwa bibi vyabo: Mu bo twaganiriye, hari-mwo abafise abana bavyaye imbere canke igihe binjira muri ico gikorwa kibi birirwamwo. Bati: “None abana

bacu bazobaho gute ko batariko bariga”. Muri bo, hari abipfuza kubaronderera amatongo bazobamwo, abandi kubashira mu mashure, n’abandi bipfuza abagiraneza bobatunga kuko amagara yabo atameze neza.

  1. Ukuronka imiti ipfupfahaza SIDA: ku bagendana umu-gera wa SIDA bipfuza ko boronka amashirahamwe aba-fasha kuronka imiti ipfupfahaza ico kiza ca SIDA kuko n’amashirahamwe asanzwe ayitanga, ni make kandi abayikenewe ari benshi.

  2. Ukwubaka urwabo muri kazoza: bati: “Ivyo ari vyo vyo-se ntituzosazira muri aka “kazi”. Vyoba vyiza ndonse umugenzi nkunda twubakana nk’abandi”. 

Share
Back to Top