Message d'erreur

Deprecated function : The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls dans menu_set_active_trail() (ligne 2405 dans /home/centreu/public_html/includes/menu.inc).

ICOKORWA

  1. Reta:

-       Ugukinga ko ubumaraya buba mu gihugu: igikorwa ca mbe-re Reta yokora ni ico kurondera ibituma nya mukuru abo ba-kobwa n’abagore baja muri urwo rucuruzwa rutabahesha icubahiro. Benshi bavuga ko ari ubukene, ariko hari n’ibindi bituma binyegeye tutaramenya. Ivyo bituma bigiye ahabona, niho igikorwa co kurwanya ubumaraya kizoshoboka ;

-       Ugushinga ibigo bifasha kuvura no kwumviriza abari muri uwo mwuga : abo bagore n’abo bapfasoni baragwara indwa-ra zitandukanye, na cane cane izica mu bihimba vy’irondoka, hanyuma abo bantu bakagira ingorane zo kuja kwivuza ku mugaragaro. Ni vyo, Reta irafise umugambi uhora ubafasha ariko ntukwiye. Igihe rero ivyo bigo vyoba vyaruguruwe, ugu-sinzikara kwabo hamwe n’ukwanduzanya vyohera. Hari n’izi-ndi ngwara twavuze zovurwa n’abahinga babinonosoye boba bari muri ico kigo.

Vyongeye kandi, abahinga mu vyo gufasha abantu basinzi-kajwe n’ibiyayuramutwe ntibohara muri ivyo bigo ;

Gushika uno musi, ibigo bihari bisanzwe bibafasha bukebuke ni SWAA Burundi yitaho abarwayi ba SIDA, ABUBEF yitaho ivyo kubaho neza kw’imiryango.

Muri ivyo bigo ntihokorerwa gusa ivyo kuvura, hoba n’ibiko-rwa vyo kufasha ababa barakomeretse ku mutima ;

-       Ugushinga ibigo bijejwe kwakira non gusubiza mu buzima buzanzwe abahora mu bumaraya : abahora muri ico gikor-wa kibi co gucuruza umubiri barakenera kwitabwaho bikwiye kugira mu mico n’imigenzo, mu nyifato no mu ngiro bavava-nure n’ivyo bahoramwo kandi bavugwe ku mutima no ku mubiri imbere y’uko basubira mu miryango yabo ;

-       Ugukingira ingo n’imiryango : urwo rukingo ruri ku ntambwe zitandukanye:

·      Ukwigisha abana bakiri bato ibijanye n’imico n’imi-genzo ndundi batibagiye n’ibijanye n’ubuzima bwa-bo, ibifatiye ku bihimba vyirondoka, ingaruka mbi igihe bigejenjeje nabi bagata intumbero ibereye zi-na kiremwa muntu. Gurtyo umwana akuze abizi, bi-zogabanya wa munoho w’ivy’isi bagira bakira bato hanyuma bakanduriramwo kuba imaraya ;

·      Uguhimiriza abavyeyi ngo basubire ku ndero runtu y’abana babo kuva bakiri bato, mu ku-rondera ubu-ryo bwose bo-bigisha n’ivyo bibaza ko abana batara-gera kwumva canke kumenya kuko batabigize hakiri kare, abo ba-na bazovyirondera mu mpisho hanyuma basange baguye mu rudubi. Vyongeye kandi « kirazira » yo-subira kuba ishingiro ry’indero y’abana mu mirya-ngo.

·      Uguhana abagabo baja muri ubwo bumaraya: ba-mwe bavuga ko bohana abogore bo nkwezi z’ama-rere, abandi na bo bati namba kuko hari abagabo baza kurondera abo bagore. Icihutirwa rero ni uko uguhana bimwe vy’akarorero umugabo wese afati-we muri ubwo bumaraya.

Ku bagore n’abakobwa bakora uwo mwuga mubi, ben-shi harimwo n’abari mu mashirahamwe aharanira aga-teka k’abakenyezi, bashigikira ca ciyumviro co kuron-dera ibituma baja muri iyo ngeso mbi aho ku bahana, kuko icibonekeza co ni uko ata n’umwe muri abo ba-gore n’abakobwa abikorana akanyamuza nk’abagabo ari co kibajana.

·      Ugukingira n’ugukura abana muri ubwo bumaraya :turetse abo bagore n’abakobwa bari muri izo ngeso mbi, harimwo n’abana bakiri bato cane bafise imya-ka iva kuri 13 gushika ku myaka cumi 16. Barakene-ye gutabarizwa mbere bagahana uwo wese abakwe-gakwegera muri ivyo bikorwa bibi.

-       Uguhana bimwe vy’akarorero abagira urucuruzwa rujanye n’ubumaraya : mu gihugu cubakiye ku mico n’imigenzo y’a-basokuru, urucuruzwa rufatiye ku bumaraya ntirwemewe n’amategeko. Igihe bishitse na ho birahanwa bimwe bikome-ye. Ariko rero, ico gikorwa nticoroshe kuko usanga kirimwo abantu bahambaye, mbere rimwe na rimwe bari mu butege-tsi no mu bagwizatunga barondera amatungo mu buryo bwose, canke bigakorwa n’amashirahamwe mpuzamakungu canke ayo mu gihugu ashigikiwe n’abari ku ntwaro ;

-       Ugukurikiza amategeko uko ari : hari amategeko asanzwe yarategekanijwe n’ibitabu mpanavyaha. Ababijejwe bokuri-kiza ayo mategeko aho kuraba hasi nk’uko umengo ubuma-raya si ivyaha biriko birakorwa canke ugasanga bahana bam-we abandi ntibabakomakome. Icibagiwe co ni ibiturire bivug-wa muri ico gisata.

  1. Amashirahamwe yigenga :

-       Uguterera Reta bimwe biboneka mu bikorwa vyo gutunga-nya ubushakashatsi buhanitse kugira bamenye vy’ukuri ibi-tuma nyezina bituma abagore, abakobwa n’abagabo baja mu bumaraya. Ibivuye muri ivyo vyirwa bobishikiriza Reta, aban-yagihugu n’abo bose bashobora gufata ingingo no guterera mu bikorwa vyo kurandurana n’imizi ivyo bikorwa bibi vy’u-bumaraya ;

-       Ukugwiza imigambi y’iterambere n’inyigisho zituma basho-bora kurangura neza iyo migambi no kudasubira muri izo ngeso mbi hari abakeneye icobafasha kugira babivemwo n’abandi umengo si yo ngorane ibahanze, ariko igihe ico gi-korwa kibaye umugambi, bose boteba bakabivamwo.

 

  1. Abavyeyi n’abarongoye amashengero 

-       Aba ico bokora gusumba ibindi ni igikorwa gishingiye ku kwi-gisha indero runtu kuva umwana akiri muto gushika umusi wa nyuma w’ubuzima bwiwe. Ikindi batokwibagira ni ukuge-rageza gufasha kuva muri uwo mwuga mubi abamaze kuwi-njiramwo.

-       Abavyeyi borikanura mu gukurikirana umwana wabo bavuga ko hari abantu babaha utu na turiya tubasosera kuva bakiri bato, hanyuma abo bantu batubaha, babegere babamenye kandi bamenye n’igutuma batubaha kuko aho ari ho haduki-ra izo ngeso mbi ;

-       Ukugerageza kumenya imico n’imigenzo y’abantu bavuga ko bagiye gukoresha abana banyu, musanze bibateye amaken-ga mubabuze, bavyanse naho murondere ubundi buryo.

Share
Back to Top