Message d'erreur

Deprecated function : The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls dans menu_set_active_trail() (ligne 2405 dans /home/centreu/public_html/includes/menu.inc).

INCAMAKE Y’IBIGIZE IKI GITABU

Ikigabane ca mbere

Muri iki gice, batwereka ko Karaveri acira agace uru-ndi rwaruka ku kuntu yakunda kuja kw’i “ligala” aka-nywa ibiyayuramutwe agakina n’akamari. Ingaruka y’ivyo yarakubiswe arasinzikazwa n’uwo barikumwe abandi barorera bongera bakokeza, yatabawe n’urwa-ruka ruvuye mu bikorwa vy’ishirahamwe. Aho amariye kujanwa kw’ivuriro ritoyi no ku bitaro bikuru akabona bamwe bamutabara babandanije bamwitaho ariko mu bo bahurira kw’i “ligala” ata n’umwe amukubitiyeko, yarategereye ko yakwirikiye ubwije aca yigira inama yo kuja mw’ishirahamwe. Yajijuye bagenzi we ku bu-ryo na bo nyene bahinduye ingendo.

 

Igice ca kabiri

Muri iki naho, urwaruka rw’aba urutaciye mw’ishure, urw’ayaciriye hagati canke urwayamaze ruhamagariwe gukora ibikorwa vyoruteza imbere n’aho ruhura n’i-ngorane zitandukanye. Kukaba nkako, urwaruka rura-shinga intahe rwemeza ko rwiyungunganije ruhereye ku tuntu duto none rushoboye kwitunga.

Igice ca gatatu

Muri iki kigabane gisozera iki gitabu, cerekana icokorwa kugira urwaruka rwiteze imbere. Ako kamo kakaba gatewe abanyagihugu, abatware, Leta n’amashirahamwe mvukagihugu na mvamakungu

 

 

Share
Back to Top