Message d'erreur

Deprecated function : The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls dans menu_set_active_trail() (ligne 2405 dans /home/centreu/public_html/includes/menu.inc).

Ingaruka z’ubumaraya ni nyinshi ku miryango

INTANGAMARARA

Aha mu gihugu cacu c’Uburundi, hari ibibazo abantu ba-hagarikako umutima n’ibindi babona nk’ibisanzwe. Ni ukuvuga ko hari ibibazo bimwe bimwe vyamaze kwiganza gushika n’aho bihuma amaso abantu. Aho rero ni ukuhagabira.

Ikibazo c’ubumaraya ni ikibazo kimwe muri ivyo vyama-ze kurengera ubushobozi bwacu dufatiye ku ngaruka zabwo z’u-murengera: imyidogo mu miryango ko iriko iratabagurika ni myinshi, abana bata imiryango bakaja muri izo ngeso mbi bate-ra baba umurengera, ababikora na bo ni nk’ibicibwa mu kiba-no.  None ni kuki atagikorwa ngo tubutuze? Ahubwo umengo n’abatware ntibabubona nk’ingorane mu gihugu.

Twifashe mu jisho, ngo tubivuge, bavyumve ko bigisibije, hanyuma umwe wese arabe icokorwa aho aherereye no mu bu-shobozi afise. Erega twicaye ku mwobo w’inzoka ikaze ishobora kudukomora twese!  Tubishaka canke tutabisha kandi mu buryo butandukanye, haba uwo mu gisagara canke uwo mu gihugu hagati, twese tumenye ko atagikozwe na we canke abiwe bazo-kwandukirwa n’ako karanda.

Duteye kandi akamo abo bose agatima k’ubuntu kasubi-ye kuvyuka kuko babonye amabi bitera, bafate ingingo zibereye kugira ngo tunagure imico n’imigenzo yatitutse kubera ubuma-raya. Umwe wese rero azoheza agire ico aterereye kugira dutu-ze ako karanda kuko ntitwobireka uko.

NTAHONSHIKIYE Placide  

Share
Back to Top