ABARUNDIKAZI BARAYE BATEYE INTAMBWE

 

 

INTANGAMARARA

 Ni akanyamuneza kuri bamwe kuko muri aya matora aheru-tse, abagore batowe ku bice birenga mirongo itatu kw’ijana (30%) none bagiye guserukirwa bikwiye mu bisata vyose vy’igihugu. Vyongeye ni amakenga ku bandi bakenyezi kuko babona ko abo bakenyezi bavuga ngo baratowe kandi batatowe ku giti cabo ahu-bwo batowe ku giti c’imigambwe yabashize ku ntonde none bazo-hava bakora ngo banezereze iyo migambwe bavuyemwo. Bishobo-ra kuba rero bimwe bihendwa abana ngo abakenyezi baratowe!

Abakenyezi baherutse gutorwa ngo baserukire abandi bake-nyezi n’abarundi bose baronse ibanga rihambaye kandi babwirizwa kurangura ku neza yabo n’igihugu cose cabizigiye. Abakenyezi ba-genzi babo barafise ivyo babasaba bokwitwararika gusumba. Igiha-mbaye muri vyo ni ukugendera kenshi abakenyezi bitwa ko baseru-kira, ko abakenyezi bogerageza kwihagararako maze bagahindura ingendo ibabuza gutera imbere. Abo bakenyezi batowe boshinga kandi umurwi wo kwigiramwo ibibazo vy’abakenyezi n’abarundi bose ariko ivyo bovugiramwo vyoba ibikiza bose.

Muri kahise k’Uburundi n’ibindi bihugu vyo kw’isi, hari abakenyezi babaye imboneza muri vyinshi mbere n’abashingantahe barabarabirako akarorero. Kuki none abo bakenyezi batorwa bato-bafatirako akarorero maze Umurundikazi akaba urumuri rumukira ab’ubu n’abazoza? Abasokuru barayamaze bati: “ Ubuntu buriha-bwa”. Bakenyezi! Muraba mwumva.

NTAHONSHIKIYE Placide


ISERUKIRWA RY’ABAKENYEZI MU NZEGO Z’IGIHUGU

 Iki ni ikiganiro twagiranye n’abanyagihugu bo muri Komine Kayokwe, abo mu Gisagara ca Bujumbura, na bamwe bamwe mo mu ntara ya Gitega na Ngozi.

 

Mbega abapfasoni barashima ko batowe ku bice birenga mirongo itatu kw’ijana (30%)?


Muri rusangi turabishima ariko si cane kuko nko mu bake-nguzamateka abakenyezi batowe ni bake cane. Ikindi kitunezera ni uko nk’akarorero amakomine menshi y’igihugu arongowe n’abake-nyezi. Ukubona rero habonetse abakenyezi benshi bizigirwa n’aba-nyagihugu ni akarorero ko umukenyezi agiye gutera imbere gusu-mba uko yahora. Umukenyezi agiye kuronka aho avugira n’uwo atura ijambo yizigiye, na cane cane mu kumutura ibibazo bimwe bimwe umukenyezi yahora atinya gutura umutware w’umugabo. 

Ese abakenyezi batowe bokwama batugendera ku mitumba iwacu

 

 

 

Nk’akarorero k’ingorane umukenyezi yotura mugenzi we w’umutware w’umukenyezi ni nk’ingorane zimwe zimwe zerekeye imibano, ibibazo vyo mu ngo bihanze abakenyezi, n’ibindi tutado-ndaguye. Ivyo rero vyoca bituma umukenyezi avyumva n’ingoga mu vyo akora vyose. Mu misi iheze, abakenyezi bahora badukumi-ra ngo ntitugira ijambo kandi hariho n’abakenyezi barusha abagabo gutumbereza iciyumviro bashikiriza. Ubu ibintu bigiye kugaragari-ra ahabona. Abakenyzi batari bake turizigiye ko nk’ibi bibazo vyo kuduhohotera no ku dufata ku nguvu bagiye kugira ico babivugako.

 

Ku bw’abakenyezi bo muri Komine ya Kayokwe, aya mato-ra rero vy’ukuri yarerekanye akarusho kuva ku nzego zo hejuru gu-shika ku nzego zo hasi mu bijanye n’uguserukirwa ku mukenyezi. Ico ni ikimenyamenya kandi ko umukenyezi agiye kuvuga ijambo bakamwumviriza. Iyo rero umukenyezi amaze kuronka agateka, n’indero y’urwaruka ica ironka ishimikiro n’akarorero keza.

 

Hari abakenyezi bafise amakenga ko bazohava baserukira imigambwe yabarungitse aho guserukira abakenyezi batobato babatoye. None abo bavyiyumvira boba bihenda?

 

            Ababajijwe bati: “Ahubwo abakenyezi bashobora kwiyu-mvira gushika kuri ayo makenga ni bo bari bakwiye kwitoza. Ni ivy’ukuri biragaragara ko abakenyezi baserukiye imigambwe yabo kuko nta mu kenyezi n’umwe twigeze twumva canke ngo tubone yitoje ku gatwe kiwe. Ni ukuvuga rero ko imigambwe ari yo yaba-giriye urutonde. Amakenga rero ntiyobura. Naho biri uko, turizigi-ye ko uwo mukenyezi umugambwe wizeye ukamushira imbere ku rutonde atazoca akorera uwo mugambwe, ahubwo azokorera aba-kenyezi n’abarundi bose batoye uwo mugambwe n’abatawutoye. Igihe rero hogira umukenyezi ahirahira agakorera umugambwe ase-rukira, yoba yigiriye nabi kuko ntawosubira ku mutora no mu ma-tora yo hanyuma. Vyongeye kandi yoba amaramaje abamwizigiye

 

 

Banywanyi, n’abakenyezi tuzobashira ku ntonde ariko bategerezwa kwibuka akarangamutima kacu

            Uwundi mukenyezi aremeza ko ayo makenga afise ifatiro kuko uravye ingene batowe, hatorwa umugambwe; ntihatorwa izina rya kanaka ku giti ciwe. Ubwo none iyo amazina y’abo bakenyezi ashirwa ahabona maze abo bakenyezi bagahangana n’abo bagabo bari gutorwa? Gutorerwa mu migambwe si bibi kuko umugambwe uca ubu ikiraro kibashikana iyo bashaka no ku vyo bashaka. Ko muri iyi myaka bimeze uku, tube turabifata uku. Uwatowe wese, turetse n’umukenyezi, yategerezwa guca amenya ko ibanga yatore-

we ko ari iryo kuvugira Abarundi bose, ariko ari umukenyezi akama amenya ko aserukira abandi bakenyezi mu bibagora vyose.

            Kuva kera, abakenyezi bacinyagijwe ijoro n’umutaga nk’u-ko umupfasomi Maragarita w’i Muyebe avyidoga. Ntawomuhenda rero ngo umugambwe wamuhaye nawushire inyuma kuko wohava umwaka vyose, ariko arama yibuka ikimuraje ishinga ko ari uku-rwanira agateka k’umukenyezi agicinyizwa.

            N’abagabo rero barashima ko ari vyiza cane kubona abake-nyezi barizigiwe bakaja mu nzego zirongora igihugu. Nk’akarorero, ni uyu mugabo avuga ati: “Jewe ndi umuntu w’umushingantahe, ndanezerewe kandi ngira n’abandi bashingantahe nka nje boneze-rwa kubona abakenyezi bariko baratera intwambwe mu vy’intwaro. Aho vyabereye si kera gake abakenyezi basemerera ngo abagabo turabakumira, reke nabo batware hanyuma turabe ingene badutwara twebwe abagabo, kandi umwe wese bamushimire ico yakoze.

            Duhiriwe duhishije, aha iwacu (Kayokwe) tugiye kurongo-rwa n’umukenyezi. Nta makenga rero afatiye kw’ikumirwa ry’aba-gabo ryohava rishika rigizwe n’abo bakenyezi bashasha mu ntwaro kuko twari twarabakumiriye nk’uko babivuga, kanatsinda uwugiye muri poritike aba yemeye gutunganiriza bose. Abo bakenyezi bagi-ye kuba Sebarundi atari Sebakenyezi gusa. Ikindi kintu gihambaye kizofasha gutunganiriza bose ni impanuro bahabwa n’abahanuzi babo. Ni co gituma batokwigera birengagiza ababahanura”.

            Urwaruka na cane cane abigeme bavuga ko banezerewe ca-ne n’uko baronse abakenyezi bagiye kubaserukira mu nzego zose z’igihugu. Ariko, amakenga urwo rwaruka rufise ni uko bama babi-bagira muri vyinshi, icibagiwe co ni mu bijanye n’intwaro aho ata rwaruka ruronka icicaro mu ntwaro.

“Vyitwa ngo baserukira abakenyezi bagenzi babo ariko biserukira”. Hari ico mubivugako?

 

Ingo tube turagacamwo, nayo uguserukira abakenyezi ni bukebuke

            Mu bisanzwe, ibituma abakenyezi bato bato bavuga ko abo bakenyezi biserukira ni uko n’iyo bahejeje gutorwa, atawusubira kubakubita n’iryahumye. Ico rero ni n’ikibazo cabajijwe cane

abashingamateka no mu gihe co kwiyamamaza. Nawenu ngira muri iyi ntwaro igiye kuza ibintu bizohinduka gushika n’aho abatowe ngo baserukire abandi batazohengeshanya kugendera ababahaye amajwi.

            Ku bw’umukenyezi w’umwigisha w’amashure matomato akongera akaba muri bamwe batanu bahora barongora umutumba, avuga ati: “Dufatiye kuri iyi myaka itanu irangiye, ni ko twaratoye abakenyezi, ariko ico twipfuza ntibakidushikiyeko. Twipfuza ko abo bakenyezi baserukiye abandi bokwibuka bene wabo bari mu gihugu hagati, bakaba ari bo bashimikirako, bakabigisha ibitari bike kandi bakabimenya. Ariko nta cakozwe. Ubu rero twabatoye ku bwinshi, turabasavye ko iyo ngendo yo kwica amatwi boyiheba bagahindura ingendo. Ivyahise tubireke kugira batangure ingendo nshasha ishingiye ko vyo turiko turabasaba vyo guteza imbere bene wabo batobato”.

            Si agaseseshwarumuri, ico kibazo ni inkoramutima ku mu-rundikazi wese kuko ntibibereye ko iyo hageze imyiyayamazo y’i-migambwe ariho wumva abo bakenyezi baduza ijwi cane ngo baha-ranira agateka k’umukenyezi w’Umurundikazi na bo batigera baba-serukako mu ngorane barimwo.

            Ariko hari bamwe bamwe bagerageza. Akarorero umuntu yotanga ni nk’abashingantahe n’abakenyezi bamwe bamwe batera amashurwe abakenyezi badasiba gusemerera ku nsamirizi mbere bakabishira no mu bikorwa kugira umukenyezi atere imbere. Aho baravuga umukuru w’ishirahamwe ryitaho agateka k’abapfunzwe we adasiba gusemerera ngo abana bapfunzwe hamwe na ba nyina babo barabe ingene bofatwa mu kwu bahiriza agateka kabo. Burya umuvyeyi yavyaye agaheka ntanezerwa abona umwana wiwe ariko aragorwa. Hari n’abandi barenguka ku bakenyezi bafashwe ku nguvu, n’abandi. Abo turakengurukiye.

Icipfuzo abakenyezi batura bene wabo batowe ngo baserukire abandi

-          Ese abakenyezi twitoreye batodutetereza ngo babe “niryo”;

-          Abakenyezi batowe ngo baserukire abandi mu nzego z’igi-hugu bogerageza gukora bimwe bishimishje kugira ntiha-gire ikumirwa ry’abakenyezi ryosubira kuvurwa aha mu gi-hugu cacu, maze kandi bibaye ngombwa ku rwego rwose, umukenyezi yokwama yaronse ikibanza bakwiranye;

-          Kurwanya ivyo gufata ku nguvu abakenyezi;

-          Abo bakenyezi bodufasha kugira abakenyezi bijukire ashi-rahamwe atuma umukenyezi yoroherwa mu kuvuga ikiri ku mutima kandi ataniganwa ijambo.

-          Ikibazo co gutorana ku bana b’abakobwa bogishira imbere kuko nta mwana n’ikinono;

-          Kwumviriza impanuro abanyagihugu babaha kugira ivyo bakora vyose babikore ku neza ya bose;

-          Kuronderera kazoza keza Abarundi bose babicishje mu bi-korwa bitobito twese dushobora kurangura, tugashika no kuvyimburwa bishimishije;

-          Gushira imbere iterambere rirama kugira ngo berekane ko hari ico boba barushije abahahora.

-          Abakenyezi bari imbere y’abandi mu vy’intwaro borondera uburyo bwo gusununura amashirahamwe kuko na kare ba-yahoramwo ariko ntihagire ico abamarira ;

-          Abo bakenyezi boguma bagendera benewabo bato bato ku-gira bagume bavugana ingorane bafise n’ivyo bobaserukira-mwo gusumba;

-          Kugwiza amashure n’amavuriro hamwe n’ibikenewe nk’a-bigisha, ibikoresho, abavuzi n’imiti, no kurwanya amayege-reyegere, vyose kugira bitange umwimbu ushimishije;

-          Amabarabara meza ya kaburimbo yokwiragizwa aho hose atarashika kandi akenewe cane;

Umukenyezi wese ni kirumara mu muryango

-          Abakenyezi b’ingwizamurongo gusa ntibakwiye kuja kuro-ngora abandi;

-          Kurwanya ubukene bwugarije igihugu kandi ntibibe ibivu-rwa mu majambo gusa, bibe ibiri mu ngiro;

-          Kugwiza ubuzi ku banyagihugu bose, n’umunyagihugu ati-ze amashure atibagiwe, kandi bame bibuka ko badukoreye ivyo tutabatumye tuzosaba bagahinduka canke ntituzobo-ngere ku kindi kiringo.

-          Kwigisha abakenyezi bato bato amategeko abagenga ha-mwe n’amategeko agenga ingo n’imiryango kuko hari aba-kenyezi benshi batayazi. Vyoba vyiza kandi vyihutirwa ko abo bakenyezi batowe bokwira igihugu cose bajanywe n’ico gikorwa gusa, erega hari igihe umukenyezi arenganywa nta-menye n’iyo ija kwitura.

-          Nibibuke ko abakenyezi bagenzi babo ari bo batunze imi-ryango, nibaze rero baraturondera kandi bongera batwegere-za akavu, imbuzo zirobanuye, n’ibindi. Ni ho boba bagize ico badufashije gusumba;

-         

Nari naranizwe, ubu ndashobora kwiyandikira agakete 

-          Turasavye ko abo bakenyezi baserukira abandi bogerageza bakarondera ingene bokura isuka ku mukenyezi wa hariya mu gihugu hagati;

-          Kwigisha abakenyezi ugusoma n’ukwandika;

-          Guha agashirukabute abakenyezi bafasha abandi ku mitu-mba gutwara;

-          Abakenyezi bo mu gihugu hagati na bo nyene barakwiye kuza baraja mu manama (yaba ay’abakenyezi canke ay’a-bagabo) atungwanywa, kuko usanga yagiyemwo abo bitwa ko baserukira abandi maze ugasanga ubumenyi bwabo nti-bwisununura. Ni ho iterambere rizokomera igihe ryoba ri-hereye ku mutumba;

-          Ko bodufasha kuronka imitahe yo kurima, kworora n’uku-dandaza utuntu duto duto;

-          Ko bodufasha kutwongerereza ubumenyi mu bijanye n’ivyo guhingura ibirimwa no guhingura nk’amasabuni ku rwego rubayabaye;  

-          Gushikana mazi meza aho atarashika kuko umukenyezi ni we acumukura;

-          Abo bakenyezi bagiye guserukira abandi borondera ingene abakenyezi b’imboneza mu mashirahamwe boza baragende-ranira kugira bungurane ubwenge mu vyo bakora.

Hari inzitizi zoba ziriho ku mukenyezi aserukira abandi?

            Umukenyezi akivyara biramugora cane kurangura ibanga ryo guserukira abandi mu vy’intwaro. Dufatiye ku karorero ka hafi, nk’ubu mw’ijoro hadutse nk’ingorane mu kibano hanyuma bagaca bamutumako bati renguka ngaha urabe ibiriko biraba, uwo muke-nyezi birashobora kumugora cane kwiyambura urwo ruvyaro na bugingo ruba rwiriwe rutamubonye kuko yiriwe ku kazi, hanyuma agashika imuhira bamukumbuye. N’igihe aba yibungenze hariho

ibikorwa bimwe bimwe ataba akibangukamwo naho yoba asanzwe ari umunyamwete. Ariko rero, ntiduhave twibagira ko hariho aba-kenyezi basanzwe baremanywe ububangutsi buruta n’ubw’abaga-bo. Ivyiza rero, ni uko umukenyezi yoba uwoba afise abana bakuze kuko aho ni ho yorangura neza igikorwa abanyagihugu bamushi-nze. Ku mukenyezi wo mu misozi wewe ibimugora ni vyinshi, na cane cane udukorwa two mu rugo. Hari n’ivyo atubahuka gutuma umushingantawe wiwe. Abakenyezi bo ku rwego rwo hejuru bo vyopfuma kuko bakoresha abakozi.

            Hari abavuga ko abagabo babo bababera intambamyi, ariko vyongeye, hari abashingantahe usanga bumvikana cane n’abake-nyezi babo bari mu ntwaro, ugasanga igihe umukenyezi ahamaga-we n’amabanga y’igihugu, umushingantawe wiwe na we hari ivyo aca amwunganiramwo mu rugo.

            Iyindi nzitizi umuntu yovuga, ariko iyo nayo irashobora no gushikira n’umugabo, ni iyijanye n’ukutagira akigoro mu vyo akora vyose. Bitagenze uko, nta gikorwa na kimwe cokwigera kiranguka, haba no bundi buzima busanzwe.

            Ku bijanye n’abatware b’abakenyezi bo mu gihugu hagati, ivyiyumviro vy’abagabo biratandukanye kandi kuri bamwe ni inzi-tizi kuri abo bakenyezi. Hari umushingantahe yavuze ati: “Umugo-re wanje agiye mu vy’intwaro nonezerwa kuko aba agiye guseruki-ra abandi bakenyezi. Ku bwanje, no ku rugo rwanje ni agateka nta ngere”. Igihe na ho hogira umuntu arwanya umukenyezi wanje, je-we noraba ivyo bamuvugako ko bifise ishimikiro hanyuma ngaheza nkamuhanura”. Hari rero n’abandi bagabo barahira ko batokweme-ra ko umugore wabo aja mu vya poritike kuko uwo mugore adasu-bira kwubaha umugabo wiwe. Ivyo rero n’abandi bakenyezi barabi-gaya mbere bakanasuzugura uwo mupfasoni vyega.

No mu gihugu hagati ikibazo c’ugutorana kw’abana b’abakobwa ntitukibona kumwe. Kuki?  

            Ugutorana kw’abana b’abakobwa ni ikibazo gishobora gu-canishamwo abakenyezi bo mu gihugu hagati n’abakenyezi b’inca-bwenge, tutibagiye n’abo baheruka gutorwa ngo baserukire abandi.

            Mu gihugu hagati, ico kibazo ntigiteye ingorane nk’uko mu bisagara bavyiyumvira. Umukenyezi wo ku mutumba wa Musama muri komine ya Kayokwe avuga ati: “ Ni ko barya bakanyezi b’i-ncabwenge usanga kenshi ata ngorane bafise aho bubatse. Mu gi-hugu hagati, umukenyezi yamaze kuja kwubaka urwiwe hanyuma akaba ata ngorane afise mu rugo, ntiyogaruka kwa se kwagaganya basazawe. Ariko, igihe yoba yaragiye kwubaka hanyuma urugo ru-kamugora, hanyuma akagaruka iyo yavutse, canke naho iyo bishi-tse umukobwa akavyarira iwabo, basazawe botegerezwa kumuha itongo rizomubeshaho. Igihe rero abo basazawe batobigira, boba barenze amabwirizwa”. Uwundi na we yongerako ati: “Igihe uwo mukobwa yagize ivyago akabwirizwa kugaruka kwa se, basazawe batamwubahirije yoheza agaca yitura ubutungane, na kare ivyo vyamye uko”.  

            Ikindi kintu abakenyezi bo mu gihugu hagati bashingirako ni iki cerekeye amatongo asanzwe ari mato. Bati nk’ubu umuvyeyi asohoye abana biwe, akaba asanzwe afise agatongo gato, umuko-bwa ntiyoca agaruka kugunda musazawe kandi na we asanzwe ada-kwije. Uwo mukobwa yogenda kwubaka urwiwe hanyuma akagu-mya iryo tongo asanganye umugabo wiwe. Bitari uko, kwoba ari ukuniga umuryango wa musazawe.

            Uwundi murwi w’abakenyezi b’abirimizi usaba ko nimba abo bakenyezi b’incabwenge harimwo n’abo baheruka gutora babi-shoboye, nibatorere inyishu ico kibazo ku buryo atawe kigaruka

gutera ingorane mu kubaho kwiwe. Umve uwu ivyo yavuze: “ Abo benyezi duherutse kwitorera ntitwobatorera na bo nyene amanani-za, ariko nimba babishobora, ico kibazo nibagitorere umuti, ariko ntibahirahire ngo bafate ingingo itugirira nabi kuko twohava tuvuga duti noneho bamwe twitorera baraturyanishije. Ico tubasavye, niba-dutunganirize igihe bigoranye, canke bazitire turaronerwa. Binani-ranye naho, batureke uko twahora tumeze, tugume mu mutekano, na kare twari dusanzwe tuvukana”.

            N’urwaruka rukiri ruto ntirubona kumwe ico kibazo co gu-torana ku bana b’abigeme. Hari umwigeme avuga ati: “Jewe ico ki-bazo nta co ntahura.” Uwundi musore na we ati: “Jewe nitwaza ha-si na mushikanje, nanje nzotegerezwa gutwara umukobwa yagije hasi na musazawe kugira kirya kibanza nahaye mushikanje ndaki-garurire ku ruhande rw’umugore wanje. Bitaboye uko, ibintu vyoba bikigoye kurusha mbere uko vyahora”.

            Igihe naho mu muryango havutse abakobwa gusa, urwo ru-go rurakengerwa gushika naho hari n’ab’inyuma y’umuryango ba-shaka kuza kwigarurira uwu muryango bibaza ngo nta bazoza guto-rana ayo matongo bamaze kuja mu zabo. Muri ico gihe, abo bako-bwa ntawobakumira ngo babafate nk’uko atari abana nk’abahungu; boca bagabura kakaza hasi, hanyuma bo nyene bakazomenya ico bazokoresha ayo matongo. Kuri iki kibazo nyene, hari n’abakenye-zi bari mu mirwi y’abaciye ku ntebe y’ishure bafise ico bavyiyu-mvirako.  

Uko mbona ikibazo co gutorana kw’umwana w’umukobwa mu Burundi (Tw. Spès Caritas)

            Umushingantahe w’i Ngozi Prime NAKABAHIZI ati:  « Twoba turiko turashimangira ko basaza b’umugore bama bariko baraburana na baramu babo igihe twokwemeza ko abakenyezi ba-

torana iwabo». Umupfasoni Roza KARIRE wo muri komine ya Ruhororo mu Ntara ya Ngozi nawe avuga ati: « Jewe ndakunda basaza banje cane, naho iryo tegeko ryojaho sinoja kubagora ngo tugabure ».

            Umuntu yihweje neza aba bantu babiri asanga hari ivyo ba-tandukaniyeko n’ivyo bahurirako. Ica mbere ni uko batandukaniye ku bitsina vyabo, ubwa kabiri basa n’abavuze bimwe na ho vyavu-zwe mu ntumbero zitandukanye. Iciyumviro nyamukuru ni uguha-kana ugutorana kw’umwana w’umukobwa. Umugabo ahakana iryo bwirizwa ryo gutorana kuko ryoryanisha abatotegerejwe kuryana. Umugore na we akareka gukurikiza iryo bwirizwa kubera urukundo afitiye basazawe. None iciza kiri muri iryo tegeko ryo gutorana kw’umwana w’umukobwa ni ikihe ku murundi wese no ku Burundi bwose?

            Vyose bitangurira hasi mu mibano. Umusore afatana n’i-nkumi bakagira umuryango. Naho kwubakana bifise amategeko abigenga aha mu gihugu cacu, hariho n’inkurikizi zirengeye ayo mategeko. Nk’akarorero. Ingene abana baba ab’ibuse ntibabe ab’ibunyina ; ingene ikwano zitangwa iwabo w’umukobwa ntizi-tangwe iwabo w’umugabo kandi bategerezwa kuvuga imiryango bavamwo abo bagira bubakane kandi ivyo birafasha cane kugira babane. Abana rero abo bubakanye bazibaruka baca bakurikirana ibuse ari naco gituma iyo umukenyezi yahukanye kaba gake abana biwe bagabura itongo n’abo kwa inarume kuko ngo banka kuvanga imiryango. Igihe rero abo bana batandikishijwe igihe bavuka, bazo-ba abande ? Bazotorana kwa nde atari ugupfa bayenzera nk’umufa wo ku rujo ?

            Niho rero abakenyezi bibaza bati : « Iyaba twatorana nka basaza bacu, bitugoye mu rugo, twobura tukamuhebera ako gatogo kacu ». Ariko rero, n’abakenyezi twokwikubita agashi tukaraba igituma abana twavyaye tutabandikisha mu bitabu vyabigenewe !

            Hari abavuga ngo umwana yandikishwa na se gusa. None se abaye ikigaba nyina ntiyomwandikisha ? Nimba se atemera uwo mwana, mu mategeko nyina aramwandikisha kuri se atazwi, uwo mwana ntaho azotorana. Uwo mwana azorindira akure kugira yironderere se kandi amabwirizwa arafise ico ayavugako.

            Ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye ivy’ amategeko ba-ravuga ko Reta ifise igikorwa co kuraba ingene itegeko ritegekanya ingene abakenyezi botorana ryoshirwa mu ngiro kugira agateka k’abakenyezi kagarukirwe.

            Twihweje mu mico n’imigenzo y’Uburundi, abakenyezi nti-batorana abavyeyi babo kandi ntibatorana abagabo babo. None bo-ba bafise iki cobafasha mu buzima bwabo ? Ni ukuvuga ko bibagi-we canke barenganijwe ? Abategerezwa gutorana ibisigi vy’uwa-pfuye ni abo baba bafitaniye ubucuti n’umugabo nk’abana biwe, abo akomokamwo b’igitsina gabo, abavyeyi b’uwapfuye, abo bavu-kana n’uwapfuye b’ibigitsina gabo n’abana babo, ba sewabo. Muri make, ni abo akomokamwo bose b’i buse. None wa mugore nawe, abaye uwa nde ?

            Mu bisanzwe, umwana w’umukobwa yategerezwa gutorana abavyeyi biwe nka basazawe. N’ibwirizwanshingiro rirategekanya ko ata gukumira umuntu n’umwe nk’uko umushingamateka Christine NTAGWIRUMUGARA abivuga. Umupfasoni NDIRO-NKEYE Spès akora mw’Ishirahawe ry’Abize amategeko avuga ko abakenyezi bahohotewe cane. Naho Reta igira inguvu zose ngo iga-rukire agateka k’abakenyezi, ikibazo cabo kiracari kinini kuko ivu-ga ko itegeko rijanye n’ugutorana rizorinda gutorwa n’abanyagihu-gu bose, ni ukuvuga ko Reta izobanza kwumviriza ico abakenyezi

bo hagati mu gihugu babivugako kandi ayandi mategeko itarinda kuyacisha muri ubwo buryo.     

            Turavye ingene ibintu bimeze ubu, abakenyezi bavuze ivyo gutorana, umengo isi ica yaga, ukamengo abakenyezi ni bo boca bayimara. Igihe cose umengo amakosa aca arwa ku bakenyezi. Ukudatorana kw’abakenyezi bigaca biba nk’igihano kuri bo. Ubu hoho bitwaza ngo harongeyeko n’abahunguka barondera ko boro-nka na bo amatongo, ngo kugira abakenyezi batorane, kwoba ari ugusongera isibe. Ariko Abarundi baraciye umugani bati: “Duke dukehanira abankana”. Bigasongerwa isibe n’abo b’aho haruguru mu gihugu hagati bavuga ngo bogora basaza babo mu kugabura, hanyuma imanza z’amatongo zikongerekana. Duciye dusubiza amaso inyuma tukaraba ivyerekeye agateka ka zina muntu, iryo vangura ntaho ryakabonetse nk’uko  umushingamanza Vincent NDIKUMASABO abisigura.

            Amategeko yacu hari aho agera akivuguruza. Amategeko avuga ko abantu bose bangana imbere y’amategeko. Ni kuki ashi-mangira cane ko umuhungu ari we atorana aho avuka? Ni ukuvuga ko umukobwa aba yakumiriwe? Vyongeye, twoca tuvuga ko um-wana w’umukobwa atari kuvuka ko mbona akumirwa cane? Nimba imico n’imigenzo y’Abarundi yamuka kuri basogokuru na basogo-kuruza yahora yubaka igihugu aho hambere, ubwo imico n’imige-nzo yose iracubaka Uburundi bw’uno musi co kimwe no mu misi iheze ? Ko basogokuruza batari bwamenye ivyo vy’amategeko ya-hinyanyuwe n’abantu hisunzwe amategeko kama ku muntu, ubu ntivyohinduka ku neza ya bose? Ubwo ntihageze aho kunywanisha imico n’imigenzo vya kera n’ivy’ubu ku neza ya bose ?

 

 

 Ntatomboye musanzanje yemeye kunsaturira itongo nari ngowe

            Muri ibi bihe, abavyeyi bifise basigaye baraba ico boraga abana babo b’abigeme ari nk’ico itongo, ibibanza vyo kwubaka-mwo inzu ku baba mu bisagara, inzu canke ayandi matungo baba bafise kuko babona neza ko iyo bamaze kwitaba Imana, abo bana b’abakobwa basigara baramererwa nabi. Ni vyo, birazwi ko iyo umwana w’umwigeme bimunaniye kwubaka aza bakamuha ikivi co kurima kwa se na nyina kugira yibesheho, ariko ntivyama vyoro-she.  

            Kenshi na kenshi hari aho basaza b’abakobwa babanza ku-nana ngo nagende iyo yarongowe kandi yaravuyeyo. Birumvikana rero ko uwo mupfasoni aca apfa yangara kandi kumbure se na nyi-na bari abatunzi ataco bari babuze imbere yo kwitaba Imana. Vyo-

ngeye kandi, igihe uwo mupfasoni yaronse ca kivi atakiriho, ico ki-vi kizoca cegukira basaza biwe aho cokwegukiye umwana wiwe yavyaye.  

Dusozere

            « Iryo tegeko tuzoguma turirindiriye ». Uwo ni Umupfasoni yanonosoye ivy’amategeko Supesi NDIRONKEYE abivuga. Ntawovuga ko abasokuru bacu bihenze mu kuvuga ko umukobwa atorana iyo yagiye kuko ico gihe umukobwa yari ajejwe ivyo urugo gusa kandi n’ibintu vyari bikiriho. Vyongeye, n’imitima mibi ntiyari bwongerekane co kimwe n’uno musi turyana tuvukana kandi dupfa ubusa. Ubu ayo matongo ntayakiriho ari co gituma atera ingorane.

            Abaguma bumiye ku mico n’imigenzo ya kera itorohereza abantu ni bo bakumira umwana w’umukobwa. Ya matongo atera ahera kandi na bo nyene bazoteba babura n’ayo bagabangana, ari co gituma bokwimenyereza gusabikanya duke tukiriho maze bagume bafatanye mu nda.

            Ku banyagihugu bo hagati mu gihugu, boreka gufatira gusa kw’itongo mu bijanye no gutorana kw’abana b’abigeme. Nibafate ko umwana w’umukobwa ari umwana nk’umuhungu kandi bose basangiye bimwe.

            Ni vyiza ko Reta yotangura gutegura abantu mu kubasigu-rira ibijanye n’ukungana kw’ibitsina vy’abana bavuka mu gushinga nk’itegeko rivuga riti : « Kuva muri uyu mwaka (…), guhera ku ba-

na bafise imyaka iyi (…) n’abazovuka mu myaka ikurikira, abavye-yi bazokwama babagaburira ku rugero rungana ivyo bazoba batu-nze. Gurtyo, na rya bwiriza ryoca rijako umukono ritarinze gusubi-

ra mu gihugu hagati kuko bigumye uku biri, kwoba ari kwa gukwe-ga umuriro mu bonse rimwe.

            Abavyeyi na bo nibatangure kwumva ko umwana w’umu-kobwa ari co kimwe n’umwana w’umuhungu igihe co kubagaburira ivyo batunze.

            Reta irafise uruhara rwo guhindura imico n’imigenzo ishaje mu ntumbero yo kuyisubiriza n’iyindi mishasha yubahiriza zina kiremwa muntu wese.

Vyegeranijwe na

NTAHONSHIKIYE Placide

 

 

 

 

 

ABAKENYEZI BAGIYE GUSERUKIRA ABANDI BAKENYEZI GUTE ?

 Mu bihugu vyose vyo kw’isi, demokarasi yatumye abake-nyezi na bo baserukirwa mu kurongora abandi kugira na bo bagire ico bashikirije kandi cumvirwe, hanyuma ya demokarasi ishinge imizi ata n’umwe akumiriwe. Aha mu gihugu cacu c’Uburundi, iryo terambere ntiryaduciye inyuma kuko mu ntwaro ibereye, aba-nyagihugu biridegemvya, barashikiriza ivyiyumviro vyabo ata bwoba kandi baritorera ababarongora babona ko bazobavugira muri vyose kandi bagashikiriza ivyiyumviro babatumye.

            Ni muri iyo ntumbero rero amategeko ategekanya ingene abakenyezi bashobora kugira uruhara mu vyerekeye kurongora inzego z’igihugu. Ingingo y’ijana na mirongo ibiri n’icenda (129) y’Ibwirizwa Shingiro ivuga ingene abagize Reta bashirwaho, ira-vuga ko n’imiburiburi ibice mirongo itatu kw’ijana (30%) baba ari abakenyezi. Ingingo y’ijana n’umunani y’Igitabu kigenga amatora ivuga ko mu bashingamateka batorwa, n’imiburiburi mirongo itatu kw’ijana (30%) baba ari abakenyezi. Muri iryo tegeko nyene, ingi-ngo y’ijana na mirongo ine n’imwe (141) iraba itorwa ry’abakengu-zamateka ivuga ko n’imiburiburi ibice mirongo itatu kw’ijana (30%) baba ari abakenyezi. Muri aya matora, ivyo biharuro vyaru-bahirijwe, mbere n’ukubirenza barabirenza kuko bavuga ko abake-nyezi boba botowe ku bice 42%. Abakenyezi rero ntabagikumiriwe nk’uko vyahora mu myaka iheze. None abo bakenyezi bagiye gu-kora iki vy’ukuri muri uko guserukira abandi bakenyezi ?

Akamaro k’abakenyezi bitoje mu nzego ni akahe ?

            Mu bisanzwe, abakenyezi batowe bategerezwa kwigisha abakenyezi bagenzi babo gutinyuka,  bakubahuka kugira ico bashi-

kirije aho bari hose, bakareka kwikumira. Abakenyezi ntibikengere ngo babone ko ata co boshikako, ahubwo bagwize gushikiriza ivyi-yumviro vyabo n’ibiri ku mutima kugira bisununure, kandi ata n’umwe asigaye inyuma.

            Mu misi iheze, abagore bagikumirwa, ntibashobora kwitoza, ndetse nta n’ubureganzira bari bafise bwo gutora mu bihugu bimwe bimwe vyo kw’isi. Ubu biriko biraza. Ariko rero, abakenyezi twisubireko natwe nyene ubwacu kuko turafise uruhara mw’ikumirwa ryacu. Umuntu yokwibaza igituma abakenyezi badashobora kwumvikana ngo tureke gusanzaza amajwi yacu igihe c’amatora, hanyuma tugatora umukenyezi tubonye ko adufitiye akamaro. Umuntu none yovuga ko koba ari agashari abakenyezi dusanganywe hagati yacu canke kwoba ari ukutamenya ?

            Ico rero ni ikibazo natwe abakenyezi dukwiye kwicarira tu-gatorera inyishu. Kuko n’iyo hagize umukenyezi ahaguruka ngo arashinze umugambwe canke adugije ijwi muri ibi vya poritike, abakenyezi nka we ntibamushigikira. None ni kuki ? N’aba bake-nyezi tuvuga ngo baraduserukira, ni abashizweho n’abagabo babi-cishije mu migambwe yabo. N’ico ni ikindi kibazo gisaba ivyirwa birerebire kugira gitorerwe umuti. Hari abibaza ko abakenyezi bati-nya gutora bagenzi babo canke kwinjira cane mu vya poritike kuko bohava bihatira gusumba ibijanye na poritike gusa bakibagira ivyo bategerezwa kurangura mu miryango yabo.

            Abakenyezi baserukira abandi barakwiye kumenya no kwi-gisha bagenzi babo ko ubuzima ari magiriranire muri vyose. Kurya bafashanya n’abagabo muri vyose, bofashanya no gufata ingingo za poritike kugira bagire ico bashikirije ku neza ya bose. Ivyo rero bi-raheza bigatuma demokarasi itera imbere kuko ata n’umwe asigaye inyuma, haba mu kwiyumvira ibiteza imbere bose no mu kubishira

mu ngiro. Bigenze uko, abantu bose bokwiyumva  ko bafise ico bamariye igihugu cabibarutse.

            Mu bihugu bitaratera imbere, dusanga abantu batowe ume-ngo bironkeye iriba ridakama ryo kuvomamwo ubuzima bwo ku-baho neza. Twihweje rero ico abakenyezi batowe hano iwacu ba-giye kurangura, turakekereza ko ata kintu kinini bazomarira bage-nzi babo. Ivyo tubivuga turavye ingene abo bakenyezi bashirwaho (batorwa) kuko usanga bari ku ntonde z’imigambwe baserukira. Mu kwubaka izo ntonde, kenshi na kenshi ntibaraba uwoba yomari-ra ikintu kinini abakenyezi bagenzi we, baraba uwoba akorera umu-gambwe gusumba abandi kandi afise n’umuntu ari imbere muri uwo mugambwe amuvugira kugira aronke ico kibanza. 

Twebwe abakenyezi dukeneye n’abaduserukira no mw’iteramber

            Biragaragara rero ko abanyagihugu ari bo baba bazi kandi babona umukenyezi akwiye gushingwa amabanga mu nzego ndo-ngozi kuko hari ico azobamarira. Abo ni bo usanga ari bo bigijwe inyuma. Mu matora y’abarongora amakomine aherutse, twarumvise amakomine amwe amwe yanse ko arongorwa n’abakenyezi bari ba-bahaye kuko babona ko kumbure abo bakenyezi batoyashikana kw’iterambere bipfuza. Erega ntagupfa kuyorora ngo ni uko ari umukenyezi. Baravuga ngo nta we vyananiye gutwara, ariko ugu-twara na vyo nyene ntivyagenewe bose, na cane cane igihe umuntu yoba ashaka kugira ico amariye abandi.

            Kubera rero uko kuntu abo bakenyezi baja muri izo nzego, duca dusanga bidashoboka ko bafasha bagenzi babo gutera imbere nk’uko bavyipfuza kuko babanza kunezereza ubwa mbere imiga-mbwe yabashizeho. Vyongeye kandi, aba bakenyezi bategerezwa kurangura imigambi yategekanijwe n’umugambwe watsinze ama-tora kuko ntitwigeze twumva abo bakenyezi batubarira imigambi yabo bagiye gushira imbere. Ivyo rero ni ikimenyetso ko ibihugu vyacu bitaratera imbere no muri demokarasiya kuko aho bamaze gutera imbere uwatowe avugira abamwizeye bakamutora.

Dusozere

            Ntawohakana ko intwaro rusangi itera ishinga imizi mu Bu-rundi. Ariko, haracakenewe vyinshi vyotuma iba demokarasi y’u-kuri kandi inezereza bose. Harageze ko uwo wese ashaka guseru-kira abandi, naho yoba ari mu mugambwe, ashira ahabona ico agi-ye gukorera abanyagihugu bazomwizera bakamutora kugira tuve muri ibi bintu vy’ikivunga. Ni naho tworonka ingene tumushima canke tukamugayira.

            Abakenyezi bagiye guserukira abandi, ntibaryame umuko-ndorazosi. Nibatore uburyo boshinga umurwi bama bahuriramwo

kugira barabire hamwe icokorwa n’ingene corangurwa ku neza y’a-bakenyezi bene wabo bitwa ko ari bo bavugira ubwa mbere; gurtyo ni ho bazoba babaserukiye vy’ukuri. Uwo murwi ntiwogira intu-mbero nk’ishirahamwe ridaharanira inyungu za poritike, woba umurwi ukorera abandi kuko turamaze kubona ko hari abashinga ayo mashirahamwe bashaka kwikwegerako gusa.

            Abakenyezi bato bato natwe, harya ku mitumba iwacu, na twe nyene turakwiye gutora urwego rw’abakenyezi boza baributsa abo bakenyezi bari imbere igikwiye botuvugira kandi bakagishira mu ngiro.

            Abagore n’abagabo nyene baserukira abandi, bokwama bunganiranira mu bibazo vyose bibahanze n’ibihanze Abarundi bose ata gutererana ibibazo ngo ibi ni ivy’abagore, ibi na vyo ni ivy’abagabo.

 

 

BOSHOBORA KUTUBERA AKARORERO KEZA NATWE

 Urugamba abakenyezi b’Abarundikazi bariko bararwana rwatanguye kera, haba aha iwacu canke mu bindi bihugu bimaze gutera imbere. Abakenyezi batari bake barabereye imboneza aba-ndi. Ubwo none, abo bakenyezi ntibobera ishingiro Abarundikazi mu vyo bariko baraharanira?  

A. Abakenyezi b’imboneza muri Bibiriya

            Abakenyezi bose bavurwa muri Bibiya sibo tugira dushingi-reko, dushingira kuri abo bagize uruhara runini mu bijanye n’uku-rongora igihugu c’Imana. Abakoze vyinshi mu vy’ukwemera, si bo dushingirako cane muri aka kanya.

1.  Rahab ni umupfasoni yakoze igikorwa gihambaye igihe Yosuwe yariko ararwana intambara ashaka kujabukana Abanyisarayeri mu gihugu ca Kanahani. Yosuwe amaze kurungika abasumyi b’urusa-ku i Yeriko, uwo mugore ni we yabanyegeje kuko umwami waho yariko arabarondera ngo abagirire nabi. Mu nyuma, Rahabu yara-savye abo Banyisarayeri ko bokingira abiwe n’imiryango yabo igi-he bazozira gutikiza ico gisagara. Rahabu ni we yafashije abo basu-myi b’urusaku guhunga ico gisagara arabereka n’ingene bokora ku-gira ngo barwanye abasoda bo mu gihugu ca Kanahani ( Yosuwe 6: 17,25). Kuva ubwo uwo mugore yaciye aba rurangiranwa.

2. Debora ni umupfasoni w’akamarampaka. Aho Yosuwe apfiriye, igihugu ca Isarayeri caciye kirongorwa n’abacamanza. Muri bo, Debora yarimwo kandi yarakoze ibikora inka n’abagabo batinya, na cane cane mu kurwanira igihugu. Amaze kunesha Barake, Debora yaciye atangura kuririmbira Imana ayitazira. Vyongeye kandi, Debora ni we yaciye atuma abakenyezi bashobora kuririmbira Imana mw’ishengero rikoranye.

3. Umwamikazi w’i Saba yari umutware abushitse mu gihugu ciwe, kandi iyaba umwami yari akiriho ico gihe, uwo mwamikazi yari kuba umwizigirwa, mbere ni we yari kwama arungikwa kugendere-za no mu zindi ntara umwami yari kuba afitiye amakenga. Ni uku-vuga ko yari kuba umwizigirwa w’umwami kubera ubutwari bwi-we.

4. Esther yarubahutse kunyegeza ubwoko bwiwe igihe kitari gito kugira ashobore gukiza abantu bo mu bwoko bwiwe. Mu nyuma, yaruhiye kubivuga, hanyuma aratabara abantu bo mu bwoko bwiwe bari bagiye guhona. Uwo mupfasoni nta bushobozi burengeje yari afise ibwami kuko yarinda gusaba umubonano udasanzwe nk’aba-ndi kugira abonane n’abatwara igihugu, ariko yarashoboye gutaba-ra abari bageramiwe n’urupfu.

B. Abakenyezi b’imboneza mu buzima busanzwe no muri poritike

1.  Nefertite (1370-1333/34) yari umwamikazi w’umwami wanyu-ma yatwara igihugu ca Misiri ya kera. Uwo mwamikazi yaragize uruhara runini mu buzima bw’igihugu, haba mu vya poritike canke mu vyo gusenga, kuko hari ibintu vyinshi umwami yari yabujije abanyagihugu.

2. Kirisina w’i Pizan yavutse mu mwaka w’1364, yitaba Imana mu mwaka w’1430. Amavuko yiwe ni mu gihugu c’Ubutariyano ahi-twa i Venesiya. Yari incabwenye mu vyirwa vya firozofiya hamwe no kwandika ivyese. Kirisina ni we yabaye umupfasoni wa mbere w’umwanditsi w’ibitabu mu gihugu c’ubufaransa. Naho yari umu-pfakazi w’umukene, yarashoboye kubaho kubera udufaranga yaku-ra mu vyo yandika akagurisha. Yaranditse vyinshi mu bijanye n’i-vyo yize bijanye na poritike hamwe no mu vyese bifasha igihugu gutera imbere.

3. Jeanne d’Arc ni igicocoro c’Abafaransa. Uwo mupfasoni yararo-ngoye ingabo z’Abafaransa ku rugamba igihe barwana n’Abonge-reza mu kinjana ca 15. Yarakoze n’ibindi vyiza vyinshi vy’intiba-girwa. Jeanne d’Arc yahavuye afatwa, aca aragurishwa ku basoba b’Abongereza, hanyuma baramucira urubanza rwo ku mwica ba-muturiye. Ariko mu nyuma barasubiyemwo urubanza basanga ba-ramurenganije, ari co gituma baciye bamushira mu murwi w’aba-maratiri, hanyuma bamushira mu murwi w’aberanda.

4. Marie de Gournay yabaye umukenyezi wa mbere asaba ukunga-na kw’abagabo n’abagore hamwe n’ukwiga kw’abana b’igitsina-gore. Igihe ikibazo c’ukungana kw’abakenyezi n’abagabo cavuka, uwo mukenyezi yarihagararako akubahuka kuvugira abakenyezi muri ivyo biganiro. Yaremeza ko umuntu w’igitsina-gore atari muto umugereranije n’umuntu w’igitsina- gabo. Yavuga ko umu-gore aba muto kuko atashoboye kuja mw’ishure nk’abagabo.

C. Abakenyezi b’imboneza mu Burundi 

            Wogira ngo abo bakenyezi b’imboneza ntabariho kuko ba-tavugwa. Abagabo ni bo bavurwa cane. N’abakenyezi bahayagizwa uno musi, ni uko ari vyo bihe tugezemwo, si bo ba mbere muri ka-hise k’Uburundi. Mu kinyanyakuru IWACU, inomero idasanzwe y’umwaka w’2010 yitiriwe abantu mirongo itanu batuma Uburundi butera imbere, hariwo abakenyezi umunani gusa ari bo b’aba duhe-reye ku wa mbere bahereyeko kwandika :

 

            Alice NZOMUKUNDA (yatanze imihoho ava ku ntebe y’i-cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu), Jeane GAPIYA (Asemere-ra avugira abagendana umugera wa sida), Maragarita BARANCI-RA arongoye Ikigo Shalom co mu Ruyigi cakiriye impfuvyi mu gihe c’indwano iheruka guhekura Uburundi), KAZOVIYO Gertrude (incambwenge ku rwego rwa kaminuza yitaho cane

ibijanye n’agateka ka zina muntu kandi adatinya kuvuga ikiri ku mutima), INAMAHORO Chantal (yamenyekanye mu gutunganya amahiganwa y’abakobwa beza beza mu Burundi bita « Miss Buru-ndi »), UWINYOTA Riziki (umuririmvyi afise ijwi rirongorotse kurusha abandi aha iwacu), Lydia NSEKERA (Umupfasoni wa mbere mu barongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bu-rundi). Abasomye ico kinyamakuru bavuga ko batihenze. Ariko ivy’ari vyo vyose, hariho n’abandi, na cane cane ba hariya mu gi-hugu hagati, ni uko batararonka akaryo ko kuja ahabona ngo tuba-menye.

            Intumbero yacu muri aka kanya, ni ukuraba abakenyezi b’Abarundikazi bakoze bigashimwa kandi bashobora kubera aka-rorero abandi bakenyezi b’Abarundikazi muri uru rugamba rwabo ryo guharanira agateka kabo n’ak’igihugu.

C.1. Abakenyezi birengagijwe mu buzima bw’igihugu

            Abo bakenyezi ni abo gufatirako akarorero, na cane cane umukenyezi wese yumva ko agomba guharanira agateka k’Umu-rundikazi n’umurundi wese. Bishobotse kandi, abo bakenyezi bagi-ye ku butegetsi, botegura ivyirwa vyo kunonosora neza ivy’abo ba-kenyezi b’intwari zirengagijwe n’intwaro zagiye zirakurikirana ku-ko abo bakenyezi boba bafatwa nk’uko batobera akarorero abandi. Hari ababagereranya na INAKIGUNU na INARUNYONGA baci-yeko umugani ariko baratandukanye kure n’iyo. Ntihokorwa ivyi-rwa gusa, n’ivyibutso vyokwubakwa kugira ngo bahe agateka umu-kenyezi. Muri bo, hari : Umwamikazi RIRIKUMUTINA NA INA-MUJANDI.

1. Umugabekazi RIRIKUMUTIMA : umugore yarongoye Uburundi ubwa mbere

 

 

Mu bagore b’umwami MWEZI GISABO (1850-1908), RIRIKU-MURIMA ni we yari inkundwakazi kandi ni we yari umufasha wiwe no mu bijanye no kuro-ngora igihugu. Mu bart-yoza uwo mugabekazi, hasi abamufata nk’u-mwicanyi, ariko abe-nshi bahayagiza ubu-twari bwiwe mu kuvuga ko yari umugore atari niryo, umugore yafata ingingo, umugore yarinda muri vyose kandi yari umugwanyi koko.

            Umwami maze gushengera, haradutse uruhagarara rufatiye ku musubirizi w’umwami. Ivyo vyaratumye inama y’inararibonye z’ibwami batabona neza ingene bobika. Mu mico n’imigenzo y’Ikirundi, umwami ashengeye yasubirirwa, n’umuhungu wiwe samurarwa na we yari Mutaga Mbikije yari afise imyaka 15 gusa. Umugabekazi RIRIKUMUTIMA yaciye afatira aho nyene, arabamba kugira abe ari we nyene arongora igihugu mu kurindira ko uwo muhungu akura.

            Abakuru b’inama y’inararibonye babonye ko ari agasuzugu-ro ku bagabo ku kubona hatwara umugore abagabo bariho, baca bo-mekereza RIRIKUMUTIMA umuntu yomufasha gutwara (icegera ciwe), na we ni umutware yitwa NTARUGERA. N’umukuru w’a-

bazungu yatwara ako karere yitwa Petero Rikimansi yarabigize-mwo uruhara runini kugira bagwanye RIRIKUMUTIMA. Naho ba-takoranye neza na NTARUGERA, umugabekazi RIRIKUMUTI-MA yaratwaye Uburundi imyaka itatu yose kandi yarerekanye ko n’umukenyezi ashoboye kurongora igihugu.

2. INAMUJANDI, inararibonye y’abatanguje umurwi urwana mu Burundi

            Abaruka ubu bumva nk’umugani izina rya INAMUJANDI. Abazi INAMUJANDI bavuga ko yari umupfumukazi kandi bamu-tazira RUHIGI ahigana umwami na NYENIMANA, kandi ngo ho-ba hariho n’ayandi mazina bamutazira. Abasesangura akahise k’U-burundi, bavuga ko mu batanguye kurwanira intahe yo kwikukira RWAGASORE atari we sekuru wa bose muri urwo rugamba, ahu-bwo ari Poro MIREREKANO. Abandi nabo bakemeza ko na MI-REREKANO atari we yatanguje urwo rugamba, uwa mbere yata-nguje urugamba rwo kwikukira ari umupfasoni yitwa INAMUJA-NDI.

            Mu mwaka w’1922, uwo mupfasoni niho yatanguye kwere-kana ico umukenyezi, w’Umurundikazi ashoboye. Muri uwo mwa-ka, INAMUJANDI ni we Murundikazi wa mbere yubahutse guha-ngara umutegetsi w’umuzungu n’abari bamushigikiye bacura bufu-ni na buhoro Umurundi gushika n’aho atanguza umurwi ubarwa-nya. Vyose vyatanguye igihe abazungu basuzugura umwami MUTAGA MBIKIJE yari amaze imyaka mirongo ibiri n’itanu gusa y’amavuka. Abazungu rero ntibamwerekwa, bipfuza ko umuganwa BARANYANKA yoba, ari we atwara igihugu. Umugangwa BA-RANYANKA yaciye atangura guha abavyeyi biwe n’abo yishakiye intara barongora mu zo yari arongoye, harimwo n’intara ya Ndora iri muri ntara ya CBITOKE y’ubu INAMUJANDI yabamwo. Yaro-ngorwa na mwene wabo wa BARANYANKA yitwa BACINONI.

INAMUJANDI vyaramurengeye kubona abanyamahanga baza ba-twara abantu babacuritse mu gihugu camye kirangwa n’imico n’i-migenzo Abarundi bose bubaha.

            Barongowe na INAMUJANDI, abanyagihugu bo mu makomine ashika atandatu hamwe n’ivyegera vy’abatware cumi n’umunani baragararije abazungu na BACINONI. Abaganwa bari ku butegetsi hamwe n’abazungu, naho bagerageje kumutesha mu kumurwanya, barananiwe kuko baratsinzwe, ariko bagiye kumufata baratevye. Inyuma yiwe, igihugu cagiye kiragira ingorane. Uyu mupfasoni yaratangaje abantu benshi harimwo n’Abazungu.

3. Abandi bakenyezi b’Abarundikazi bobera akarorero abandi

            Muri abo bakenyezi, twokwibuka uwitwa Siliviya KINIGI yabaye umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Melchior NDA-DADAYE. Uwo mukuru w’igihugu amaze kugandagurwa, KINIGI yaranse gukorana n’abari bahejeje gutembagaza ubutegetsi. Hari n’akajambo yakunda kwishura abo bagizi ba nabi tumwibukirako: “Ntaco tuvugana”. Vyongeye kandi, ukwo kwihagararako kwiwe mu bihe bigoye vyaramuhesheje icubahiro gikwiye c’ukuba umu-pfasoni w’ijunja bugingo hari abandi bagabo vyananiye, na cane cane inyuma n’imbere z’intwaro zagiye zirahaca.

            Hari abakenyezi n’abigeme bagwanye muri iyi mirwi ya-rwana kandi twari tuzi ko igisoda cahebewe abagabo gusa. Kuja rero mw’ishamba uri umwigeme, ugafata ibirwanisho kugira uha-buze ico wita agateka kawe n’ak’abarenganijwe, si ijunja rito. Iki-babaje ni uko, n’uno musi, abo bakenyezi batibukwa ko babaye imboneza ziserukira abandi mbere bamwe bakahasiga ubuzima, abandi na bo bakaba ibimuga. Umukenyezi nk’uwo rero arashobora no gufasha mu bindi bintu bihambaye kuruta aho.

Aho twabivomye

  1. J.Perraudin, Histoire sociale de l’Afrique de l’Est (XIXe – Xxe siecle), Karthala, Département d’Histoire de l’Univrsité du Burundi,1991, p.197-198 ;
  2. http://www.eudmtl.org/ntlight/nl11200504.htm
  3. http://churchwomen.tripod.com/a/bmcnair.htm

 

 

IVYO BIRASHOBOKA?

 Abana babiri bavukana, umwe yitwa CIMPAYE uwundi akitwa NTACOTUVUGANA, se yabaguriye imbombo. Abimenye ubwa mbere, CIMPAYE aca agenda ariruka kurondera NTACOTUVU-GANA n’akanyamuneza kenshi ati: “Urazi ga NTACO, dawe ya-tuguriye imbombo umunani ngo dusangire. Umwe zitatu, uwundi zitanu!” “Ivyo birashoboka?” Uwo ni NTACOTUVUGANA. Ivyo rero ntumbaze, hasihaye aho iwawe, jewe zitanu zanje nza nazi-fise”. 

Marie Goreth NDAYARINZE,

HI, HI,…HA, HA,HA,… Tujajure…, Bujumbura, Myandagaro 2007

 

 

 

INYISHU Y’IKIBAZO CO MU GATABU N° 38

  


Uwuhunga urwimo arwima ururimi 

Sigura utange n’uturorero

 

Umwihwezo w’ikibazo

            Abarundi barayamaze bati: « Ururimi rwosha uwundi ». Si rimwe si kabiri twumva bavuga ibintu vyinshi ku rurimi mu mico y’Ikirundi. Ururimi ni igihimba gifise akamaro kanini ku muntu no mu mibano y’abantu. Ururimi rurashobora gutuma umuntu apfa ca-nke agakira bivanye n’uko nyene rwo arukuye mu kanwa akavuga ibinezereza canke ibishavuza abantu. Ururimi ni rwiza kandi ni ru-bi, ariko umuntu arafise uruhara runini kandi rukomeye ku rurimi rwiwe kuko ategerezwa kugaba akaruvugisha ivyo yabanje kwiyu-mvira kugira ivyo avuga bimugirire akamaro, we ubwiwe n’abandi.

            Hariho rero ibintu vyinshi umuntu yihorera kubera abona ko aramutse abivuze vyokwica vyinshi gusumba ivyo yashaka gukiza. Ngira ni naco co gituma abakurambere baduciriye uyu mwibitsa ngo: “Uwuhunga urwimo arwima ururimi ». None uwo mwibutsa mugufi woba usigura iki?  

1. Uwuhunga urwimo

            Uwuhunga ni ukuvuga umuntu ahunga ikintu kigomba ku-mugirira nabi. Iyo ubonye ikintu kibi kikwegereje, mbere gishobora no kubangamira ubuzima bwawe, urahunga. Uguhunga ni ukuva aho wari uri ubona ko hataguhumuriza, ukagenda ahandi wiyumva-mwo ko umutekano wawe wubahirijwe, ubona kandi ko ico kintu kitahashika. Ibintu abantu bahunga ni vyinshi. Barahunga ivyo vyo-se vyobangamira ubuzima bwabo. Hari abahunga inzara, ibikoko, ingwara, umwuzure w’amazi, izuba, intambara igihe ari mu rwimo, n’ibindi. Hari n’abahunga umuntu nkawe agomba kukugirira nabi. Uburyo bwo guhunga ivyo vyose si bumwe. Kuri kimwe cose, ha-riho uburyo ukoresha mu guhunga ico kintu kikubangamiye.

2. Ububi bw’urwimo   

            Urwimo ni rubi ku buryo bwose. Uba  warubatse uburararo bwawe rukagusamburira, ukaba waravyaye rukaguhekura, ukaba warubatse rukagupfakaza, aho rero ni igihe rutaguhitanye canke ngo ruhitane abawe. Aho urwimo rwaciye nta rukundo, nta mubano w’ubuntu uharangwa, eka nta n’iterambere riharangwa. Usanga abantu barabaye ba ntahonikora, kandi ata kindi kintu kiharangwa atari ubukene butagira urugero. None ga yemwe uwogira uburyo bwo guhunga mwumva atohunga? Mbe hoho yosabwa ikintu giko-meye, ntiyogitanga kugira ashobore kunyaga amagara ?

3. Uruhara rw’ururimi mu gihe c’urwimo ni uruhe ?

            Mu kirundi baravuga bati : « Ikibira kinini kiturirwa ni akampi kamwe k’ikibiriti ». Ururimi na rwo ni igihimba gitoya mu vyo umuntu afise, ariko gishobora guturira igihugu cose, mu mwanya muto. Ururimi iyo utarukoresheje mu vyiza ruragukoza isoni kuko bamaze kubona ko ata ciza kiva mu kanwa kawe ntawuguha ni rwere. Ni co gituma baca umugani mu kirundi ngo « Ntaguhandwa ku rurimi ikirenge kiriho ». Iyo umuntu yananiwe no kugumya ururimi, urwimo rurashobora kwaduka. Imbere y’uko haduka urwimo hagati y’abantu babiri, mu miryango be no mu gihugu cose, si ibintu vyaduka umusi umwe. Hariho ibintu vyinshi bibanza gushika :

-          Ukutumvika hagati y’abantu babiri canke hagati y’imirwi ibiri y’abantu ;

-          Kwidodomba umwe ari ukwiwe;

-          Gushamirana no guterana amajambo hagati y’abo bantu ba-biri canke hagati y’imirwi ibiri y’abantu;

-          Gufatana mu mazosi, abantu bagatangura kurwana, gusa-mbura ibintu, kwicana, n’ibindi, ari rwo rwimo.

            Mu bisanzwe, iyo abantu babiri batumvikana ku kintu, ivyo biserukira ku rurimi. Ni ukuvuga mu majambo bavugana. Uri hafi y’abo bantu babiri  urashobora kumenya ko bariko baravugana neza canke bariko baravugana nabi. Ikindi kintu kizokwereka ko hari ibigenda nabi, ni igihe uzikwumva ko abo bantu bageze aho bido-domba kandi uko kwidodomba gukoresha ururimi. Igihe n’aho ba-geze ku rugero rwo hejuru, imishamirano iraduka.  Bamaze gusha-mirana, batangura guterana amajambo, bakoresha ururimi. Ururimi ni na rwo rutuma ishavu ryabo riguma ryongerekana gushika n’aho basimbanirako. Ururimi ni na rwo rutuma ishavu ryabo riguma ryo-ngerekana gushika n’aho ibintu n’abantu bitikira. Urwo rwimo rero tubiravye kuva ku ntango, ururimi ni rwo rwa mbere rubigiramwo uruhara runini kuko ni rwo mushinge w’amatati n’ikirwanisho c’u-bugi bukarishe. Ni co gituma rero uwuhunga urwimo arwima uru-rimi.

None umuntu arenganijwe yoca yihorera?

            Oya namba. Twavuze mu ntango ko ururimi ari rwiza kandi ari na rubi, ariko vyose bivana n’umuntu ingene ariko ararukoresha. Iyo ukoresheje ururimi mu vyiza, rukuvyarira ivyiza; iyo naho uru-rimi urukoresheje mu bibi, rukuvyarira ibibi nyene kuko umuntu wese yama yimbura ico yabivye.

            Umuntu mufise ico mupfa, guhora si wo muti. Ahubwo ura-vuga, mugabo ukaraba ivyo uvuga. Ubwo ururimi rukoreshwa mu gutata ni rwo nyene rukoreshwa no mugutatura abatase. Birazwi ko urwimo ari rubi kandi ntawuruha nirwere. Ikintu kibi rero ugomba

ko ububi bwaco buhera, ugishiramwo iciza, ico ciza kikanesha iki-bi. Urwimo rero urwima ururimi kuko ikibi kitavura ikindi. Mu ru-ganda, mu guhoza icuma gishushe ntibagishira mu ziko, ahubwo ugisukako amazi akanye maze kikabona guhora, hanyuma umuntu akabona kugiterura.

            Urwimo rero ko ruva ku bantu babiri canke ku mirwi ibiri y’abantu batumvikana, abo bantu baba barangwa n’amatati gushika n’aho baterana amajambo, bagashuha gushika n’aho abantu bose babura n’umwe yohebera uwundi. Mu bisanzwe iyo hari amatati ukaba ushaka ko bidashika ku rwimo, umwe aje ashushe nawe ura-kanya. Aje yishira hejuru nawe uricisha bugufi kuko muduze heju-ru mwese, muca mutana mu mitwe kandi uw’inguvu nke ni we aha-gwa.  Ariko iyo umuntu ashize imbere ukwumvikana, uwari ashu-she naho yoba yari akomeye mu nguvu, arateba agaturura, kanatsi-nda baca umugani bati : “Ngenzebuhoro yishe intambwe” kandi ngo “Uwuja guhuza ubukombe arabwagaza”.

4. Umuntu yokwima ururimi urwimo gute?

            Abakera barayamaze bati: “Inama isumba ingimba”. Ikintu ca mbere co gishira imbere ni umutima wo gutorera umuti amatati biciye mu biganiro, na kare ngo ni ukurinda ururimi rwawe amaja-mbo yose yotuma uwo mupfa ikintu agira ishavu rirenze, gushika n’aho yanka ko muganira. Ikindi na co ni ukudasubiza umuntu ibi-tutsi yoba yagutanguje, gurtyo na we agatsindwa n’ubuntu bwawe, maze nawe agahindura ingendo. Ikindi ciza ni uguhamagara abashi-ngantahe ngo babumvikanishe aho kurondera kugera ingere ku yi-ndi, kuko abashingantahe mu Burundi bamyeho.

            Umuntu akoresheje ubwo buryo bwose turiko turavuga, ara-shobora gukiza ibintu vyari gupfa mu gihe yari gushira imbere amatati. Umuntu rero arondera urwimo aciye mu kurondera gutata n’uwundi. Umuntu w’ubuntu amwima ururimi, ariko akihutira ku-

mwereka umutima w’ubuntu, w’ubugwaneza n’ubushingantahe. Muri ico gihe, ahari urwanko aba ahashize urukundo, ahari amatati akahashira inama n’ingingo.

5. Uturorero

  1. Hari umuvyeyi yavyaye umwana w’umuhungu maze uwo muhungu akama atera induru mu rugo. Igihe cose atashe, uwo muhungu yashika atukana, agakubita batoyi biwe, aga-tuka se na nyina kugira ngo nibamwishura ace abajamwo abakubite. Ariko bamaze kumenya imigambi igayitse y’uwo muhungu, baramwihoreye. Imisi yose akama ariko arivuga-na ntihagire n’umwe amusubiza ijambo na rimwe, ahubwo bagaca bamugaburira, bakamusasira neza hanyuma bati ingo uruhuke, na we agaca aryama. Uwo muhungu yarate-vye ahava arabona ko ari we ariko arimaramaza kuko gutu-ka uwutagusubiza ni ukwituka. Mu nyuma uwo muhungu yahavuye abiheba kandi aca atangura kuba umwana mwiza nk’abandi. Iyo rero abo abavyeyi biwe bakamera nka we, uwo muryano uba waciye ubacanishamwo, umuriro ukaka maze umuryango ugasigara ari iciro ry’umugani.
  1. Umugabo w’amanyama mu rugo iyo yubakanye n’umugore w’amanyama nkawe, muri urwo rugo, ntawuhebera uwundi kuko muri bo atawihanganira uwundi kandi atawicisha bu-gufi. Urwo rugo rwabo ntirumara kabiri kuko bama mu nduru, n’abana bavyaye ntibakurana ubuntu kuko atawigera agumya ururimi ngo ahebere abandi. Kugira rero urugo ru-gume, umugore amaze kubona ko umugabo wiwe ari n’a-mahane, ntavugira hejuru kugira uwo mugabo wiwe niyaza atera induru abure uwuyakira hanyuma atebe amaramare. Burya ururimi rwoshwa n’urundi. Iyo umuntu yari yiteze ibitutsi akumva impanuro n’ayandi majambo y’uburwaneza,

nawe nyene arumva ko amaramaye hanyuma agahava aga-rukana agatima k’ubuntu.

  1. Mu gihugu cacu c’Uburundi harabaye amatati y’abahutu n’abatutsi, kandi ayo matati yadushikanye kure kuko hara-baye urwimo incuro nyinshi. Akarorero: 1965, 1972, 1933, n’ubu bitarahera neza. Urwo rwimo rwaturutse kuri bose kuko habuze abima abandi ururimi, kandi habura abashobo-ra gukoresha neza urwo rurimi kugira ngo batore umuti w’ayo matati. Abahutu baragiye hejuru bati: “Mwa batutsi mwe mwaraturenganije mu butegetsi, tubise dutware natwe, mwanse duhigure”.

Abatutsi na bo baca baja hejuru bati: “Mwa bahutu mwe nti-muzi gutwara tubise dutware ni twe twize, mwanse duhigu-re”. Ahandi naho ukumva ngo : “Nimwe mwatumaze” aba-ndi bakaja hejuru ngo : “Iyo tutabitanga ni mwe mwagira mutumare ”, gurtyo bakaguma muri ayo majambo mabi ba-terana yahavuye abashikana gushira mu migere ngo barabe ko umuti w’ivyo bibazo woboneka. Bahavuye basanga bari-henze kuko bariko bapfa ubusa. Icavuyemwo twarakibonye. Kugira igihugu gikire, nta kundi vyari kugenda iyo batisubi-rako bose nyene ngo bahagarike ivyo guterana amajambo, amacumu n’insoro.

Guterana amajambo barabihevye, hanyuma bagahitamwo kwemera kwiarana kugira barabire hamwe ingorane nyaku-ru igihugu gifise, bakavugana ukuri ku co bapfa, hanyuma umuhuza akabumviriza, akabahanura, bagashika ku maseze-rano y’amahoro bose bumvikanyeko. N’agahengwe twovu-ga ko dufise ubu ntikavanye n’uko uyu canke urya azi ukwi-kora mu gahogo mu gutata, kavuye mu kwicisha bugufi kw’abari bashamiranye. Ubu  aho Abarundi tugeze, twara-bonye ko gushamirana no guterana amajambo atari vyo bi-

zokiza igihugu cacu. Twaramaze imyaka myinshi turwana, mu misozi y’i Burundi hakayaga amasasu n’amabombe, ariko ivyo aho kutwumvikanisha vyaradutandukanije.  Ari-ko aho Abarundi batanguriye kwiga kwicara hamwe, ibiba-zo vyose vyadutse bigaca mu nama n’ingingo, bikenewe umuhuza akaza, twarabonye ko uwuhunga arwimo urwima ururimi.        

6. Impanuro


            Mu kurangiza, twohanura abarundi bose ko twokwama na ntaryo twirinda kuvuga menshi, tukabanza kwiyumvira ayo tuvuga kuko uririmi ni inkota y’ubugi bubiri. Vyongeye kandi, ico abakurambere bashize mu mugani canke mu mwibutsa mugufi, ntibaba bariko barakina, ni uko baba barakigendereje bakabona ingaruka yaco. Dushira imbere inama n’ingingo, amatati tugira hagati yacu tukayatorera umuti bidaciye mu nguvu naho zaba izishingiye ku guterana amajambo. Ni vyo, ntazibana zidakomanya amahembe, ariko ntidukwiye kugera ingere ku yindi.

            Ukwihanganiranira ntigusigana n’ukugumya ururimi, maze imisi yose tukana tugerageza guhwebuza ivyo tuvuga, kiretse gusa ururimi ruducorotse. Abakera baramaze bati : « Akarimi naho ari gato karateranya kakaryanisha imiryango ». Dukwiye rero kuzirika aka karimi kacu, tukagerageza kuvuga ibikenewe gusa. Bishitse na-ho ururimi rukaducoroka, twasaba imbabazi uwo dushayeko. Du-kwiye kandi gutahurana hagati yacu, tukirinda gushamirana, tuka-menya ko umuntu ari umuntu bishobora gushika ka kamucamwo. Dukwiye kwama ducunga ururimi rwacu kuko ari inkwezi y’inta-mbara. Ikindi na co ni ico kwima ururimi uwo wese ashaka kugira ikirwanisho ururimi rwiwe ngo akwegere indwano abandi.  “Tugire ubuntu”. 

 

                                   TADE NZIGAMASABO

                                                           Yiga kuri kaminuza y’UBURUNDI


 

UGUKARISHA UBWENGE MU BUNTU

  


Demokarasi ni izina duha abanyagihugu igihe cose tubakeneye (Robert de Flers)

Sigura utange n’uturorero

Wandikire ikiganiro Ubuntu Burihabwa

Agasandugu ka posita 2960 i Bujumbura, canke

wishikire kuri CENTRE UBUNTU

iri kuri Saint Michel, inyuma ya Economat Général