URUHARA RW’URWARUKA MU GUKOMEZA UMUBANO MWIZA N’ITERAMBERE

Ijambo ryo gutanguza inama ishinga urunani rw’urwaruka rusangiye ikivi na Centre Ubuntu hamwe na Unicef

Rwaruka mwaserukiye imirwi ikorana na Centre Ubuntu hamwe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu citwa Unicef,

Basangirakivi ba Centre Ubuntu,

Ni mudukundire dutangure tubaramutsa, tubaha n’ikaze. Murakagira amahoro ! Mugire amahoro mu mutima. Mugire amahoro mu mutwe. Mugire amahoro mu nda. Mugire amahoro mu banyu no mu vyanyu.

Murakoze kubona mwaritavye ubutumire twabashikirije. Nk’uko mubizi, twese turajwe ishinga n’ukwiteza imbere, imirynago yacu igashobora kurema, aho tubaye hakagira iteka n’itekane, amakomine tuvamwo n’intara zacu zikagira imigisha zitewe n’ubwira hamwe n’umwete w’abahaba bose. Ubu turi mu gihe ciza aho bene-Burundi bategerezwa gukutsa ikivi c’iterambere barengeye ivyaduciriyemwo. Ni igihe ciza co gusubira gutsimbataza umubano mwiza. Ni igihe kibereye co gutsimbataza ukwizerana n’ugufashanya. Abarundi n’Abarundikazi bakerebutse barakwiye kubandanya baja ahabona, bagashikiriza imigambi bafitiye igihugu, bagahiganwa mu kurushanya ubukerebutsi, bagahiganwa mbere mu kwerekana imigambi ifadika bafitiye Uburundi n’Abarundi.

Igihe twatanguza ikigo twise « Centre Ubuntu », ibintu mu gihugu ntivyari vyifashe neza namba. Tubajije abantu aho ibintu vyapfiriye, bahavuye batwumvisha ko ubuntu ari bwo bwafutanye. Ahantu hatagira ubuntu, ahantu abakuze, urwaruka n’abana batakigendera ubuntu ngo barangwe n’izindi ngeso nziza zose zibereye umuntu w’ubuntu, haba habuze umushinge wokwubakirwako umubano ujana kw’iterambere. Abantu bacika imburakimazi. Kubera n’amagume abantu baba baraciyemwo, mbere amwe akaba ateye agahinda, usanga hari abakomeretse ku mutima, abantu bagahahamuka. Mbere hari n’abo bishika bakayinga. Inguvu z’umutima zirayonga, ugasanga abantu baguye mu kaborerwe n’ugusesagura itunga ry’umuryango. Induru ziraduka mu ngo no mu miryango, urwaruka rugata umwanya ku marigara anabavyarira akarambaraye. Ivy’uguhohotera abakobwa, abakenyezi n’abana biragwira, ugasanga abantu basigaye babaho batakigira « kirazira ! »

Centre Ubuntu imaze kubona ivyadushikiye twebwe Abarundi, yaciye ihera ku gusubira gukomeza uwo mushinge w’ubuntu. Abantu b’ubuntu ni abantu bazi gutunganya neza ubuzima bwabo, ubuzima bw’imiryango yabo, ubuzima bw’aho babaye n’aho bagendera. Nta muntu w’ubuntu aba imburakimazi. Ahubwo arakerebuka, agafashanya n’abandi mw’iterambere rya benshi.

Aho dutanguriye ico kivi, ko twari dusanzwe turi na bake, twaciye dutangura kwigisha abodufasha, turashika ku mirwi cumi iri mu bice bitandukanye vy’igihugu, kuva i Muyinga gushika i Makamba, ugaca muri Bujumbura rural gushika mu za Ngozi canke Karuzi, ukerekeza mu za Gitega no mu Ruyigi. Twahavuye dusanga bikenewe ko n’abo basangirakivi bashasha twoza turahurira hamwe kugira tuganire, twigishanye, dukarishe ubwenge turi kumwe.

Ubu tugeze kuri mwebwe urwaruka. Muracafise inguvu n’ishaka. Hari ibintu bibiri m’imiburiburi twasanze mukwiye gukomeza mu gihe mwokwemera gukora nk’urunani :

  1. Kwubaka umuryango. Mu mirwi musanzwe murimwo, musanzwe muzinanye, ariko umugambi musangiye urabafasha kumenyera gukorera hamwe, kuja inama n’ingingo, gutunganya irangurwa ry’imigambi mu bukerebutsi n’ubwenge bubereye. Aho muba muriko murubaka imiryango, bigafasha gusubira kwizerana n’ukuremesha ubumwe. Ariko kandi, guhura muva mu ntara zitandukanye, birafasha kubona ko Uburundi ari bunini, umuntu akabona abandi Barundi baba mu yindi mice y’igihugu, akaronka akaryo k’ukuganira nabo, akabona ko bari ku kivi kimwe, akumva ko umutima wo gukunda Uburundi n’ukubwubaka ushobora gukwira mu gihugu cose. Urwo runani mwokomeza rwogenda rwubaka umuryango w’Abarundi.

 

  1. Gukarisha ubwenge. Ba sokuru bavuga ngo akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze. Mu kumenya ibiriko bibera ahandi, mu kumenya ingene abandi bariko barisuganya n’ubwenge bakoresha, mu kuraba ingene biyumvira imigambi, bakayitunganya, bagasuzuma ingene ishirwa mu ngiro neza, usanga abantu bariko barahacira akenge, ico utari uzi ukacigishwa n’abandi, kandi ugahimbarwa n’ukuyagira abandi ubutwari n’ubukerebutsi uriko urakomeza aho ubaye. Urunani rero ni ikintu ciza gifasha mu kuja inama n’ingingo mw’iterambere ry’igihugu, abantu ntibabe ba nyamwigendako.

 

Turabizi twaciye muri vyinshi. N’urwaruka ni co kimwe. Ivyo twaciyemwo vyaradusizemwo imvune, naho urugero rudasa kuri bose. Dutegerezwa rero kuraba ingene imvune n’ibikomere dufise ku mutima bitodutuma dupfa guhuruduka mu vyo tuvuga, mu vyo dukora no mu migambi dushinga kugira ngo twubake kazoza kazorema abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza, kuko bazotegerezwa gusangira iki gihugu nk’abana baco.

Urwaruka birashika rukagwa mu mutego wo kutabona kure, maze abanyapolitike bakarusuka baruhendesha utwunguko tumara igihe urume rumara. Kubera ingonga nyinshi n’amaraso ashushe aba akiranga urwo rugero rw’ubuzima, urwaruka rurabanguka mu bikorwa bitari bike, kenshi ntirwihe n’umwanya ukwiye wo guhwebuza ngo rugere regereranye, maze ugasanga ruraguye no mu bikorwa vy’agakungero. Kubera ko n’ibitunga ubuzima atari vyinshi mu gihugu, ubukene n’ubushomeri bukaba bwaregeranije Abarundi batari bake, n’abasubijwe mu buzima busanzwe bahora ku rugamba ntibagire imigambi ibatunganiriza ubuzima mu ntumbero irama, ikibazo c’urwaruka gica gisaba kwitwararikwa ku rugero rwihutirwa.

Urwaruka rurakwiye kumenyera kwiyumvira n’ugushira imbere imigambi ifadika kandi ihangiye kuri kazoza ka kure. Urwaruka rurakwiye kwama rurondera gukarisha ubwenge. Rurakwiye kwama rurondera aho rwitegurira kuba intwari n’ukuba imboneza zubakira ku ngingo, ku buntu, ku kubona kure, ku kwubahiriza agateka kabo n’ak’umuntu uwo ari we wese.

Umuntu azogira ico avamwo  abona kure kuva akiri muto, maze ukabona ko aha ubuzima bwiwe ihangiro ritumbereza kure.

 

Ni kuri iyo ntumbero ntanguje icese iyi nama y’abaserukiye imirwi ikorana na Centre Ubuntu hamwe n’urwego rwa Unicef mu kuremesha umubano mwiza hamwe n’iterambere. Mugire ibikorwa vyiza n’urweze rw’ugutanga intererano yubaka igihugu.

Murakoze

 

Fr. Emmanuel Ntakarutimana

Share
Back to Top