TUNAGURE IMICO N’IMIGENZO YATITUTSE KUBERA UBUMARAYA
I. UBUMARAYA BISIGURA IKI?
- Ugushikiriza
Kuva isi ibaho hamye havugwa ubumaraya. Mu buzima bw’ivy’imibano mu gihugu dusangamwo ubumaraya, bwaba u-bukorwa nk’umwuga canke ubukorwa mu buryo ubu canke bu-riya. Mu bihugu bitari bike kandi kuva kera, abari ku butegetsi baragerageje kuburwanya ariko ntivyakunze ngo bigende uko bavyipfuza.
No mu bitabu vyeranda ivyo bikorwa bibi biravugwam-wo, mbere n’abahanuzi baragerageje gusemerera ngo ababiko-ra bahinduke, bamwe barahinduka abandi baba ibinani gushika aho Imana ishavura ikabahana. Akarorero nyamukuru bavuga ni aka Sodoma na Gomora. Ingaruka rero z’uburaya ni nyinshi ka-ndi ni mbi ku gihugu n’abakibamwo. Imiryango irasambuka ha-gati y’abubakanye, abana barata imiryango bakaja iyo barara barakebeba mu mabarabara no mu mazu y’ubunywero n’ubu-tambiro. Abafise amahirwe ntibandura indwara zidakira ariko abenshi ni abasigaye ku mutwe nk’ubuhiri.
Ni vyo hari ibihugu vyagerageje uko bishobora kwose kurwanya ivyo bikorwa bibi gushika aho mbere bashinga ama-tegeko ruhasha kugira ngo barabe ko vyohera mpera ndaheze. Ariko n’ubwo ntivyaheze.
Ko ako karanda kananiranye kuva kera, haba mu bindi bihugu canke aha iwacu, ubwo hari ico twebwe twohindura? Vyongeye kandi ntihobura ico duterera. Muri aka kanya, dushingira cane ku ngaruka mbi ziterwa n’abo bakora uwo mwuga mubi, uterwa ivyatsi na benshi.
- Ubumaraya ni iki ?
Bivugwa ko habayeho ubumaraya igihe cose habayeho ukugurisha umubiri (kugira imibonano mpuzabitsina) kugira umuntu aronke amahera canke ikindi kintu.
Kubera ivyo, dusanga abantu barenga mirongo itanu kw’ijana bagira imibonano mpuzabitsina bagira ubumaraya. Ni ukuvuga rero ko hari ubumaraya bwo ku mugaragaro n’ubwo mumpisho. Reka dufatire ku turorero:
-
Umugore canke umukobwa yemera kuryamana n’umu-gabo kugira amugurire impuzu nziza gusa; uwo mugore aba agize ubumaraya;
-
Umukobwa yemera kurongorwa n’umugabo atunze ku-gira ntazogire ingorane z’ubukene;
-
Umugore arangura amabanga y’abubatse rimwe mu ndwi n’umugabo wiwe kugira gusa aronke ibitunga umuryango (irasiyo);
-
Umuhungu akiri muto arongora umupfakazi amurusha imyaka kubera uwo mupfakazi atunze, ubwo ni ubuma-raya;
-
Abakobwa benshi babayeho mu buzima bubayabaye ba-gendana kandi bagahurira mu bushurashuzi n’abagabo bakomeye bo mu gihugu na bo bagira ubumaraya;
-
Umwigeme akora mw’ihoteri, kugira arabe ko yokonge-reza agashahara kiwe gato akaryamana n’ingenzi ni ubu-maraya agira.
Ubumaraya buri imice ibiri
Twavuze ko umugore wese canke umwigeme abeshej-weho no kugurisha umubiri wiwe aba akora ubumaraya. Ubwo na bwo buri kubiri : ubumaraya bwo ku mugaragaro n’ubuma-raya bwo mu mpisho.
1)
Ubumaraya bwo ku mugaragaro
Turavye uko babisigura n’uko babitunganya mu bindi bi-hugu, aha iwacu mwene abo bagore n’abakobwa bakora ubwo buraya ku mugaragaro ntabariho kuko igihugu cacu kiracubaki-ye ku mico n’imigenzo kama y’ubuntu.
Aho birekuwe, abo bakora uwo mwuga mubi ni abagore, abakobwa n’abagabo bazwi kandi usanga bafise amategeko abagenga, kandi bafise n’aho bakorera hazwi n’amategeko nka kurya kw’abadandaza butike. Kuri abo bantu bazwi gurtyo, igi-porisi kibijejwe kirandika umwigeme wese canke umukenyezi yofuza gukora uwo mwuga wabo. Ababa biyandikishije baragi-rirwa ibipimo vyo kwa muganga, bibaye na ngombwa bakabaha n’imiti hanyuma bakaguma babasuzuma kugira ntihagire nk’in-dwara zandukira bashobora kugira hanyuma ngo bazanduze abagenzi babo.
Ayo mategeko abagenga aratandukanye bivanye n’ibi-hugu. Hari ibihugu bimwe bimwe bishira abo bamaraya mu ma-zu azwi hakaba n’ibindi bihugu bibareka bakidegemvya, ariko bagategerezwa gukurikiza ya mategeko y’igiporisi, bakongera bakaza baraja kwa muganga kwisuzumisha. Ariko rero ayo ma-tegeko ntiyigeze yubahirizwa nk’uko vyategekanijwe. Mu bihu-gu bitari bike rero ayo mategeko ntayakiriho.
Ico ni co gituma rero n’aha iwacu twumva hari abagira ubwo bumaraya baguma basemerera ngo babareke bakore uwo mwuga wabo mubi hanyuma barihe ikori. Akarorero ni ak’abo mu gisagara ca Gitega babivugiye ku mugaragaro.
2)
Ubumaraya bwo mu mpisho
Ubu rero ni ubwo bwose bugirwa n’abo bigeme n’abakenyezi ariko batavyemanga ku mugaragaro. Ni ukuvuga ko babonye abaporisi baca biruka bagahunga. Muri ubwo bumaraya bwo mu mpisho ni ho abantu benshi babagendera bandurira indwara nyinshi zica mu bushurashuzi kuko abo bakobwa n’abagore badakunda kwipimisha no kwivuza ku mugaragaro.
None hano iwacu ho bimeze gute ?
Hano iwacu nta bumaraya bwo ku mugaragaro buriho naho hari abo dusanga ku mabarabara no mu bunywero bum-we bumwe barindiriye ababarondera. Vyongeye kandi nk’uko twamaze kubivuga, n’igihugu ntikivyemera ko bibaho, ari co gi-tuma igipopisi kibahigisha urushinge hanyuma kikabahana kiba-fashe. Abo bose rero bakora ubwo bumaraya babukora binye-geje. Ariko rero n’aho binyegeza, umuntu arabamenya kuko mu gisagara nta muntu yohisha ico akora kuko aba ari co kiba kimutunze. Ni co kimwe kandi no mu gihugu hagati. Naho abo bakobwa n’abagore badashoka biyerekana, abanyagihugu bobo barabazi. Aha iwacu rero, abari muri uyu murwi ni bo tugira tu-rabire hamwe ingaruka mbi batera mu gihugu no mu miryango, ku bakuze no ku bato.
- Ibituma abagore n’abakobwa baja mu buraya
Uwo ubajije wese ibijanye no kumenya ibituma ivyo ku-dadandaza umubiri birwira, akubarira ko ari ubukene. Abandi na bo bakabihakana bavuga ko ivyo biva ku ngeso mbi baba ba-fise. N’aho ata bushakashatsi buhanitse twakoze, umuntu yiyu-mviriye akongera akaza aregeranya ivyo abantu bibaza kuri ivyo bituma, hari ibitari bike umuntu yovuga, na vyo ni nk’ibi:
-
Ubukene buterwa n’ibintu vyinshi nk’ibi: ubupfakazi, ubupfuvyi, igwirirana ry’imiryango, isi itakimera hanyu-ma bigatera inzara mu miryango;
-
Ukubura akazi, abantu bakirirwa bicaye ata co bakora;
-
Ugukunda amaronko kw’abakobwa n’abagore bamwe bamwe;
-
Ugukunda amaraha kw’abagabo bamwe bamwe;
-
Iterambere ry’ibisagara rikwegakwega abantu bava mu mitumba baja mu bisagara ata kazi bafiseyo;
-
Ugutinya kurima;
-
Inyoshambi zikwegakwegera abandi muri ubwo bushurashuzi;
-
Abavyeyi batayagira abana babo ibijanye n’amabanga mpuzabitsina;
-
Ukudahana n’ukudakurikiza amategeko;
-
N’ibindi
II.
INGARUKA MBI ZITURUKA KU BUMABARAYA
Ivyo tugira tubashikirize ku bijanye n’ingaruka mbi zitu-ruka kuri ubwo bumaraya ni ivyavuye mu kanwa k’ababikora, ababanyi babo, abavyeyi babo, abaporisi bahora babafata, aba-gabo bahora babarondera hamwe n’abo mu mashirahamwe abafasha.
Aho twakuye inkuru gusumba ahandi ni mu Gisagara ca Bujumbura mu Karitiye ya Bwiza, ya Buyenzi, ya Kamenge, ya Cibitoke na Kinama. Mu ntara hagati twatororokanije inkuru zo
mu Gisagara ca Gitega aho bita mu Giswahiri, ca Ngozi, mu Nta-ra ya Bubanza ku murwa mukuru w’iyo ntara, mu Ntara ya Cibi-toke ku murwa mukuru wayo aho hari n’umuporisikazi akwega-kwegera abana muri ubwo bumaraya, mu Rugombo na Nyeshe-nza muri komine ya Mugina. Si aho gusa baraduhaye inkuru, nko mu Ntara ya Ruyigi muri Komine ya Butezi ahitwa mu Rugo-ti, mu Ntara ya Makamba n’ahandi twakuye inkuru imwe imwe. Kubavugisha rero ni ukurinda kuko bashobora kukwishura nabi.
Stella N. avuka mu Ntara ya Bubanza yatanguye uwo m-wuga ugayitse ku myaka cumi n’itandatu. Aratuyagira ibijanye n’umwuga mubi wabo, ariko na we nyene arawunebagura ku-ko ata kundi yobigira. Aradondagura ingaruka mbi babona muri ivyo bakora. Kugira rero utore neza inkuru ashaka kukubarira, bisaba kuba uri umuhinga. Nk’akarorero, kugira avuge ko afise umwana umwe, avuga ko afise abana cumi n’umwe maze ugaca utegera ko afise uwo arenga kw’icumi kuko uravye imyaka afise (mirongo ibiri) ntiyoba aravyara abana nk’abo.
Abaja muri ubwo bumaraya bava mu ntara zitandukanye kandi bari mu madini yose, kanatsinda bikenereye amahera gusa. Bati: “Vyose ni amahera kuko ivya gusa bitera ubwenge buke. N’imiburiburi uramuha na makenya kuko ni umukobwa yisoneye”. Ni vyo uwubakeneye abanza kumusororera no ku-mugaburira akarya agahaga, ariko amahera ntasigara inyuma na gatoya. Bakubarira bati: “Ni vyo uransororera ariko ko nke-neye amavuta, agahamagazo ngendanwa, n’ibindi, ubona noca ndabikurahe?”
Ababarondera ni abagabo bubatse, abanyeshure b’imi-sore, abadandaza, cane cane abava mu ntara hagati, imisore yikorera imizigo, abimba inzahabu, abarovyi, abantu baca ama-kara bava mu ntara baja mu yindi, n’ingenzi z’abanyamahanga.
None ubwo uwo mwuga unegurwa na benshi ukorwa n’abakobwa n’abagore nta ngaruka ufise haba kuri abo nyene bawukora hamwe n’abo bagendana ufatiye mu nyifato no mu mero, mu miryango hamwe no mu kibano? None hokorwa iki?
- Ingaruka zo ku mubiri:
- Kwandura ingwara zica mu bihimba vy’irondoka: abatari bake muri uyu murwi w’abakenyezi bacuruza umubiri wabo baranduye canke barigeze kurwara ind-wara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka SIDA, agasha-ngara n’izindi. Igituma bandura izo ndwara ni uko babo-nana n’abagabo benshi kandi batikingiye. Ikibabaje gu-sumba ni uko bavuga ngo hari abagabo banka kwikingira hanyuma abo bakobwa bagaca babaca amahera menshi. Umwe ati: “ Umugabo yanse kwikingira, ndamuca ama-hera menshi, ayampaye nkayatwara, na kare sinobaye-ho imyaka ijana”. Hari n’abandi bapfuma baheba ayo mahera igihe uwo bari kumwe yanse kwikingira.
Muri ibi bihe, abakunda kurwa muri uwo mutego ni aba-shasha muri uwo mwuga mubi bahahamira amahera ca-nke barembejwe n’inzara. Uyu “Z. Nk.” Ati: “Abenshi dusigaye dutinya kwandura umugera kuko twarabonye bagenzi bacu ingene bapfuye basigaye ari amagufa gu-sa”. Yongera kuvuga ati: “Shwi!!!! Nobahanura kutigere-zako, mbere uwogira amakenga aragenda araba mu bi-taro aho abanduye barwariye”.
- Ugukorora inda: bamwe muri abo bakobwa n’abagore bavuga bati: “Abatwara inda ni abo bakiri abamanuka canke abatahabona”, abandi bati: “Nta mwana yirirwa arakugora”. Abo ba mbere bavurwa ni abacinjira muri uwo mwuga canke abo bahenze ngo barakundana han-yuma bagasanga baruguyemwo. “N.Ev.” we yavyaye agi-shika i Bujumbura ahenzwe n’umuhungu w’umunyeshu-re ngo barakundana kandi azomutwara. Amaze gutwara inda uwo muhungu yamuhanuye ko yokorora iyo nda hanyuma uwo mukobwa avyamirira kure, none uwo mwana akuriye kwa nyina w’uyo mukobwa, ubu araku-ze. Ariko rero, aho guca aheba ubushurashuzi, yaciye ya-nduriraho uburaya gushika n’uno musi.
Uwundi wo mu Kanyosha we yamirira kure ivyo kuvyara inda y’ishushu kuko umwana aca amutesha igikorwa kibi ciwe. Ku bwiwe, bishitse akayitwara ntayishikana, ariko hari uwo yahatse guhitana. Uwo ni umwigeme yiga kuri kaminuza imwe y’abigenga akora uwo mwuga mubi mu mpisho yakoroye inda agahakwa gukurikira ico kintazi cazize ubusa. Ibi twabimenye ari uko yabiyagiye umuge-nzi wiwe ati: “Navuye amaraso hafi y’amezi abiri gushika aho nsigaye nicuza ico nakoreye ico caha kibi co gukoro-ra inda. N’ubu, bishitse ngatwara inda, n’uwompana iki sinosubira kuyikorora”.
Hari uwundi mwigeme vyashi-kiye arikora mu nda ahanura abandi kutarota bakorora inda kuko uno musi aricuza igituma yishe umwana wiwe. Ivyo rero abivuga abonye umugenzi wiwe basangiye umwuga mubi yavyaye umwana none ubu ari inkumi yiga mu mwaka wa kane w’amashure y’intango. Ati: “Jewe nakoze ivyaha umurengera. Nk’ubu umwana wanje aba ageze mu bi-gero nk’abandi”. Uwo bitarashikira ntaze agwe mu rudu-bi.
- Ugukubitwa, ugupfungwa n’ukwicwa: abakobwa n’aba-gore benshi bari muri uwo mwuga mubi wabo barakun-da kugira ingorane harimwo n’izo gukubitwa. Aba hafi y’aho abo bagore n’abakobwa baba, harara induru imisi yose kandi amasaha nka yose. Uwu aba mu Buyenzi kw’ibarabara rya mirongo ibiri na gatanu habera ubwo bumaraya avuga ati: “Twebwe turara tutaryamye kube-ra induru z’abo bagore […] twibaza ko abagabo baba ba-ri ko barabakubita”. Hari umugabo na we yagendereye muri ubwo bumaraya yemanze ko yakubise abakoba ba-tari bake kubera hari ivyo batumvikana. Hari rero abako-bwa n’abakenyezi bene abo usanga babatabaguye inza-ra umubiri wose, na cane cane mu maso.
Hari igihe ugukubitwa bijana n’ugupfungwa igihe bafas-hwe n’abaporisi bajejwe gukingira imico n’akaranga k’A-barundi. Ico giporisi rero hari igihe bagenda gufata abo bose bari ku mabarabara barindiriye abo bajana muri urwo rucuruzwa rubi. Abafashwe ngo barabanza baka-bacishako abana b’intoke. Umukobwa umwe muri abo ni we yabonye abaporisi baje aca yitera mu modoka y’u-muntu yari hafi yaho aca amubarira ati: “Ndagusavye nibakubaza uvuge ko turiko turaganira ivyo mu rugo”. Mwene umuduga aramubaza igituma kuko wewe nta vyo yari azi ko abaporisi babafata ati: “Kuki none baba-fata”, wa mukobwa ati: “Baratubujije kuza guhagarara aha ku mabarabara kandi badufashe baca badukubita, bakadupfunga hanyuma tugapfungurwa turishe ihada-bu”. Uwumvise iyo nkuru ni we yavuze ati ahubwo bari bakwiye kubakomesha kuko ni ibimenabanga.
Abadakubitswe na bo baricwa. Ku nsamirizi twama twu-mvise abantu mwene abo bishwe n’abagabo bari ku-mwe. Hari n’abapfira mu mazu bararamwo.
Ibituma bakunda gukubitwa ni vyinshi, hari, ukuzuruma canke kwiba abo baryamanye, kutumvikana ku biciro, kuruha ntibashitse ku masezerano bahanye, abagabo baba bashaka kugenda batarishe amahera basezeranye hamwe rero n’abo baporisi nyene babafata mw’ijoro.
Ikindi gituma abo bagore n’abo bakobwa bapfungwa ni uko kwiba amahera y’abo bararanye, ubwicanyi kuko bashobora kwica uwo bagendanye. Ico rero tutazi neza ni uko uko gupfungwa kuba hisunzwe amategeko.
- Uburuhe : Abenshi muri abo bakora uwo mwuga mubi ntibakunda abo bamarana umwanya munini. Ku bwabo, bakunda nk’abo bamarana umwanya muto cane kugira nta ruhe hanyuma ashobore kwakira abandi benshi ba-shoboka ku musi. Uwu twasanze mu gisagara ca Bujum-bura mu Kamenge avuga ati: « Jewe nkunda abamara nk’iminota itanu, cumi kuko arengeje aho nca nkoma induru canke nkamurya amenyo». Ariko si mu bisagara vyose bakora uko. Nko mugisagara ca Ngozi, bashimakwirirwa baryamye, hanyuma bagasokoroka ku mugo-roba, bakarikesha gushika buce. Twibukanye ko nka bo-se birirwa baryamye.
- Igitereko canke ibihimba vy’irondoka bishobora kwo-nonekara: Abagore n’abakobwa bamwe bamwe baja muri ivyo bikorwa bibi vy’ubumaraya, hari igihe bara-ngura ivyo bikorwa vyabo bitanereye nko mu gihe c’u-butinyanka canke bafise akandi kagorane mu bihimba vy’irondoka hanyuma bagafyonderako.
Ikindi kibituma ni imiti bakunda gukoresha kugira ntiba-same imbanyi batipfuza canke imiti bakoresha kugira ngo bumve ko bafise n’agacanwa na gakenya muri ivyo bikorwa bibi bakora. Hari n’amavuta bakoresha kugira ngo umubiri worohe hanyuma ntibababare cane mu bi-himba vy’irondoka. Ivyo vyose birashobora gutuma ibi-himba vy’irondoka bitagikora uko vyategerezwa gukora, mbere bimwe bimwe muri vyo bishobora no kuziba.
- Ubukene: ukubura isabuni, ibirato n’impuzu n’ibindi bi-koresho umuntu akenera biratuntuza cane abakobwa n’abagore bihebeye uwo mwuga mubi. Abo bari muri uwo murwi, bavuga ko bagira ubukene bwinshi kuko ata kandi kazi bashobora gukora kuko naho bogenda gusaba akazi umuntu, nta n’umwe akabaha, ari co gituma bam-we bamwe usanga hari ababangikanya ako kazi kabi ka-bo n’akandi kazi keza. Bashobora kudandaza inzoga zi-mwe bita inzoga zo musi y’igitanda aba ari nk’ikarato imwe y’ibiyeri, abandi na bo ugasanga bakora mu mazu abakenyezi basokorezamwo imishatsi, abandi na bo ba-gakora mu mazu yakira ingenzi, gucuruza itabi n’urumo-gi, n’utundi dukorwa duto duto nk’utwo.
Abitwa abasirimu na bo, na cane cane abo mu makara-tiye ateye imbere, uzobasanga bacuruza ibintu vy’agaci-ro. Uwahora akorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura ya-curuza impuzu z’abana zava hanze i Buganda n’ahandi. Mwene aba ababakenera si uwo ari we wese kuko bit-wa ko ari abasirimu, baricagurira uwufise amahera me-nshi kuko abahera nk’ibihumbi ijana mu mahera y’aha iwacu canke idorari ijana mu mahera y’abanyamerika. Mwene abo kandi uzobasanga bipangiye amazu meza meza bashobora kwakiriramwo abaragendera ata bwo-ba bugingo abandi bakenye ushobora gusanga bapanze inzu y’icumba kimwe bava kuri babiri gushika kuri bata-nu.
Ikizwi neza ni uko kenshi na kenshi, abo bakobwa n’abo bagore barondera ubuzi bushobora kubafasha kuronka abo babasangira ubumaraya.
Igihe rero babuze ico bafata n’ico bareka, abo bagore n’abakobwa baca batangura kwakwira uwo wese aje abagana kandi bakamwaka amahera make cane kuva ku majana atanu gushika ku bihumbi bibiri gusa. Vyanse aho, uwuje abakeneye ashobora kubagurira ivyo bafu-ngura n’ivyo banywa gusa, hanyuma akabasigira ivy’ejo bukeye.
Benshi muri bo bababazwa n’ico kiringo baba babuze ababaha amahera kuko babaho ku musi ku musi.
- Ingaruka zo mu kibano:
- Uguheba amashure: Abakobwa bamwe bamwe biga amashure abagora barashobora guheba amashure ba-gaca baja mu ngeso mbi z’ubuhumbu hanyuma bagaha-va badukamwo kuba abacuruza umubiri. Mu bo twaya-ze, hari abaciriye amashure mu mwaka wa gatandatu w’amashure matomato, abandi bagarukira mu mashure yisumbuye kuva mu mwaka w’indwi gushika mu mwaka w’icenda.
Uyu “N.EV.” avuga ko yavuye ruguru ari uko abonye mu-genzi aduze asayangana hanyuma aca amwemerera ku-zomwiza umwuga na we akora ati: “Namanutse ntazi a-kazi ngiye gukora ariko nibaza ko ari akazi gahambaye, ncadaheba ishure. Niga mu mwaka w’umunani”. Umu-bajije igituma ataheje ngo yanke ako kazi kabi yishura ati: “ Jewe sinari kugaheba kuko ubwa mbere singira iyo nja n’iyo mva kuko i Bujumbura bwari ubwa mbere nda-haza. Nta kundi rero nari kugira”. Yongera kuvuga ati: “Ikimbabaza cane muri uyu mwuga wacu, ni igihe nibu-tse ko nataye ishure nkiri muto none ubu ntagishobora gusubirayo. Ndasubira kandi nkibaza ingene nzobaho ninasaza”. Abenshi rero ni abakobwa bataciye mw’is-hure.
- Ukugora umuryango canke abagutunze kubera wandu-ye ingwara zidakira canke watwaye inda y’ishushu: Uyu mukobwa “Z. Nk.” Avuga ati: “ Twarabanye n’umu-kobwa twari dusangiye ‘akazi’, hanyuma arandura umu-gera wa SIDA. Abagenzi biwe twarahacumukuriye kuko ni twa twamukorera vyose. Udufaranga twose twaronka twaca tuja kutumuvuzamwo, tukamugurira ivyo afungu-ra umutima washaka. Ikindi cari kibabaje cane, wasanga mu kazu twabamwo kanuka fushu. Twahavuye twe tu-mutana iyo nzu. Uwo mukobwa yahavuye asubira iwabo kandi nta misi myishi yabayeho”.
Abakobwa n’abagore bakora uwo mwuga mubi iyo ba-nduye izo ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka basi-nzikara n’ingoga kuko benshi babaye mu buzima bubi, banywa inzoga nyinshi n’ibiyayura umutwe kandi bara-ruha cane. Iyo bafashwe rero bahitamwo guca bava aho bapanze bakaja iwabo aho baronka uwobo abitaho. Umuvyeyi wa “K. St.” yaragize akabonge kenshi igihe ya-gwaza umukobwa wiwe yari yanduriye muri ubwo bu-maraya ati: “Ico kwirinda ni umugera wa SIDA. Twahora twumva bayivuga mu bisagara none raba ivyo uyu mwa-na yagiye kudukwegera mu muryango.” Umubanyi yafa-shije kwegeranya uwo murwayi ati: “ Iyo barukweze ni-babe baguma iyo banduriye”.
Iyo basubiye iwabo nko mu ntara zo hagati mu gihugu bakagenda baranduye, insaku zishingiye ku burozi hagati y’ababanyi ziba umurengera. Nko kuri uyu “K.St.”, aba-banyi baradumishije ko bamuroze kubera yahora akore-ra amahera menshi mu gisagara ca Gitega hanyuma aga-tunga neza umuryango. Igihe bagiye nko ku bapfumu ba gateranya, ntakibuza ko inzankano mu bantu zigwira ka-ndi atari vyo. Icizere kiri ubu ni uko benshi basigaye bipi-misha bakamenya ko banduye n’uko batanduye.
Itunga ry’imiryango y’abo bakobwa n’abagore banduye rirasesagurika kuko ivyo ari vyo vyose, abanyamuryango ntibareka ngo umuntu wabo apfe batigaraguriye. Ni ukuvuga ko hari imiti ivura indwara zimwe zimwe zandu-kira biciye mu bihinba vy’irondoka n’iyindi ipfupfahaza igurwa amafaranga atari make imiryango itanga. Muru-mva rero ko imiryango isigara yipfumbereje.
- Ugutwara abagabo b’abandi bagore: umugore yanse kwivuga izina wo mu gisagara ca Bujumbura tumubajije ko abaza kubarondera harimwo abagabo bubatse izabo, yatwishuye ko wewe ivyo ata vyo araba, uwuje wese amwakira. Arongerako ati: “Umugore atashoboye gufa-ta neza umugabo wiwe hanyuma uwo mugabo akage-nda kurondera abo bagore bacuruza ibidacururika kuri bamwe, biramusha. Uwo mugore wiwe namuzirike amu-gumye”.
Ingaruka ziboneka cane igihe hari umugore afashe uwu-ndi mugore yamutwaye umugabo. Emwe haca uwamba-ye, uwutagira utuguvu na we agahunga. Hari rero aba-gore biba abagabo babo hanyuma na bo bagaca baro-ndera uburyo bwo kubihora mu buryo ubwo ari bwo bwose.
Ivyo vyose rero bituma abantu binuba bimwe birengeje abo bakobwa n’abo bagore, hanyuma na bo bagatangu-ra kwikumira. Ikibabaje ni uko badashobora no gusubira iyo baje bava kuko na ho nyene baca babinuba.
- Ukudandazwa n’umukoresha wawe: Mu bisagara cane cane, hari abadandaza batunze ibintu bitari bike ariko ivyo bintu ngo bikaba vyavuye mu rucuruzwa kw’abako-bwa n’abagore mu gikorwa c’ubumaraya.
Aha iwacu uko kudandaza abo bigeme bica mu buryo butandukanye:
-
Abagore canke abagabo bitwa ko bakoresha akazi ka naka nko gucuruza akabare canke gucuruza ivyu-mba mu mazu y’ihoteri hanyuma inabuja canke se-buja agaca amusaba ko yofatanya n’ako kandi kazi kubumaraya mu ntumbero bita iyo gufasha abaza kubashorera ivyo bacuruza. Uwo mukobwa aravye-mera canke agahakana. Ahakanye, akazi ntako aba ashoboye; yemeye naho, shebuja aca amwemerera kumwongera umushahara. Muri ico gihe, uwo mu-kozi akora ubuzi bubiri, nta jambo agira imbere ya shebuja canke ya inabuja, ni nk’umuja kuko akora ico nyina we nyene amutegetse. Ni ukuvuga ko ari abagabo baje barondera uwo mugore canke uwo mukobwa, inabuja canke sebuja ni we bavugana igi-ciro hanyuma uwo mugore canke uwo mukobwa ntamenye ayo baciriranye n’abamukoresha.
Ngo biranashika sebuja canke inabuja akaba ari we arangira abaza aho ko hari n’abantu bashobora ku-bafasha mu vyo bakeneye vyose. Ivyo rero biraba-baza cane abo bagore n’abo bakobwa kuko hari igi-he basanga baryamanye n’abantu barwaye, abata-meze neza, ngo hari n’aho babaha ibikoko ngo babe ari vyo baryamana nk’uko uwitwa “Nah. L.” abivuga ko vyamushikiye ijoro rimwe agaca aheba ubwo bu-maraya.
-
Hari ba inabuja na bashebja bakurura abana mu ntara zo hagati mu gihugu ngo babajanye mu gisa-gara kubaha akazi nk’ubuyaya canke kudandaza mu mamangazini, naho babazanye muri ubwo bumara-ya. Umwana atako akibigira, kuko kenshi na kenshi baguma bugaraniye ahantu, agahava yemera iryo bara ryo ku mutemere. Umugore umwe afise abana babiri ariko akora uwo mwuga aremeza ko yatangu-ye ivyo bintu muri iyo nzira ati:
“Jewe naje mva mu Ntara ya Bubanza, aje i Bujum-bura bamubarira ko bazoshika bamuha akazi ko ku-rera umwana kandi azohembwa umushahara ushi-mishije. Ashitse ku wamumanukanye, yaciye na we amujana ku mugore yari yamumutumye, hanyuma ahasanga abandi bakobwa batatu harimwo n’uwo yamuzanye. Ico inabuja yamubariye, yamubariye ati ng’abo abandi bazokumenyereza akazi. Ako kazi kari ak’ubumaraya.
Kuva ico gihe nagumye nsaba Imana ko yomfasha n-kava aho hantu ntarinjira muri ivyo bintu hanyuma biranka kuko ntamenya iyo nja n’iyo mva. Imisi yose abagabo badusanga muhira. Nahavuye rero mbona ko ata kundi nogira kugira ngo mbeho”. Tumubajije igihe amaze muri ivyo bikorwa bibi, avuga ko irenga imyaka itandatu ariko vyanse ko aheba.
-
Mu myaka iheze aho vyari bikaze cane, hari abantu bavuga ko bariko barafasha abana b’abakobwa mu kubarungika mu bihugu vyo hanze ngo bagiye kwiga canke gukora akazi naho babajanye muri ubwo bu-maraya. Ababatwara rero bobo baba bariko baraba-curuza kuko barabironkamwo inyungu. Twarigeze n’ukubashikiriza inkuru z’umwana umwe yabonye amagorwa menshi yagiye mu bihugu vy’abarabu gu-shika aho abura n’itike yomugarukana ino.
- Ingaruka zo mu nyifato n’imero:
- Ugukora ibintu utiyumvamwo: abahinga ni bo babivu-ga neza ko abo bagore n’abakobwa bakora ubumaraya barangura amabanga y’abubatse ata gushaka kurimwo. Abo bakora uwo mwuga mubi bavuga bati: “upfa kubigi-ra kuko ata kundi wogira”. Ivyo rero baravyidoga cane, mbere bigaca bituma bama bashavuye n’iyo bari kumwe n’uwuje kubarondera baridigadiga badatwenga batabi-shaka.
- Ishari hagati y’abo bagore n’abakobwa rivyara ubwi-canyi hagati yabo: Bati: “Ugiye mu murwi w’abo muta-menyeranye ata wukujanye, uramererwa nabi, mbere n’ukukwica urashobora kwicwa. Ikindi na co kibi, ni uko abo bagore n’abo abakobwa bagurisha umubiri wabo bagiriranira ishari igihe umwe aronka abakiriya benshi kurusha abandi canke ababatwara, aragira ingorane zi-komeye. Bamwe muri bo bavyita kumukosora.
- Ukwihebura, uguta agaciro runtu kabo: abamaze kwi-njira muri ubwo bubi, baca baba ivyihebe kuko bagira bati nta co tucera. Mwene abo bantu, uzobasanga bavu-ga nk’inziya, batuka uwo ari we wese ahirahiriye ngo ara-bakebuye canke akaba ababarira ibintu bidahuye n’intumbero yabo. Ikindi kibaranga ni ukuvuga amaja-mbo nk’amwe y’abungere. Kubero ico, uzosanga bage-ndana hagati yabo gusa kuko abandi bantu babatinya canke bakabinura. Kubera umengo ntibakiri abantu nk’abandi, usanga n’ibijanye no kwitunira ku gikorwa bitagishoboka, ari co gituma bibagora no kuva muri ubwo buja bwabo.
- Nta rukundo, nta gishika bafise: Ni bake muri abo ba-ntu bacuruza imibiri yabo bagifise urukundo nka rurya rw’umugore n’umugabo akomeye neza. Basigaye ari nk’ivyuma bitwarwa n’imoteri gusa. Ni vyo, hari abahe-ba uwo mwuga mubi bakubaka izabo, ariko bakiri muri vyo, ntibubaka ngo rugume. Umutima uguma uhunga-bana, akaba kaguru karabeba, hanyuma agahava yahu-kana.
- Log in to post comments