TWIRINDE KUJANA NYABAHURURU MURI IKI GIHE TWUGARIJWE N’UMUGERA CORONA

Muri iyi nkuru, Janine ni umwigeme yamanutse i Buju-mbura gukora akazi ko mu nzu. Yarakora neza akazi aje-jwe, kubw’ivyo, abakoresha biwe baramukunda cane. Aho ikiza “corona virisi” gitereye kw’isi yose, mbere no mu gi-hugu cacu kigashikaho, Janine yaragize ubwoba, aca aja i-nama n’uwundi mukozi yitwa Vesina kugira baduge iwabo. Janine yararondeye uburyo bwose ngo atahe iyo yaje ava, arashika n’aho yinginga se wiwe ngo asabe abakoresha bi-we kugira bamuhe uruhusha rwo gutaha. Amaze gutaha, ntiyasubiye kumanuka. Wa mugenzi wiwe Vesina ntiyabaye akiduga, yaciye yibandaniriza akazi. Mu nyuma y’aho, aba-remeshamibano bo mu Kigo Ubuntu baraje kuremesha iki-ganiro ku mutumba Janine avukako ku vyerekeye ikiza “corona virisi”. Ivyavugiwe muri ico kiganiro vyarafashije abari bavyitavye, mbere na Janine arahakura icigwa.

Share
Back to Top