DUSOZERE

Imyidogo y’abanyagihugu ishingiye ku ngaruka mbi zite-rwa n’abakobwa n’abagore batunzwe no gucuruza imibiri yabo irafise ishingiro. Ikibabaje gusumba ni uko umengo iyo myidogo ntaho ishika kuko umengo ntawuyakira. Ni ukuvuga ko bose ba-sigaye babona ko ico kibazo ari igisanzwe kandi ari inkota y’u-bugi bubiri.

Mu buntu rero ntitwokwiyemeza ko tugira tukirandura-ne n’imizi, ariko twiyemeje gukebura cane cane abo bose vye-ga, ubwa mbere nk’abavyeyi n’amashirahamwe yigenga, kugira bagaruke ku ndero nziza yamye ibaranga no ku nyigisho zikabu-rira abantu kwiyubaha n’ukwiyubahiriza mu gateka kabo.

Ku bamaze kururwamwo bakinjira muri ivyo bikorwa bi-bi, imiryango, amashengero n’amashirahamwe y’abagiraneza, ni bo basabwa ubwa mbere kubitaho hanyuma Reta nayo ikaza ifasha mu buryo bwayo isanzwe ikora mu gukingira imico n’imi-genzo y’igihugu kugira ico gikorwa gishobore gutera imbere ka-ndi gishike kw’ihangiro ryo gutuza burundu uwo mwuga mubi w’ubumaraya mu Burundi.

NTAHONSHIKIYE Placide

Share
Back to Top