Skip to main content

Mme. Madeleine BIGIRIMANA

UGUSOZERA

Submitted by Anonymous (not verified) on
 

Muri make, ivyokorwa kugira abantu bakora ibikorwa vy’iterambere baraburabujwe na “corona virisi” baga-hagarika n’ivyo biyungunganyamwo basubire ku kivi:

Abadandaza

  • Borengera ivyabashikiye bakabandanya batara-taza mu bikorwa vyobateza imbere.
  • Kwiyakira bakabona ko ubuzima budaca buha-garara.

Amashirahamwe

CORONA WE URAKANKOREYE PE. MBURE UMUVYEYI, NKUMIRWE MU KIBANO NONGERE MPOMBE MU RUDANDAZWA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Muri iyi nkuru, Ruzariya ni umukenyezi abanye ne-za n’umushingantahe wiwe Firipo. Aradandaza i-nzoga y’urwarwa amafaranga aronse akayakoresha mu guteza imbere umuryango. Ivyo vyahindutse i-gihe nyina wa Ruzariya agwariye “corona virisi” ikanamuhitana. Inyuma y’aho, Ruzariya yashoye inzoga nkuko yahora abikora, arabura n’umwe amu-gurira kubera ababanyi bari bazi ko nyina wiwe ya-size yandukije umuryango wose, bagatinya kwa-ndura no gupfa.

Badandaza namwe banywanyi bo mu mashirahamwe dusubire ku kivi

Submitted by Anonymous (not verified) on

Mu ntumbero yo gushigikira abenegihugu bakozweko n’ikiza ca corona virisi bahora bakora ibikorwa vyo kwiteza imbere, mu nyuma, bakagira ihahamuka ku rugero rutandukanye kubera ibibazo vy’umurenge-ra,Ikigo Ubuntu gifashwe mu mugongo na PNUD n’i-gihugu ca Suisse, caragiraniye ibiganiro n’abenegihugu bo mu ntara zitandukanye  zo mu gihugu : Cibitoke (Rugombo, Buganda), Bubanza (Gihanga), Bujumbura (Mutimbuzi), Kayanza (Matongo, Kabarore, Kayanza), Ngozi (Busiga, Mwumba, Nyamurenza) kugira gifashe gutekanya imitima yakozweko n’ico kiza ngo basubire mu miga

UGUSOZERA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Muri iki gihe abantu bose bafise ubwoba bwo kwandura u-mugera corona, ubwa mbere bobanza bakamenya ibime-nyetso biranga ico kiza: gushuha, gukorora ata gikororwa kiza, uburuhe utazi ico buvuyeko, guhema nabi, guta ijwi, guta ubushobozi bwo kumoterwa, kubabara mu gikiriza, n’ibindi. Ubwa kabiri, ivyokorwa kugira gituzwe ni ibi:

Kubwa Leta :

UMUCO W’UGUFASHANYA WOBA ARI INTAMBAMYI MU RUGAMBA RWO KURWANYA IKIZA KORONAVIRISI MU BURUNDI?

Submitted by Anonymous (not verified) on
Abarundi bavuga ko umuntu yamye agirwa n’uwundi, ka-ndi ngo tubiri tuvurana ubupfu, agafuni kabagara ubumwe ni akarenge. Umuco w’ugufashanya wagaragaza urukundo n’ubumwe hagati y’abarundi. Uwufise inkoko, igiseke, umubindi w’urukanywa yarage-murira incuti, umugenzi bakagandagaza ikiyago kigahere-kezwa n’urukanywa. Ivyo akenshi vyaba mu gihe c’imanza z’ubugeni, imanza z’impfu, ugusohora umwana, mu gihe c’ukwatirwa, n’izindi. Naho muri kino gihe ubukene bwateye mu bantu, amato-ngo akaga kubera igwirirana ry’abantu, hariho uturere tu-mwe tumwe uwo muco bakiwuhembera.