RWARUKA, DUKORE KUKO TURASHOBOYE!
Ugushikiriza
Urwaruka tuvuga ni urwaruka rw’abigeme n’imisore rutagize cane cane amahirwe yo kuja mw’ishure rufise amahirwe make yo gushobora kuronka ibikorwa vyo-basahiriza mw’iterambere bipfuza gushikako. Iruhande y’urwo rwaruka, hari n’urundi rwaruka rwaciye ku nte-be y’ishure ariko ntirwagira amahirwe yo kumara ayo mashure ngo ruronke urupapuro rw’umutsindo. Ni nk’uru rwaruka ruriko rucira amashure mumwaka w’i-cenda hanyuma ntiruronke irindi saganirizo atari ubu-rimyi n’ubworozi. Uwundi murwi utari muto ugizwe n’urwaruka rwahejeje amashure yisumbuye na kami-nuza mbere rufise n’impapuro z’imitsindo ariko rutige-ze ruronka akazi kajanye n’ivyo bigiye none ubu rwi-caye aho. Iyo mirwi yose uko ari itatu ubu ihanze ama-so imiryango yabo kandi nayo isanzwe ikenye.
Ikigo Ubuntu kirarajwe ishinga n’ico gitigiri c’urwaru-ka rungana gutyo rusa n’urutabona iyo ruja n’iyo ruva maze ivyo bigatuma ruta n’icizere c’ubuzima. Mu mi-gambi Ikigo Ubuntu gishira imbere ku rwaruka ni uko rwomenyera kutazera inze maze rugakura amaboko mu mpuzu rugakora ibikorwa biruteza imbere. Naho biri uko, impinga iracari ndende.
II.1. BIMWE MU BIHANZE URWARUKA MU BURUNDI
Muri rusangi
Uno musi biragoye kuvuga ibijanye n’ikibazo kidasa-nzwe c’urwaruka kuko umuntu adaheza ngo aronke a-ho afatira, aho ahera n’aho ahereza na cane cane dufa-tiye ku bijanye n’ubutunzi na poritike vy’igihugu muri rusangi. Ni ukuvuga rero dushobora gusanga twihebu-ye bimwe vy’agahomerabunwa gushika n’aho ducika i-nkokora twibaza ko igihugu cacu ataco kiriko kirakora ngo urwaruka rumererwe neza gusumba, ariko ibiko-rwa vyo biriko birakorwa. Igisigaye kwitegereza neza ni ikijanye n’ukuraba uko ivyo bikorwa biriko birako-rwa.
Ntibitangaje rero cane kubona hari urwaruka ruriko ru-rita rugahunga igihugu kubera ubukene ngo rugiye « gukera » mu bihugu bibanyi nko muri Tanzaniya ca-ne cane, mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi (R D Congo), mu gihugu ca Buganda, Kenya no mu gi-hugu ca Zambiya n’ahandi tutaramenya.
Ikibabaje gusumba ni ingaruka mbi urwo rwaruka ru-hura nazo muri ivyo bihugu; uguhahamuka kubera ibiyayuramutwe banywa ngo bakore cane kandi biyiba-gize ingorane izi na ziriya ziriko zirabashikira, uguko-rera ubusa canke uguhembwa intica ntikize bamazeyo imyaka nk’ibiri n’iyirenga, ugufatwa nabi n’abakore-sha babo nk’uko umengo ni abashumba canke inyaga-no, guta umwanya, n’ibindi. Akarorero twotanga ni aka:
« Umusore yaba muri Komine ya Giharo yagiye « gu-kera » mu gihugu ca Tanzaniya. Ashitseyo, abamutwa-ye bamushikirije uwari yabatumye abakozi ngo bamu-rimire umurima w’itabi basezerana ko azobahemba ira-ki zine (ibihumbi amajana ane) basoromye iryo tabi. Ku musi ku musi bazinduka bakirirwa mu murima. I-nabuja yarabagaburira neza mu misi ya mbere ariko haciye kabiri yaciye atangura kugabanya imfungurwa kandi n’ubwo busa yabubaha amasaha yagiye kandi a-banje kubashinyaguriza. Icibagiwe ni abana biwe batu-ka uwo muhungu n’abo bari kumwe ko ari « abarundi-rundi ». Mu nyuma, iyo misore yahavuye yanduruka kunywa urumogi gushika aho wa musore ahava ata u-bwenge, biranka ko agaruka i Burundi. Abavyeyi biwe babimenye, baragiye ku murondera, basanga umwana wabo ni akaheze, asigaye ari ikiyingiyi, bicwa n’intu-ntu n’umubabaro ». Ako ni akarorero kamwe muri twi-nshi. Urwo rwaruka rero rugira izo ngorane zose kube-ra umwiheburo w’ingene uno musi rubona uko rubaye-ho nabi kandi n’ejo rutabona uko ruzobaho. Ikigaragara ni uko urwo rwaruka rubona ko rutakiri « Burundi bw’ejo », ahubwo mbere rutazi ico ruzoba rwitwa ejo nibwaca.
II.1.1. Urwaruka rutagiye mw’ishure
Urwaruka rutagiye mw’ishure rutunzwe cane cane n’u-kurima n’ukworora naho ubworozi budafashe. Bake cane ni bo baja mu tundi dukorwa babona ko twobasa-hiriza mu kwiteza imbere nk’imyuga mitomito hamwe n’urudandazwa rudafashe. Nta yandi mikoro urwo rwa-ruka rufise. Ni ukuvuga ko amahirwe yo kwisununura mu kubaho neza kwabo ari make cane. Iyo amashiraha-mwe yo kwiteza imbere aje gufasha urwaruka, aca mb-ere akora ni ukubakarihiriza ubumenyi ngo babone kure mu vyobafasha kwiteza imbere.
Imigambi itari mike yararanguwe ariko n’uno musi u-rwo rwaruka ruracabohewe amaboko i mugongo n’u-bukene bwa misi yose. Umusore wo muri Komine ya Itaba avuga ati : « Ni ivy’ukuri urwaruka rutaciye mw’ishure rurafise ingorane nyinshi na cane cane mu vyo gutegera impinduka mw’iterambere amashiraha-mwe aza aruzaniye. Bisaba ko haba n’uwaciye mw’i-shure ngo abafashe na bukebuke kuko ishaka ryo guko-ra rurarifise ».
Ikindi na co tutokwirengagiza ni uko urwo rwaruka ru-kenera cane abagwiyumvirira imigambi yoruteza imbe-re canke rugakenera uworuhinyanyurira ivyiyumviro ruba rusanganywe. Ivyiyumviro vyinshi vyabo ni vya bindi vyo kuva kuri ba sokuru n’abasokuruza baguma-mwo aho kubishira muri kubu. Akarorero twofatirako ni ibijanye no kurima, umwuga wa mbere wa basokuru kandi utunze Abarundi benshi. Bake cane muri uru rwaruka turiko turavuga biyumvira kurima no kworora kijambere nk’uko abahinga babidusaba. None mwu-mva muri ico gihe, uwundi muti wova he ?
Biragaragara ko urwaruka rufise amikoro make ari na co gituma hari imigambi imwe imwe y’iterambere ru-dashobora kwihanga kuko isaba uburyo bwinshi. Mu-gabo abasokuru barayamaze bati : « Ikiri kure kirya a-bari n’amaguru » kandi « Ushaka umubira abira akuya ». Igihe inyigisho abagiraneza batanga zoba-nyegetera, nta nkeka n’ico kibazo c’uburyo cohera. Akarorero : Papiya wo muri Komine Ruhororo, mw’i-kambi y’aba-teshejwe izabo, mu ntara ya Ngozi, yara-tuganiriye i-ngene yigeze guhera ku dufaranga dukeya gushika aho ashika aho aronka umutahe wo kurangura ibitoke. Kenshi na kenshi urwaruka rwipfuza gutangu-rira ku mutahe munini maze uwo na wo ukaba ugoye kuronka no gukoresha bugingo utahereye kuri bito bito.
Hari uwundi musore wo mu Kayanza yatumenyesheje ko yatanguriye ku kworora urukwavu rumwe agabiwe na mushikiwe, hanyuma urwo rukwavu ruravyara ubu-buguru bwinshi, bumaze gukura, izo nkwavu zose ara-zigurisha aca agura ingurube maze na yo iramukundira gushika aho aronka umutahe ufadika wo gutangura urucuruzwa rutoyi none ubu aritunze.
Kuri ibi bibazo vyose urwaruka rutagiye mw’ishure ru-gira, umuti nya mukuru ni uwu :
- Kuja hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza i-mbere kandi mwese musenyera ku mugozi u-mwe ata wandya wangura ;
- Kuronka no gukurikiza impanuro abagira neza babaha ;
- Kwemera no gushaka kwiteza imbere wewe nye-ne hanyuma ugerageze iki na kiriya ;
- Kwijukira amashirahamwe yigisha ivyo kuziga-nya no kuguranana. Abamaze kumenya akamaro kayo, barayahurumbira. Akarorero: Ishirahamwe ry’urwaruka ryo muri Komine Itaba ifashwa n’I-kigo Ubuntu ryarashoboye kugurira amasuka a-banywanyi bose kandi ata mfashanyo ivuye ha-nze baronse.
II.1.2. Ku rwaruka rwaciriye hagati amashure
Uno musi twovuga cane cane urwaruka rwagarukiye mu mwaka w’icenda hanyuma ntirwaronka amahirwe yo kubandanya amashure. Ni vyo urwo rwaruka nti-vyaruvuyeko kanatsinda harimwo abipfuza gutera i-mbere mu vy’ubwenge. Uru rwaruka rero ruragoye ca-nke kandi narwo nyene ruragowe!! Ni urwaruka rwika-nga « agasirimu » mu kwitandukanya n’urwaruka ruta-giye mw’ishure hamwe n’urwaruka rwamaze amashure ariko rudafise akazi. Ni urwaruka ruri mu kirere kuko ntiruzi kurima nk’abo batagiye mw’ishure kandi ntiba-shaka kurima. Ni urwaruka rwirigwa ata co rukora ari ukurya rukaryama hanyuma rukaja kw’irigara gusa. Nta mugambi wo kwiteza imbere rufise, rukeneye aba-rushigikira kuko ruracari ruto cane.
Muri iki gihe, ingaruka mbi ni nyinshi ziturutse kuri u-rwo rwaruka ata co rukora:
- Gushwana imisi yose n’abavyeyi babo ngo nti-nanahaye ibi na biriya kandi na bo atavyo bafi-se ;
- Abana b’abakobwa baja mu ngeso mbi z’ubu-shurashuzi maze inda z’ishushu zikaba umure-ngera ;
- Abahungu birirwa ku marigara barya amadeni kandi banywa inzoga ;
- Abakobwa n’abahungu bari muri uwo murwi ba-sigaye bahunga cane imiryango yabo : abahungu baja kurobera mu bihugu bibabanyi (Tanzaniya) abandi na bo bakaja mu bisagara ;
- Abavyeyi ntibabona ico bokora kugira ngo abana babo batere imbere.
Kuri uyu murwi w’uru rwaruka, ikibazo co kwiteza i-mbere ni amananiza; bamwe muri bo bavuga bati: « SHURWERYIMANA Mariya w’i Giharo asaba yi-sabira kandi asabira n’urundi rwaruka ati: « Nimutwi-gishe n’imiburiburi imyuga itandukanye dukore kuko turafise amaboko yo gukora ivyo kurima na vyo tubire-kere ababimenyereye ». Iyo myuga avuga si iyindi ni: ukubarira, ukumwa no gusuka imishatsi hamwe no ku-baka.
Kugira rero ivyo vyose bishoboke, ni uko boja mu ma-shirahamwe y’urwaruka ariko naho nyene bakeneye a-babashigikira mu nyigisho zibugurura amaso cane ca-ne. Erega n’ubwo burimyi ni umwuga mu yindi igihe bukozwe neza.
II.1.3. Urwaruka rwagiye mw’ishure hanyuma rukabura akazi ka Reta canke ahandi
Muri iki gihe, urwaruka rutagira akazi rwarahejeje a-mashure ni rwinshi: hari abamaze imyaka irenga itanu bicaye muhira mbere utoba ukimenya ko bize amashu-re basigaye ari abanyagihugu basanzwe. Aba rero nti-bagifise icizere co kuronka akazi ka Reta kandi ntiba-gishaka n’uko hagira uwuvuga ko bahejeje amashure. Muri bo, hari abasigaye ari abarimyi n’aborozi ariko si aba kijambere. Ntibashoboye na bo kwerekana ko boba baciye ubwenge kurusha abatagiye mw’ishure muri ico gikorwa co kurima no kworora.
Ariko rero, ingorane nya mukuru urwo rwaruka rugira, ni ukugaya akazi. Baribagira cane rwose ko ibintu bihi-nduka bitama ari vya bindi imisi yose. Ico rero ni iki-babaje cane batibuka ko « uwumugaye atayoberwa no gucumbagira ». Reta n’amashiramwe yigenga ntasho-bora gukwiza akazi bose uko bangana: ico bakora ni u-ku kukaburira kwiyumvira gushasha ico urwo rwaruka nyene rwokora ngo gwiteze imbere. Kuri uru rugero nyene, hari ibibabaza cane. Mu migwi yo kwiteza i-mbere uru rwaruka ruba rurimwo, ntigwerekana ko rwize amashure mbere n’abandi bantu bashobora ku-gwizigira: hari aho usanga ari rwo ruriko rurasambura iyo migwi aho kuyifasha gukurikiza intumbero rwiha-ye. Ni rwo usanga rudatanga akarorero keza mbere ri-mwe na rimwe rukagarariza.
None abize amashure ari bo ba mbere batanze akarore-ro kabi, abo bari kumwe batize nka bo bovuga iki? Aha rero twovuga ko iterambere ryo mu mutwe iwabo ritigeze riba, ryarabaye ntaco ryahinduye. Ikibabaje ni uko akantu kose kaje, bama bashaka kuza imbere ariko bigaca vyanka ko babera abandi indongozi. Bake ni bo babishobora. Uyu murwi w’abahejeje amashure, bari a-bo bantu ba mbere bo gukorana kuko ari bo bobona i-bintu n’ingoga hanyuma mu nyuma bakarongora aba-ndi mw’iterambere. Uturorero ntitubuze tw’aho hari a-bagerageje: « Umusore Havyarimana Manweri yaheje-je amashure yisumbuye Ndamurirarumuri mu gisata c’ibiharuro. Yarirutse arondera akazi gushika imyaka i-tatu arahebura.
Ati jewe ngwanye rwana: aca yigira umugambi wo gu-saba umuntu yomwigisha umwuga wo gushona impuzu maze amwemerera ko azopfuma aza aramukorera kugi-ra arihe aho yamwigishije. Uwo yari kumwigisha yara-vyanse ati rondera amahera na makeya ndayabone. Manweri yaciye agenda guca ingero aho batera umuce-ri araronka ibihumbi mirongo itatu, aca ayo mahera a-yazanira yose wa mwigisha, na we aca aramwigisha. Mu kwezi kumwe Manweri yari azi gushona. Arakora akorera abandi ariko agatima kose kari ku kwigurira i-mashini yiwe. Mu mwaka umwe, yari yamaze kugura icarahani ciwe bwegu none ubu yaruguruye inzu yo gushona yiwe »: Mpa akate ndambarare arutwa na mpa akabando nandare » kandi ngo « uwutema urwiwe ba-mutiza umuhoro ».
Ugusozera
Urwaruka rurashoboye ; igisigaye ni ukugerageza kwi-vako hanyuma rukemera kwugurura amaso, umutima n’ubwenge kugira rurondere rwo nyene ibiruteza imbe-re ata kuzera inze. Hari urwaruka rwamaze kuvyereka-na, rurakurikira neza inyigisho zitangwa n’abagiraneza baza kurufasha mbere n’Ikigo ubuntu kirimwo. Urwa-ruka rumaze gutera intambwe rwobera akarorero aba-ndi ariko mu kirundi bavuga bati : « Icerekwa ni ikibo-na ikibwirwa ni icumva ».
Ikindi gihambaye cane ku rwaruka rushaka kwiteza i-mbere, ni uko bohindura ingendo bakwubahuka gukora n’ivyo bikorwa bitobito ariko bibafitiye akamaro mw-’iterambere. « Nta mwuga udakiza kiretse uwo kuro-ga. »
Mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, ni ho urwaruka rwokura imitahe y’ibanze. Ni co gituma bo-yahurumbira kandi bagakurikiza amategeko.
- Log in to post comments