Rwaruka, dukure amaboko mu mpuzu turondere kazoza keza
INTANGAMARARA
Ikibazo co kuronka akazi ku rwaruka mu gihugu cacu kiraraje ishinga abatware, abavyeyi n’urwaruka. Uga-niriye n’urwaruka rwo hirya no hino, rw’aba urutaciye mw’ishure, urwayaciriye hagati canke urwayamaze a-benshi usanga bidoga ko ubukene bubarembeje kandi bari bafise inguvu zo gukora.
Ni naho usanga bamwe baca baja mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi guhigayo ako kazi. Abandi baga-twagwa n’agashavu ntihagire ico bahereza iminwe, u-kabasanga badukanye ingeso mbi y’ubunebwe bakiri-gwa bicaye ku ma “ligala” bakina amakarata bongera bahigira n’izindi ngeso mbi zo kunywa ibiyayuramu-twe, ubuhumbu…. Ivyo bigaca bigira ingaruka mbi ku-ri bo, mu kibano no ku gihugu.
Ikigo Ubuntu, gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF kirakangurira urwaruka rwo mu ntara zitandukanye kwijukira amashirahamwe kuko ariho ruhura n’urundi rukungurana ivyiyumviro vyo kwiteza imbere haba mu mibereho yarwo haba mu butunzi.
N’aho biri uko, hari urwaruka rudakunda ibikorwa, ru-gashaka kurya ivyo rutabiriye akuya rukibagira ko “U-wutarima ntamira”.
Ivyo tubashikirije vyavuye mu biganiro twagiranye n’urwaruka rwo mu ntara zitandukanye aho Ikigo Ubuntu gikorera.
- Log in to post comments