NI IVY’UKURI, URWARUKA TWIPFUZA TWESE KUBANA MU MAHORO N’UBUNTU  !

  1. Ikigo Ubuntu kirajwe ishinga n’iki ?

Rwaruka, ndabasavye mwiyumvire kazoza keza kanyu

Birakwiye kandi biratunganye ko twobanza gushikiriza no kudondora icipfuzo n’ibikorwa Ikigo Ubuntu gifise kugira dushobore gutegera neza ibikorwa Ikigo Ubuntu kirangura.

  1. Ihangiro ry’Ikigo Ubuntu

Ikigo Ubuntu (Centre Ubuntu), kuva gitangura gukora mu mwaka w’2002, kirajwe ishinga n’uko Abarundi, Abarundi-kazi eka n’ababa mu Burundi bose bosubira kwama barondera gushingira vyose ku muco w’ubuntu. Uwo muco ntiwigeze usiga inyuma kiremwa muntu, kirazira hamwe no gufashanya mu bu-ntu aho guca umukozi.

Ni nkenerwa kandi birihutirwa ko dusubira gusanasana imitima y’Abarundi, Abarundikazi n’Abanyamahanga yagiye iratabagurwa n’ivyo twaciyemwo bibi. Vyongeye kandi, ni igi-korwa c’umwanya wose kuko « kirazira » ntibikiriho gushika n’aho abahora basangira umukenke batagicana uwaka. Igihe tu-baye rero ba sindabibazwa, nta nkeka abene Burundi n’ikibano cacu tuzosambuka tubona hanyuma dusigare twicuza ataco tukivuna.

Vyaragaragaye mu myaka iheze mbere n’ubu biraboneka ko abenshi tukigendana ibikomere vya kahise kabi gushika n’aho urwarura rwaruka ubu rushobora gukurana ivyo bikome-re bitavuwe, maze na rwo ruze rubirage kandi abo ruzovyara. Ikigo ubuntu cipfuza ko tworaga abana bacu umuco w’Ubuntu muri vyose.

  1. Ikigo Ubuntu gikoresha ubuhinga ubuhe ngo dusubire kubana nk’abavandimwe ?

Uwuza kwubaka igihugu neza, abanza gutegura abagize ico gihugu ahereye hasi ku ziko. Urwaruka rero ntirusigara

Inyuma, na kare ngo : « izija guhona zihera mu ruhongore ». Kugira rero umuntu ashobore kugorora imitima n’ibintu ahe-reye ku ziko gushika ku rwego rw’igihugu ntivyoroshe ; ni ibintu bisaba ubuhinga bunonosoye neza.

Ikigo Ubuntu caricaye hasi congera kirabaza abahinga batandukanye bava aha iwacu no mu bihugu bitandukanye vya gerageje kwubaka neza imibano yabo (mbere kenshi na kenshi bigoranye), gisanga ubuhinga bubereye ni ubwo kubanza gushi-mikira kuri kiremwa muntu ubwiwe. Ni ugutahura ubwa mbere ko umuntu atandukanye n’ibindi biremwa vyose kanatsinda ni we afise ububasha bushingiye ku buntu n’umutima wo gucagu-ra iciza n’ikibi mu gushaka no mu gutunganya ivyaremwe vyose ku neza yiwe n’iy’abandi1.

Ubuhinga bukurikira ni ubwo gufasha ikibano cose gute-gera ingene kiremwa muntu ategerezwa kubana n’abandi. Bici-ye rero mu kwigana inkuru no mu dukino, abagize ikibano bose barakubita agatima mpembero ku vyiza n’ibibi hamwe n’ibitu-ma kugira ngo bazitire bataronerwa hanyuma ibibazo babitore-re umuti vuba bwango. Iyo umuntu ahanzwe n’ingorane, ume-ngo ijuru rimwubamyeko, ariko ari kumwe n’abandi, araruhuka akabona ko iyo ngorane ayisangiye n’abandi2 hanyuma baka-yitorera inyishu.

Abo bagize ikibano, baba ari abakuze n’abato, mu buta-ndukane bwabo haba mu vy’ibitsina, vy’amoko, mu vya poritike n’amadini atandukanye, abakene n’abatunzi, hamwe n’abatwa-re bajejwe gukurikirana ivyavuzwe vyose.

Twese tubane nk’abavandimwe

Ubundi buhinga Ikigo Ubuntu gishingirako ni uko ba-mwe bose baheza bakigira ku bandi biciye mu biganiro bica ku nsamirizi y’Uburundi mu kiganiro Ubuntu Burihabwa, mu Ki-nyamakuru « Ubuntu Burihabwa » hamwe no ku muhora nguru-kana bumenyi www.centre-ubuntu.bi. Gutyo, Abarundi n’Aba-nyamahanga baca bihutira gusubira kwubaka imitima y’Abaru-ndi n’Uburundi bishimikiye ku mico y’Ubuntu na cane cane mu bijanye no gufata ingingo zibereye bose n’ibikorwa vyofasha gushikira iryohangiro.

Ugufasha abatuntuye na vyo biri mu buhinga Ikigo Ubu-ntu gikoresha. Uguta ubuntu vyakweze ubwicanyi bw’agahomeramunwa bwagiye buraba, uguhohotera agateka ka zina muntu, ukwangazanya, ukubura abawe n’ivyawe, n’ibindi. Ivyo tubigire rero indahiro.

Kugira ubushakashatsi : mu bikorwa vyose Ikigo Ubuntu gikora, kigerageza kwubakira vyose ku mico y’Ubuntu. Ni co gi-tuma ico Kigo kibanza kwishikira mu kibano kugira kibone ne-za uko abantu baho babayeho, ingeso, inyifato mbi canke izindi ngorane zihanze abantu bo muri ico kibano cipfuza gukorana.

  1. Umugambi w’Ikigo Ubuntu n’Ubusuwisi wo gusasagaza amahoro n’ubuntu

Bati « Imiti ikora ikoranye » ni co gituma Ikigo Ubuntu kidashobora gushika kw’ihangiro cihaye kidafatanije n’abandi. N’ubu rero Ikigo Ubuntu ntigihengeshanya kurondera no kwu-gururira imiryango abo bose bipfuza gufasha Abarundi n’Aba-rundikazi kugira babe mu mahoro. Bityo, ikibano gisubire ku-mota Ubuntu, Igihugu cacu na co gisubire kuba igihugu c’amata n’ubuki mw’iterambere ryuzuye rirama.

Umugambi Ikigo Ubuntu kiriko rirarangura gifadikanije n’Ikigo co gufashanya c’Ubuswisi (coopération Suisse). Uwo mugambi ushingiye kuri ibi bikurikira:

  1. Ihangiro ngenerwako ry’umugambi

« Dushingire ku Buntu kugira ikibano kibandanye gishi-nze imizi mu Burundi kandi dutsimbataze umuco w’Amahoro». Iryo ni ryo hangiro nya mukuru w’uyu mugambi.

Umugambi wose wama ufise ihangiro wiha nya mukuru. Iryo hangiro na ryo rica ryishimikiza ayandi mahangiro nca-mwanya kuko ni kuri yo, ibikorwa vyose vy’umugambi bifati-rako. Kuri uyu mugambi, amahangiro ncamwanya, ni aya :

  1. Gutunganya ibiganiro vyo mu kibano bishingiye ku ku-bara inkuru n’udukino kugira umwe wese ashikirize ku mugaragaro ingeso canke inyifato mbi n’icokorwa ha-nyuma umuco w’amahoro ntusubire inyuma mu gihugu cacu c’Uburundi;

  2. Kwubaka ikibano kimota ubuntu kubera ko imirwi yo gusasagaza ubuntu ibandanya ihimiriza kandi igenzura ko ingeso n’inyifato z’ubuntu ziguma zishinze imizi aho babaye maze umuco w’amahoro usasagare mu gihugu cacu ;

  3. Gutunganya ibikorwa bishingiye ku ntambo n’utugene-gene kuko ni umugenzo kama wamye usasagaza amaho-ro n’ubuntu mu kibano c’Abarundi ;

  4. Abafata ingingo mu vy’intwaro y’aho dukorera baratege-ra kandi baraterera muri iki gikorwa co gutsimbataza umuco w’amahoro n’ikibano kimota ubuntu kubera iki- ganiro « Ubuntu Burihabwa » gica ku Nsamirizi y’Uburu-ndi n’inyandiko dusanga mu Kinyamakuru c’Ikigo Ubu-ntu « Ubuntu Burihabwa ».

Menya Neza : Ibikorwa vyose bijanye n’ayo mahangiro ane nca-mwanya y’umugambi kugira dushikire ihangiro rikuru.

  1. Ni bande bajejwe kurangura uyu mugambi ?

Ikigo Ubuntu cahisemwo gutunganya umugambi uzoshi-rwa mu ngiro n’urwaruka rwo mu Ntara zikurikira : Rumonge3 (ku Mugara), i Gitega (Komine Mutaho4 i Rwisabi) Komine Giheta5 i Kabanga hamwe no muri Komine Itaba6 i Kanyinya), Ngozi muri Komine Ruhohoro7 (Ikambi y’abateshejwe izabo y’i Mubanga), Kayanza (IKomine Gatara8 na Komine Matongo9) n’Intara ya Cibitoke (Komine Buganda10 n’Ikomine y’i Mabayi11).

Ishure ni ituta ry’ubumenyi ariko ubwo bumenyi buzogi-ra akamaro ariko bumurikiwe n’ubuntu. Ni co gituma Ikigo Ubuntu kidasiga inyuma urwaruka rwiga mu mashure y’isu-mbuye na Kaminuza ari mu mirwi y’Ubuntu (Club Ubuntu) kuko na bo bakeneye guca akengeruntu ngo ejo aho bukera abe ari bo bazovamwe abatware b’ubuntu kuko barereshejwe indero runtu. Ayo mashure nayo ni aya :

Iseminari yo mu Ntara ya Rutana bataziriye Umweranda Petero Umutumwa w’i Mika, Ishure ryisumbuye ryo mu Kajaga (Komine Mutimbuzi), Umurwi w’Abanyeshure bo mu ma Kami-nuza atandukanye (Club Interrégional) n’Ishure ryisumbuye ryo mu Bukeye i Banga. Dufatiye hamwe, umugambi wihaye ihangiro ryo gukorana n’urwaruka rungana amajana atanu na mirongo ine (540) gushirako n’urwaruka rwo mu mirwi y’Ubuntu yo mu mashure ane (4).


 

  1. Mbega urwaruka, abanyagihugu n’abatware bagona iki aho babaye?

Mu biganiro twagiranye n’urwaruka hamwe n’abagize ikibano c’aho dukorera, ivyiyumvyiro vyerekana ko umubano mwiza ushobora guhungabana ni ibi:

  1. Muri Komine Rumonge ku Mugara

Mu nyigisho ziciye mu biganiro vyo kurabira hamwe ingeso n’inyifato mbi zishobora gusubiza inyuma ukubana ne-za, urwaruka n’abavyeyi babo baserura ikiri ku mutima bati : « Urwaruka rurakunda gushamirana canke kurabana ribi kube-ra : ubunebwe bujanye n’amarigara, ibihuha bitandukanye bica ivutu, ubusuma bwo mu mirima na cane cane ubusuma bw’ibiga-zi vy’amavuta, akaborerwe n’uburozi”. Ingeso mbi iza imbere ya zose ni iyo ngeso y’ “ubusuma bwo mu mirima no mu mazu”.

Muti none ubwo busuma bwoba buva kuki ? Urwaruka rwo nyene rurashikiriza ibituma nya mukuru bitera ubusuma bwaba ubwo mu mirima canke mu mazu ruti : [Ukubura akazi mu rwaruka rwaciye mu mashure cane cane eka no mu rwaru-ka rufise amatongo mato. Muri ico gihe, abatagiye mu mwuga wo kuroba, nta kindi gikorwa baheza ngo bakore. Hari kandi amarigara, ubunebwe hamwe n’ukunywa ibiyayura mutwe.

Ibindi bituma bishingiye cane cane kuri urwo rwaruka rwihebeye umwuga wo kuroba. Igihe rero urwaruka ruroba ru-tariko rurarangura uwo mwuga warwo, rubona ko ata kindi gi-korwa rushobora gukora atari ibijanye n’ukuroba gusa kandi rwari gushobora kwungikanya uburovyi n’ikindi gikorwa aho guca rurera amaboko. Abasokuru ni bo bayamaze bati : « Nta mwuga mubi ubaho kiretse uwo kuroga gusa »].

Ingaruka z’ubusuma bwo mu mirima no mu mazu ni nyi-nshi kandi zirashobora gutera uruhagarara mu kibano. Hara-shobora kuba ubwicanyi, gukina akamari no kunywa ibiyayura mutwe, kwinubana mu kibano, uburozi, gushira mu mutego kazoza k’urwaruka n’ak’ikimiryango.

Ku bijanye n’ubwo busuma, urwaruka rwo mu Rumonge ku Mugara rusaba ko urwaruka rwose rwoja mu mashiramwe yo kwiteza imbere kugira ruze rurungurana ubumenyi kandi ruronke ubuzi bubabeshaho kanatsinda Reta ntiyoronka akazi ihereza urwaruka rwose rw’i Burundi.

Ariko rero Reta n’amashirahamwe yigenga yotegura imigambi isahiriza urwaruka Burundi bw’ejo canke igafata mu mugongo imigambi yashizwe mu ngiro n’urwaruka.


 

  1. Mu Ntara ya Cibitoke i Buganda n’i Mabayi

Abatari bake barazi ko Intara ya Cibitoke iri mu Ntara zishushe kandi n’abantu baho ugasanga bakerebutse. Abagize ikibano c’aho i Buganda ku Ruhagarika, baradondagura inyifato n’ingeso mbi zotuma umubano wabo uhungabana aho gusasa-gara, bati:

Abagize ikibano barashobora kwitunganiriza umubano wabo

Ingeso mbi y’aborozi boneshereza abarimyi” irahagaritse umu-tima abanyagihugu bo muri Komine Buganda. Izindi ngeso mbi babona kandi zibababaje ni ibijanye n’“ukutihanganiranira mu badasangiye ivyiyumbiro vya poritike bigaragara cane mu

rwaruka, ubushurashuzi mu rwaruka no mu bubatse (kurenga ibigo), ibiturire, akarenganyo, uguheba amashure hamwe n’aka-borerwe”.

Ku bijanye n’inyifato mbi yo kwoneshereza abarimyi, abanyagihugu b’i Buganda bavuga ko ibituma cane cane ari “akagaye n’agasuzuguro k’abungere bakengera abarimyi ha-mwe n’ubutungane budahana abagirwa n’ico caha”.

Birumvikana ko ingeso mbi nk’iyo ipfukama mu nda aba-rimyi itobura ingaruka mbi, ku barimyi ku miryango yabo, mu kibano, mw’Ikomine yose hamwe no ku borozi nyene. Aborozi bafungura ivyo abarimyi bimbuye; abarimyi batimbuye, n’abo-rozi ntibotungwa n’amata yo nyene.

Ingaruka za mbere bashikiriza ababa aho i Buganda ni “ inzara, ingwano, kwicana canke kwica ibitungwa hamwe n’inzigo y’inzikira”.

Ariko rero, nta ngorane n’imwe ibura umuti iyo bawuro-ndeye. Urwaruka rw’i Buganda na cane cane urwaruka rwo ku Ruhagarika hamwe n’abavyeyi babo, babona ko vyoba vyiza gu-suma “abatware bagirishije amanama yo guhimiriza aborozi, abu-ngere n’abarimyi kugira ico kibazo bakirabire hamwe amazi atarenga inkombe”. Ikindi cokorwa ni uko abagirwa n’icaha co konesha imirima y’abandi “bohanwa hisunzwe amategeko aho gupfukira ku kibi maze ibi na vyo bigatuma n’izindi ngeso mbi zisasirwa indava”.

Muri Komine Mabayi, muri zone ya Buhoro, abanyagi-hugu baho na bo nyene barabona ko atagikozwe mu bijanye no guhanura “urwaruka rutihanganiranirana mu budasa bwabo mu vya poritike”, bishobora guhungabanya umubano mwiza wariko urasasagara.

Urwaruka ruvuga ko ibituma vy’iyo nyifato ari ukudasa-bikanya neza itunga ry’aho baherereye no mu kurwanira ubute-getsi.

Ingaruka mbi ica yibonekeza ni agashavu kavyuka mu rwaruka rumwe rumwe rubona ko rupfiriye mu bukene, mu kubura akazi ku bahejeje amashure. Si ivyo gusa, hari urwa-ruka rusaba ko hoba ubutungane kuri bose mu gihe hadutse ibintu bibi nk’ivyo vyo kutavuga rumwe mu vya poritike.

Inzindi ngaruka mbi zishobora gushika mu gihe urwaru-ka rwobondanya rwinubana ni inzigo y’inzikira, ubwicanyi, nta n’iterambere rishoboka.

Ikindi rero urwaruka n’abanyagihugu baho i Buhoro bi-pfuza ko cokorwa kugira umubano wabo ugume umota ubuntu ni uko amanama yo kwibutsa abanyagihugu na cane cane urwa-ruka ibijanye no ko kugendera akarangamutima k’imigambwe barimwo bose. Ivyo vyose kwoba ari kugira umwe wese yuba-hirize iciyumviro c’uwo badasangiye ivyiyumviro vya poritike hamwe rero no kwubahiriza amategeko n’amabwirizwa y’igi-hugu c’Uburundi.

Izindi ngeso mbi zivurwa muri ico kibano ni izijanye n’”ibihuha, ubushurashuzi, ubusuma bwo mu mazu no mu mirima hamwe n’uburozi”. Izo ngeso rero zose ni izo kurwanya kugira ngo umubano mwiza ntusambuke.

  1. Mu Ntara ya Kayanza i Banga muri Komine Matongo

I Banga, urwaruka rwaho ruratekanye kandi no mu kiba-no haratekanye. Mugabo rero, abakurambere barayamaze bati: “ Nta mwonga ubura isato iba idahizwe”. Aho i Matongo na ho nyene utunenge twosubiza inyuma uwo mubano mwiza ntitu-buze. Inyifato itanezereye iza imbere ya zose ni “Ubunebwe”.

Ibituma haba ubumenebwe aho i Banga ikibiza imbere y’ibindi ni ubukene bw’amatongo kuko yaze, urwaruka rwahe-jeje amashure rutagira akazi kandi ntirukunde ibindi bikorwa, amarigara, akaborerwe, ubusuma bwo mu mirima no mu mazu.

Icohagarika ubwo busuma, coba igikorwa c’”abarongozi bofata ingingo yo kurwanya amarigara hamwe no kwugurura ubunywero amasaha yitereye”.

  1. Mu Ntara ya Kayanza, Komine Gatara

Muri Komine Gatara harigeze kuba harangwa cane n’ukutavuga rumwe k’urwaruka rudasangiye ivyiyumviro vya poritike (imigambwe) gushika naho ruhakwa gutana mu mitwe. Ibituma vy’ico cuka kibi urwo rwaruka rushikiriza ni ubukene butuma hari bamwe barondera uko bokwibeshaho maze baka-raba ribi benewabo.

Muri iki gihe, ico cuka kibi caragabanutse cane. Naho hari abagifise ubwoba, urwaruka rwo mu migambwe itanduka-nye rugerageza kuja hamwe nko mu makomite acungera umu-tekano.

Urwo rwaruka rwarategereye ko ingaruka mbi zo kwi-nubana hagati yarwo zishobora kuba nyinshi: ubwicanyi, ku-gwana no gukomeretsanya, gutotezanya, kwangaza abo mu-tavuga rumwe, gusotorana, ubwiyorobetsi mu vya poritike, nta terambere rishoboka, ugusambura abantu n’ibintu, urwaruka ntigwigera rutegura kazoza keza hamwe n’ubwoba bwa muge-nzawe mubana.

Urwaruka rusaba ko komite zihuriyemwo bose mu gucu-ngera umutekano zokomezwa maze hakaba n’inyigisho zishi-ngiye ku ntwaro rusangi n’ingene abantu bayitwaramwo mw’itunganywa ry’igihugu n’abakibamwo kuko iyo abantu ba-tumvikana mu vyiyumviro vy’imigambwe na poritike ntibisigu-ra ko baba ari abansi. Ikindi basaba ni uko inyigisho z’umuco w’ubuntu hamwe n’inyigisho z’uburongozi bushingiye ku muco w’ubuntu zotsimbatazwa .

  1. Mu Ntara ya Ngozi muri Ruhororo Mubanga

Zone Mubanga irimwo ikambi y’abataye izabo kubera urwimo rwadutse mu 1993. Urwaruka rwo muri iyo kambi ha-mwe n’urwaruka rwasigaye mu mitumba bamye barabana ay’i-ngwe kubera kudasangira ubwoko canke ivyiyumviro vya pori-tike.

Inyigisho Ikigo Ubuntu cagiye kiratanga, zaratumye urwo rwaruka rusubiza hamwe, rurareka kurabana ay’ingwe. Ubu barashinga intahe ko muri rusangi babanye neza. Abadasa-ngiye ubwoko barashingiranira abageni. Imigambi ya kazoza nayo bakayiyumvirira hamwe.

Gira aho uba wubahwe!!!

Yamara ubwoba ntibubuze, kuko ibikomere ntibirakira ku mpande zose. Abari mu makambi bafise ubwoba ko bohava birukanwa aho baba ku nguvu ivyo navyo bikavyura agatima ko kwinubana hagati y’abasigaye ku mitumba be n’abo bahunze.

Ibiganiro bihumuriza hagati y’abatware n’abo banyagi-hugu vyoba kugira imitima ya bamwe n’abandi ntigume iri he-juru.

Izindi ngeso zosambura ikibano aho i Mubanga ni ugupfa amatongo, ubusuma bwo mu mirima no mu mazu”, ubushura-shuzi no kurenga ibigo”, “uguharika” hamwe n’”ukuguma bibuka kahise kabi baciyemwo”.

  1. Mu Ntara ya Gitega

  1. I Mutaho i Gwisabi

I Gwisabi, hariho abanyagihugu n’urwaruka bidoga kubi-janye n’imigenderanire iri hagati y’abari mu migambwe itandu-kanye, bipfuza y’uko yoba myiza kuruta uko iri ubu. Bagashima ariko ko abatware baho babikorerako mu ndinganizo zabo.

Iyindi ngeso urwaruka ruvuga ko yorwanywa ni ubushu-rashuzi”. Iyi ngeso na yo ikaba iterwa cane cane n’ubukunzi bw’inda, ingeso ifatiye ku kamere ka muntu n’ubukene.

Ingaruka z’ubushurashuzi na zo nyene ni nyinshi kandi zirashobora gutuma mu kibano ibintu bigenda nabi cane. Utu-rorero ni nk’utu: urupfu, indyane mu miryango, ugutandukana kw’imiryango, abana batazwi n’amategeko kandi batazi abavyeyi bose, indwara zica mu bihimba vy’irondoka n’ingo zisambuka burundu.

Urwaruka rw’aho i Mutaho rubona ko umuti munovu wovugutirwa iyo ngeso mbi y’ubushurashuzi ari “ kugwiza inyi-gisho mbere abatware bakaba ari bo ba mbere bahagurukira iyo ngeso mbi”. Mu nyuma hokurikira guhana abo vyanse ko bumva impanuro n’inyigisho bahawe.

Iruhande y’izo ngeso n’inyifato mbi twamaze gushikiri-za, hariho n’izindi tutokwirengigiza: kunywa ibiyayuramutwe, uburozi, akaborerwe, uguharika hamwe n’urusaku”.

  1. IKomine Giheta

Muri Komine Giheta, urwaruka rusaba ko ingeso y’ubu-beshi yohagurukirwa ikagwanywa. Abagize umubano bavuga ko ubwo bubeshi buterwa cane cane n’ingeso y’ubusuma, ubu-shurashuzi hamwe n’ubukene. Ingaruka z’ububenshi zishingiye cane cane “ku kugurisha ivyo mu nzu”, imishamirano irimwo no kugwana, ugupfungwa, uguta icizere mu kibano n’urupfu rura-shobora kuziramwo.

Muti none umuti w’ingeso yo kubesha wovahe canke ni uwuhe? Urwaruka nyene rurabona umuti urama bovugutira mwene abo bantu bagenza urunwarunwa. Na wo ni uyu: “inyi-gisho zishingiye ku buntu hamwe no guhana mwene abo bantu.

Mu mbavu y’ingeso y’ububeshi, haza ingeso z’ubusuma, akaborerwe no gusesagura umwimbu mu muryango.

  1. Komine Itaba i Butare na Kanyinya

Komine Itaba na yo nyene iri mu makomine y’Intara ya Gitega yahuye n’ivyago vyinshi duhereye cane cane mu 1993 n’2002. Iyo Kominekiriye impunzi zahungiye mu gihugu hagati mu makambi atatu: ikambi yo mu Gihamagara, ikambi y’i Buhoro hamwe n’ikambi y’i Gisikara.

Urwaruka rwo muri iyo komine rwarinubana cane gu-shika n’aho rwivugira ruti: “Jewe imvura iguye ngeze aha mw’ikambi y’abahungiye mu gihugu hagati, nemera kunyagi-rwa hako nja kuhugama”; abandi na bo bati: “Ntitwubahuka kuja kurima amatongo yacu yasigaye ku mitumba kuko twa-tinya ko batugirira ivyadushikiye mu 1993”. Ni ukuvuga rero ko Ikomine yose yari muri ubwo bwoba bushingiye kuri kahise kabi.

Ku mitumba ya Butare na Kanyinya, Ikigo Ubuntu cage-ndeye kandi kikaba kiharangurira uyu mugambi wo gutsimba-taza ikibano kimota ubuntu, urwaruka rwaho ruremeza ko ivyo kwinubana bifatiye ku moko vyagabutse cane mbere no guhana abageni bisigaye ari ibisanzwe. Ingeso ibihanze kuruta ibindi vyose ni ingeso mbi y’”akaborerwe” gaterwa no kubura akazi hamwe n’akamenyero kabi bafise ko kunywa inzoga z’umure-ngera.

Ingaruka z’akaborerwe si nke kandi ziradurumbanya abagize umubano wari witekaniye. Izo ngaruka mbi ni nk’izi: ukugwana, ugusesagura itunga ry’umuryango, ububeshi, ubu-ryarya, ubushurashuzi hamwe n’ubusuma.

Ico urwaruka rw’aho Itaba rwipfuza ni uko “hoba ama-nama yo guhimiriza abanyagihugu kugira babamenyeshe canke babibutse ingaruka mbi z’akaborerwe. Ikindi na co babona co-bafasha ni ikijanye no gufasha urwaruka kuronka ibikorwa bi-bafatira.

Izindi ngeso canke inyifato mbi zishoka zibonekeza aho Itaba ku mitumba dukorerako ni ubusuma, urusaku, ingorane z’amatongo, ubushurashuzi, ukwinubana hamwe no gukina akamari.

  1. Mu ncamake

Abasokuru barayamaze bati: “Umugabo akira ikinyoma abeshewe ntakira ikinyoma yibesheye”. Mu nyigisho Ikigo Ubu-ntu cigisha urwaruka n’abanyagihugu kibicishije mu kuyaga no mu bikino bishingiye k’uvyo bo nyene babayemwo, zirerekana ko abanyagihugu, ubu babanye neza kandi bipfuza kuguma mu mahoro hanyuma bashobore kwiteza imbere.

Ariko rero ngo : N’uwuhigimye aba avuze”. Ntawosya bwose ngo ikibano hose cifashe neza. Nico gituma aho aboros-hakiyago b’Ikigo Ubuntu baciye basabwe kubandanya bibutsa urwaruka rukunda gukoresha inguvu, urwaruka rufise amaraso ashushe, urwaruka rwita muri vyose kugendera ubuntu mu vyo rukora vyose kugira ruze rushikire kazoza keza.

Ikindi urwaruka rusaba ni uko Ikigo Ubuntu cotora ubu-ndi buhinga bunyaruka bwo kwigisha ivy’Ubuntu abatware ha-mwe n’abanyamigambwe kuko ijambo ryabo rirumvirwa kandi rishikira benshi. Aho turizigiye ko urwaruka n’abarundi bose bazokwibuka ico ari co kiremwa muntu n’agateka kiwe ko ari uwo kwubaha n’ukwubahiriza, ukwari kwose no mu vyiyumvi-ro vyiwe vyose ukwo biri kwose.

P. Placide NTAHONSHIKIYE


 

1 Michel KAYOYA, Entre deux monde, Ed. Missionaria Italiana, 2007 et « Sur les trace de mon Père » à la décourvete des valeurs

2 Yvonne Sleep, TN (Ubuhinga bwo gufasha ikibano kwitorera umuti w’ingorane)

3Komine Rumonge ingana Km² 324,88. Mu buraruko ihana urubibe na Komine Burambi, mu Bumanuko hari Komine Nyanza-Lac, mu Buseruko hari Komine Buyengero, mu Burengero hari ikiyaga Tanganyika. Akanyagihugu bangana ibigumbi mirongo ibiri na bitatu (23.000) batunzwe n’uburimyi (ibigazi cane cane) ubworozi, uburovyi hamwe n’urucuruzwa. Muri kahise kabi, Intara ya Rumonge bayihunze ku bwinshi baja mu bihugu bibabanyi (Tanzaniya, Kongo Iharanira Intaro Rusangi, Zambiya n’ahandi. Iyo Komine ifise ingorane z’amatongo (abahunguka bo 72 n’abatahunze), ukubura abantu n’ibintu, impfuvyi n’abana bahunguka bigora gusubira mu mashure. Umubano ni mwiza mugabo hari ugusotorana kw’abasangiye ivyiyumviro vya poritike (CNL na CNDD-FDD).

4 Komine Mutaho ingana km² 151. Iyo Komine ihana imbibe: mu Buraruko hari Komine Ruhororo, mu Bumanuko hari Komine Mbuye (Intara ya Muramvya), mu Buseruko hari Komine Bugendana, mu Burengero tuhasanga Komine Rango (Intara ya Kayanza). Abanyagihugu (86.646) batunzwe n’Uburimyi, ubworozi imyuga itandukanye. Murri kahise kabi, iyo Komine abadasangiye ubwoko baricanye, hari ikambi y’impunzi y’i Mutaho.

5 Komine Giheta ingana km² 156,7 ihana imbibe na Komine Bugendana mu Buraruko hari Komine Gitega, Nyabihanga (Intara ya Mwaro) mu Buseruko, mu Bumanuko hari Komine Ndava (i Mwaro) na Rutegama (i Muramvya). Komine Giheta na yo nyene yarahuye n’amagume yatumye abadasangiye ubwoko bicana, hari ikambi y’abahungiye mu gihugu gahati i Kabanga. Uno musi umubano ni mwiza.

 

6 Komine Itaba ifise uburinganire bwa km² (222) ifise imbibe izi : mu Buraruko hari Komine Gitega, mu Bumanuko hari Komine Makebuko, mu Buseruko hari Komine Bukirasazi na Komine Musongati (Intara ya Rutana), mu Buseruko hari Komine Butaganzwa (mu Ntara ya Ruyigi). Abanyagihugu batunzwe n’uburimyi ariko isi ntimera, ubworozi bw’ibitungwa bitobito cane cane, imyuga mitomito (nko kumwa imishatsi, gukanika amakinga m’amapikipiki). Komine Itaba yagize ingone nyinshi zishingiye ku moko mu 1993 n’2002 ku mutumba wa Kanyonga – Kagoma. Komine Itaba ifise amakambi atatu y’impunzi zahungiye hagati mu gihugu atatu : i Gihamagara, i Buhoro hamwe n’igisikara.

7 Komine Ruhororo ingana km² 154,1 ; ihana imbibe Bumanuko na Komine Mutaho (mu Ntara ya Gitega), mu Buraruko hari Komine Rango (mu Ntara ya Kayanza), mu Buseruka hari i Komine Gashikanwa, mu Burengero hari Komine Ngozi. Komine Ruhororo ifise amakambi y’impunzi zo mu gihugu hagiti abiri : iyo mu Ruhororo n’iy’i Mubanga. Ni Kominegize ingorane z’ubwicanyi bufatiye ku moko. Abanyagihugu batunzwe n’uburimyi n’ubworozi n’urucuruzwa rutoruto. Ubu umubano ni mwiza.

8 Komine Gatara ifise uburinganire bwa km² 103,9 ; ihana imbibe mu Buraruko na Komine Kayanza, mu Bumanuko hari Matongo, mu Buseruko hari Gahombo, mu Burengero naho hari igice ca Komine Kayanza na Matongo. Abanyagihugu (146.817) batunzwe n’uburimyi n’ubworozi ariko amatongo araga cane, urudandaza rutoruto, ukubumba amatafari n’amategura. Muri kahise, iyo Kominerabuze cane abantu n’ibintu, abandi barahunga, ubukene ni bwinshi. Muri rusangi abantu babanye neza.

9 Komine Matongo ingana na km² 167,18. Iyo Komine ikikujwe n’amaKomine Kayanza mu Buraruko, Bukeye mu Bumanuko, Butaganzwa mu Buseruko hamwe na Komine Musigati mu Burengero. Abanyagihugu (142.513) batunzwe n’uburimyi n’ubworozi, imyuga (kubumba amatafari, ukwubaka). Muri kahise, Komine Matongo yarabuze abantu n’ibintu, inzu ziraturirwa, abantu barahunga. Umutekano muri rusangi ni mwiza.

10 Komine Buganda ingana na km² 162. Ni Komine ihana imbibe n’amakomine: Rugombo mu Buraruko, mu Bumanuko hari Komine Gihanga, mu Buseruko hari Komine Murwi, mu Burengero hari Uruzi Rusizi n’Igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi (RDC). Abanyagihugu bangana 9.900 batunzwe n’uburimyi, ubworozi (bibangamiwe n’ihindagurika ry’ibihe), urucuruzwa rutoruto, imyuga mitomito nko kubaza. Muri kahise, iyo Komine na yo nyene yarasinzikaye, abantu n’ibintu birahasigara, ubukene buriyongera. Ubu ni agahengwe ariko ni Komine ifise ivyambu vyambukiramwo abashobora guhungabanya umutekano umwanya uwo ari wose wose.

11 Komine Mabayi ifise ubwaguke bungana na km² 34.554. Ni Komine ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda mu Buseruko no mu Buraruko, mu Burengero hari Komine za Mugina na Rugombo, mu Buraruko hari Komine Murwi na Bukinanyana. Abanyagihugu baho bangana 95.874 babeshejweho n’uburimyi, ubworozi, urucuruzwa rutoruto, imyiga mitomito nko kubaza, kujisha no gufatanya ivyuma hamwe no kwimba inzahabu. Kahise k’iyo Komine karababaje benshi kuko mu 1995, intambara yahitanye ibintu n’abantu, abadasangiye ubwoko baratandukana aho bahungiye mu gihugu hagati abandi baromoka mu bihugu bibanyi nk’Urwanda n’Igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi (RDC). Muri rusangi, umutekano umeze neza ariko hari imisozi imwe usanga urwaruka rutava mu migambwe imwe rwinubana.

Share
Back to Top