ABAVYEYI BIPFURIZA KAZOZA KEZA URWARUKA BIBARUTSE

Urwaruka n’abavyeyi barashimira cane Ikigo Ubuntu n’amashirahamwe bafadikanya ibikorwa vyo gufasha urwaruka ngo rwubake ikibano ciza na kazoza keza k’urwo rwaruka. Mu Ntara umugambi « Dushingire ku Buntu kugira ikibano kibanda-nye gishinze imizi mu Burundi kandi dutsimbataze umuco w’A-mahoro» uriko urarangurwamwo, abavyeyi n’urwaruka barica-ye hamwe baraganira ibijanye n’uwo mugambi. Ikiganiro cari kinezereye.

Ibikorwa vyo gusasagaza amahoro birangurwa ukuri kwamye n’urwaruka ruri mu mashirahamwe bo nyene bishi-ngiye aho mu kibano babaye. Ayo mashirahamwe ni ihuriro ryo kuyaga ivyobateza imbere no gutsimbataza amahoro n’i-ndero runtu. Ayo mashirahamwe kandi ni ishure ryo mu kibano aho urwaruka rwigira ibitari bike bibafasha kuba urwaruka ru-rangwa n’ingeso nziza kandi rwiyungunganya rutarinze gutega amashi. Ayo mashirahamwe y’urwaruka tuyabona nk’ituta ry’u-bumwe n’amahoro urwaruka ruvomamwo ingeso n’inyifato nziza.

Iyo rero abavyeyi babonye abana babo birigwa muri ayo mashirahamwe, hari abanezerwa n’abandi bashavura. Aha rero

umuntu yokwibaza uruhara rw’abavyeyi muri ico gikorwa co kunywanisha urwaruka rufise ivyiyumviro bitandukanye ruri mu mashirahamwe y’urwaruka yo kwiteza imbere. Habuze iki? Hokorwa iki?

  1. Abavyeyi bipfuza kugira uruhara mu bikorwa vy’urwaruka

Abavyeyi b’urwaruka dufasha mu kibano aho babaye ba-ratuyagira icizere n’amakenga bafise. Ikintu ca mbere abavyeyi bidoga bavuga n’ukutagishwa inama imbere yo gutangura umu-gambi uje ugana abana babo. Ikindi ni ukudaha ikibanza na gi-toya abavyeyi b’urwaruka mu migambi yabo yo kwiyungunga-nya, abavyeyi ntibubahuka kubaza neza imigambi abagiraneza bipfuza gufashamwo urwaruka rwabo imbere y’uko iyo miga-mbi itangura.


Rwaruka!!! Kirazira kikaziririzwa!!!

Iyindi myidogo ni nk’iyi: Ubuntu bwaratititutse mu rwa-ruka, ukutagondwa kw’abana bageze mu bigero vy’ubuyaba n’i-mikangara abavyeyi batinya guhanura abana babo, amaterefo-ne ngendanwa agisibije mu rwaruka, indero yatitutse (aho ha mbere umwana ntiyegera aho abakuze bakoraniye, umwana ya-raha inzira uwumuruta, nta mwana w’umukobwa yicara mu ba-hungu,…), urwaruka rutaha ijoro bigatuma abavyeyi batakiba-cira umugani wo ku ziko, n’ibindi.

Ku bijanye no kutagishwa inama imbere yo gutangura umugambi, si agaseseshwa rumuri, ni ivyo tumaze kwibonera Abatari bake bakorana n’urwaruka baramaze kurwa muri uwo mutego wo kutagisha inama abavyeyi b’urwaruka bashaka gu-korana imigambi ibateza imbere yuko bishikirira urwaruka nyezina.

Kenshi na kenshi, y’aba amashirahamwe y’abagiraneza canke abandi bipfuza gufasha urwaruka, bibwira ko babajije urwaruka gusa ivyo bakeneye biba bihagije. Eka namba ntibi-kwiye, hari agahaze kuko abavyeyi na bo barafise uko babona ibintu n’ukuntu bogira ico baterereye.

Ivyo rero birafise ingaruka zitari nziza cane muri ico gi-korwa c’amashirahamwe y’urwaruka yo kwiteza imbere: hari abavyeyi baturubika abana babo iyo bagiye muri ayo mashira-hamwe ngo bagiye kuyenzera, hari abandi bababuza kuja muri ayo mashirahamwe, abandi na bo ntibahimirize urwo rwaruka kurangura neza ico biyemeje gukora muri ayo mashirahamwe y’iterambere barimwo n’abandi bihutira kubasaba ivyo bayaku-yemwo ngo bikenure mu rugo n’ibindi.

Umukurambere wo mu gihugu c’Ubuhindi Mahatma Gandhi avuga ati: “Ico munkorera mutangishije inama, si ica-nje”. Abavyeyi bohava bavuga uko ariko si ko biri kuko mu nta-ngo yogutanguza umugambi, dutangura kugiriranira ibiganiro vyagutse n’abanyagihugu bose bari muri ako karere.

Twavuze ko ishirahamwe ry’urwaruka ari nk’ituta rite-gurirwamwo kazoza keza k’urwaruka. Muri iyi misi ya none, ibijanye n’amashirahamwe muri rusangi bireze. None akarusho urwaruka ruhakura mu bijanye n’indero runtu ni akahe? Hari rero n’abavyeyi bumvise ko umwana wabo yagiye mw’ishira-mwe banezerwa mu kwibwira bati ubukene bugiye guhera canke bati umwana wanje araronse ico akora aho kuja mu ngeso mbi! Ni ikimenyamenya ni abavyeyi wumva bidoga ngo: “Umwana wa naka wewe ari mw’ishirahamwe si co kimwe na ca kiyerere canje”! Ivyo vyerekana ko hari abavyeyi babona ko hari akaru-sho bakura mu mashirahamwe y’urwaruka.

Birababaje rero iyo hari abavyeyi bigira ba sindabiba-zwa, maze ntibigere babaza n’umuntu n’umwe ibijanye n’ama-shirahamwe y’urwaruka ngo bayarungikemwo abana babo. Twibwira ko ivyo vyoba biva ku kutamenya.

Muri make, umuntu aciye hirya no hino ibijanye n’uruha-ra rw’abavyeyi mu mashiramwe y’urwaruka yo kwiteza imbere ku mutima no ku mubiri, arabona ko ari ntangere kuko iryo shi-rahamwe ryunganira umuvyeyi mu ndero y’urwaruka no mu vy’ubutunzi. Ariko rero hari abavyeyi batarabona neza akamaro ko kurungika abana babo mu mashiramwe.

  1. Urwaruka rwipfuza ko abavyeyi babo bobama hafi

Bati : “Iyanka kuzimira irabira”. Muri ibi biganiro Ikigo Ubuntu kigirana n’abavyeyi n’urwaruka, urwaruka rurashikiri-za ivyipfuzo vyabo ruti twipfuza ko:

  • Abavyeyi bacu boduha akanya gakwiye ko kuganira na-bo”;

  • “ Kutatwigisha amacakubiri kuko twebwe urwaruka ivyo mu mirongo 65, 72, 93 nta vyo twabonye ni mwebwe abavyeyi mubitubarira”;

  • Abavyeyi botwereka ingeso nziza hakuba ari bo ba mbere bagendera mu ngeso mbi”;

  • Kwubahuka guhanura abana babo na kare “Inyundo ira-kura ntisumba iyayujuje”.

Muri mwene aya mashirahamwe y’urwaruka yo kwiteza imbere twataziriye amashure yo mu kibano, twabonye ko hari imirwi myinshi iyafisemwo uruhara. Aba mbere ni urwo rwaru-ka, abavyeyi babo, abajejwe intwaro, amashirahamwe y’abagi-raneza batanga uburyo, abahinga eka n’ikibano cose. Iyo mirwi yose irakeneye gukomeza imigenderanire hagati yabo.

Igihe iyo migenderanire idakomeye neza, ni hamwe n’i-yo migambi ishobora gupfira mu ntango canke naho akamaro kayo kakaba gato cane bivanye cane cane n’ingeso mbi ziba ziri muri ayo mashirahamwe.

Abakera barayamaze bati: “Umwana si uwumwe ni uw’i-gihugu”. Abavyeyi bonyene ntibokwishoboza indero y’abana kuko umwana hari vyinshi agenda arabura hirya no hino ari co gituma abavyeyi bakeneye ikibunganira.

Uko bigenda kwose, abavyeyi n’urwaruka babwirizwa kurondera ivyo vyose vyotuma imigenderanire yabo yongere-kana. Ivyo na vyo ni nk’ibi: ukuyaga kw’abavyeyi n’urwaruka kubijanye n’ivyo kuja mu mashirahamwe n’inyifato runtu urwa-ruka rwoheza rukagendera, ugukurikiranira hafi abikorwa vy’urwaruka maze abavyeyi babonye ko hari agahaze, bagaca basemerera amazi atararenga inkombe. Ni ukuvuga ko ari uku-bandanya ibijanye n’indero runtu. Ikindi na co n’uko abafasha urwo rwaruka bokwama barondera uko bunga ubucuti bw’u-rwaruka n’abavyeyi.

Akandi kamaro atari ako gusiga inyuma ni uko gukome-za imigenderanire myiza muri ico gikorwa, bifasha gukomeza ukwama bayaga hagati yabo maze umwe wese akamenya aho uruhara rwiwe ruva rukagera, aho umwe agoyagoya uwundi ahamushigikiremwo kandi umwe wese amenye ico ajejwe muri uwo mugambi.

  1. Uruhara rw’abavyeyi mu mashirahamwe y’urwaruka

  1. Uguterera ivyiyuvyiro mu migambi

Abavyeyi ni bo bajejwe indero y’urwaruka cane cane yo ku ziko. Indero baha abana babo ibashitsa mu bigero no ku ntu-mbero urwo rwaruka bipfuza ko bokurana. Ni ukuvuga ko aba-vyeyi bazi vyinshi kuri bo barazi urwaruka rw’ikigaba, urwaru-ka rw’ingeso nziza na mbi, urwaruka rw’inkerebutsi canke urwaruka ataco rwitaho.


Iyo amahoro asasagaye, urwaruka ruritegurira imigambi mitomito

Abavyeyi barazi kandi ico urwaruka rwabo rukeneye gu-sumba ibindi muri ivyo bikorwa vyo kwiteza imbere. Ni ukuvu-ga ko abavyeyi boterera iciyumviro c’intumbero y’icokorwa ku neza y’urwaruka rwabo maze uwo ashaka gufasha urwaruka akabifatirako. Raba nk’uyu muvyeyi iciyumviro yashikirije: “Iki gikorwa muranguye ni ciza cane, yaba twari twarabimenye ka-re, tuba tubafasha guhimiriza uru rwaruka kuko hari n’ingeso mbi twofasha kugwanya”.

  1. Abavyeyi barahimiriza urwaruka kuja mu mashirahamwe y’urwaruka

Umugambi wose w’iterambere wama ufise abo wega ubwa mbere. Aha, uyu mugambi wega urwaruka. Muri ico gihe abavyeyi babo nta co bawuronderako atari akanyamuneza k’a-bana babo bariko bariteza imbere. No muri iki gikorwa c’ama-shiramwe y’urwaruka rwo kwiteza imbere, urwaruka rurake-neye abaruboneye izuba ari bo bavyeyi boba barakebura kandi baruhirimiriza kuja mu bikorwa no mu ndero yarwo yokwiyo-ngera. Abavyeyi bokwama hafi y’abana babo.

  1. Ugusozera

Wumvirije imyidogo n’ivyipfuzo vy’abavyeyi n’urwaruka umengo harimwo ugutanako inkubire. Ni vyo birumvikana ku-ko mwene ivyo biganiro ntibari babimenyereye. Igihambaye re-ro ni uko baba abavyeyi, baba urwaruka, umwe wese yobona ko afise uruhara nta ngere mu gutegura kazoza keza k’urwaruka.


A
bajejwe umutekano barashimira urwaruka ko basigaye bakorana neza mu vy’umutekan

Ako kazoza keza tuvuga, si akandi ni uko urwaruka rwokurana indero runtu maze muri ayo mashirahamwe bari-mwo, akaba ituta ry’amahoro, iterambere n’ubuntu. Abavyeyi ntitwobirengagiza kandi nabo ntibokwigira sindabibazwa.

P. NTAHONSHIKIYE Placide


 

Share
Back to Top