I. IGITI CIZA CAMA IVYAMWA VYIZA: UMUGAMBI UMAZE GUSHIKA KU BISHIMISHIJE

I. IGITI CIZA CAMA IVYAMWA VYIZA: UMUGAMBI UMAZE GUSHIKA KU BISHIMISHIJE

Aho Ikigo Ubuntu n’Ikigo c’ugufashanya c’Ubuswisi bamariye gushira mu ngiro umugambi bise « Dushingire ku buntu kugira ikibano kibandanye gishinze imizi mu Burundi kandi dutsimbataze umuco w’Amahoro», ibitari bike birama-ze guhinduka.

Twame twitwararika kuzamura mu buntu kiremwa muntu n’aho abaye!

Abasangirakivi b’Ikigo Ubuntu bamaze kwiga neza abo bazokorana umugambi, baciye batangura kwigisha urwo rwa-ruka inyigisho zitandukanye (Ubuntu, Ugutatura amatati, ubu-hinga bwo gufasha abahahamutse, uburongozi buha ikibanza n’ijambo umunyagihugu n’imvugo idasesereza).

Hari n’izindi nyigisho zitandukanye zituma baca ake-nge-runtu hanyuma bakabona ivyo vyose vyohava bibahunga-baniriza umutekano wabo. Urwaruka ruri muri uyu mugambi ruri mu mirongo itandatu kw’Ikomine imw’imwe1.

  1. Ikibariko c’abigeme n’imisore batari mw’ishure

Ikomine

Abigeme

Imisore

Bose hamwe

1.

Itaba

37

23

60

2.

Giheta

37

23

60

3.

Mutaho

27

33

60

4.

Mabayi

28

29

57

5.

Buganda

27

30

57

6.

Rumonge

28

27

55

7.

Matongo

30

30

60

8.

Gatara

30

29

59

9.

Ruhororo

30

30

60

Bose hamwe

274

254

528

Twihweje neza, ico gitigiri c’urwaruka rwashoboye gukorana kirashimishije. Mu bisanzwe, kuri Komine vyari bitegekanijwe ko dukorana n’urwaruka rushika mirongo itandatu ariko hari aho ico gitigiri kidakwira kuko hari abahebera umugambi mu nzira, abandi bakaja kubandanya amashure kuri kaminuza canke bakaronka akazi kajanye n’ivyo bigiye.

Muti kuki mutashobora kubasubibiza? Igituma ni iki: kubera ko umugambi uba ugeze hagati, vyogora kubasubiriza ari co gituma duhitamwo kubandanya n’abo tuba twaratangu-ranye umugambi basanzwe bazi intumbero yawo.

  1. Urwaruka rwirata iki muri uyu mugambi?

Urwaruka ruriko rurangura uwo mugambi ruraneze-rewe kugeza naho ruserura uwo munezero mu kutuyagira

ibigumbagumba rufise ku mutima:

  1. Ibijanye no kutihanganiranira mu vya poritike

Abahinga mu vy’ubushakashatsi mu vya poritike bati: “Ibibazo vya poritike, ubishaka canke utabishaka birakuraba”. Umusore Ejide wo ku Mugara muri Zone Gatete, Ikomine ya Rumonge, Intara ya Rumonge wewe asanzwe ari muri vyo, ariko hari n’abandi basangwa baguye mu mporero yavyo.

Ejide avuga ati: “Jewe na dawe dufise ivyiyumviro vya poriti-ke bitandukanye cane. Jewe ndi mu muga-mbwe wa CNL, dawe na we ari mu muga-mbwe uri kubutegetsi wa CNDD – FDD.

Dawe yagumye anyi-nginga kuva kera ngo mpindure umuga-mbwe ngo ndamukurikire hanyuma ndanka. Kuva ico gihe, dawe yaciye amfata nk’uko ndi umwana w’umugarariji. Gutyo amatati aba aradutse hagati yacu gushika n’aho ntari ngifu-ngura muhira. Ipikipiki yasumira umuryango yari yaranya-nkiye ko ndayigendesha. Muri jewe numva inzigo itagira uko ingana gushika n’aho nipfuza kumubona atakiri muzima.

Ikigo Ubuntu kimaze kuza aha ku Mugara, kigahuza urwaruka n’a-bavyeyi, twese tarayaze ibijanye n’ukutihanganiranira mu vya poritike kandi na dawe ni ho yari yaravyumvise. Tumaze kwiga inyi-gisho z’ubuntu, imvugo iremesha n’ugutatura amatati bidaciye mu nguvu, naciye ngenda ndegera dawe tuyaga hanyuma turasubiza hamwe.

N’ikimenyamenya, dawe yaciye ampa ya pikipiki aba ari jewe ndayigendesha. Nipfuza rero ko n’abandi mwobagi-rira nk’uko mwadufashije kugira ngo abantu bose badasangi-ye ivyiyumviro vyo mumigambwe basubize hamwe hanyuma babane runtu”.

  1. Ibijanye n’ukwinubana

Ukwinubana gushingiye ku moko kwarigeze kuba ingeso mbi yiziziye abarundi batari bake muri kahise. Vyarashitse ko n’abahora basangira umukenke batacicarana ngo basome warumpera iki. Akarorero twofatirako ni aka:“Jewe nitwa NDUWAYO Jovit, mba mw’ikambi y’aba-hungiye mu gihugu hagati y’i Mubanga muri Komine Ruho-horo, Intara ya Ngozi. Imbere y’uko nkurikirana inyigisho z’ubuntu z’Ikigo Ubuntu, sinategera abantu bagendana ba-gakundana n’urwaruka rwasigaye mu mitumba.

Jewe sinashaka no kubavugisha. Icibagiwe co cari ico kwicarana nabo. Narabinuba bimwe bikwiye atari ivyo gucisha iruhande. Jewe ubwanje sinategera na gato ingene urwaruka rwo ruba muri iyi kambi tubamwo rushobora kuresha umukobwa wo mu mitumba gushika n’aho bubakana maze urugo rukarama.

Aho Ikigo Ubuntu kiduhereye cane cane inyigisho z’u-buntu, naratahuye gushika naho ka gatima kari mu jewe ko kwinubana gahera, ndemera turasangira ishirahamwe none ubu twe urwaruka rwo mu mitumba dusigaye dusangira akabisi n’agahiye.

Ubu urwo rwaruka ruraza aha mw’ikambi y’abahu-ngiye mu gihugu hagati kuntemberera nanje nkagenda iwabo mu misozi tukamana rimwe. Ikigo Ubuntu n’Ikogo c’Ugufa-shanya c’ubusuwisi, biragahora biraza i Mubanga. Ndabipfu-rije gutera imbere mbere bashikire n’abandi bari bakimeze nkanje aho ha mbere ntarahinduka. Tugire Ubuntu”.

  1. Ibijanye no kwongereza ubumenyi

Umwigeme NIHABWIMPUNDU Diyonesiya, w’i Ba-nga muri Komine Matongo aratwiganira ingene yagize aka-nyamuneza igihe yaronka inyigisho zijanye no gufasha abantu bafise ibikomere vyo ku mutima kubera ibintu bibi vyashikiye abantu muri kahise k’indengagihe canke k’impitakivi ati :

Hari umubanyi wanje asanzwe ifise ibibazo bijanye n’ivyo yaciyemwo muri kahise. Narabona ko afise ibibazo ariko sina-menye ivyo ari vyo. Sinubahuka kumwegera ngo ndamubaze ingorane afise. Maze kwiga ibijanye no gufasha uwahaha-mutse, naramwegereye bukebuke, ndamuyagisha gushika n’aho ambarira ivyamushikiye vyose. Gutyo, nca ndamenya ingorane afise n’icayiteye n’ingene nomufasha. Ubu rero nguma mbandanya ico gikorwa co kumufasha kugira ngo asubire aremareme ku mutima. Ninabona bindengeye, nzo-bimenyesha abasangikivi b’Ikigo Ubuntu batwama hafi. Murakoze, tugire ubuntu”.

  1. Ibijanye no kuba imboneza y’ubuntu

Mu bijanye no gukarihiriza ubwenge urwaruka rwacu du-korana uyu mugambi, bamwe bamwe muri bo ntibari bazi ico abatware bajejwe; ico umutwa-re ajewe na cane cane abo ba-tware b’imboneza z’ubuntu hamwe rero n’uruhara rw’u-mwenegihugu. BARYANABATWENGA Ferdinand arigana ati : « Ibijanye n’uburongozi bw’ubuntu si bwo bwari mu bi-ndaje ishinga. Imbere y’uko nkurikirana inyigisho z’ubuntu, iyo hagize uwurenganywa ndabibona, jewe nta co vyamba-rira, wamengo ni ibisazwe mbere nticambuza kubandanya ico nariko ndikorera. Bukebuke, uko twaja mu nyigisho z’Ikigo Ubuntu, ni ko nagiye ndategera ico umurongozi w’ubuntu ajejwe.

Akarorero: umusi umwe turi aho turiko turivuna aka-nyota, abagabo babiri barafatanye amashati bapfa ko umwe yanse kuriha ivyo yari yanyoye. Jewe naciye mpaguruka nda-babanguranya. Ubu bose barantangarira cane mbere baka-mbaza aho nakuye inyigisho nk’izi zihindura umuntu mu ka-nya isase”.

  1. Ibijanye n’imvugo iremesha

Abasokuru barayamaze bati “Iyibize nabi bayima ifu”. Iki cigwa c’ubuhinga bwo gukoresha imvugo iremesha mu biyago vyacu, ni kimwe gisigura uwo mwibutsa w’abasokuru. Umwigeme IRANKUNDA Evelyne wo muri Komine ya Mutaho na we aradusigurira neza uko yabibonye ati :

Jewe nakuriye mu bwoba bwa dawe kuko ntiyari umuntu asanzwe. Ashitse mu rugo atahutse avuye ahantu, nta n’uwasubira kuryogora. Maze kwiga inyigisho z’ubuhinga bwo gukoresha imvugo iremesha, nagize nti ndatomboye kugira nshobore guhindura umuvyeyi wanje. Umusi umwe, nabonye dawe ashitse, ndarya umutima amenyo ndamwegera turaganira nk’umuvyeyi n’umwana eka twese turanezerwa. Narashoboye kumwugurukira neza ariko mu rupfasoni ko vyoba vyiza ahinduye ukuntu iyo atashe yifata kuko bitera ubwoba cane bigatuma tumutinya aho kumwubaha.

Ubu turayaga neza, dawe asigaye abona ko ndi umwana w’ibanga kandi ntaja guta umwanya mw’ishiraha-mwe. Maze kubona ko umuvyeyi wanje asigaye yarahindutse, nanje naribajije icari catumye tubura ikiyago hagati ya dawe n’abandi bo mu nzu. Twasanze amakosa yari kuri twese kuko dawe aje akaze natwe twaca dutangura kuvugiriza canke tukavuga utujambo dutuma arakara rwose.

  1. None urwaruka rwipfuza iki?

Ntitwavuze intambamyi twagiye turahura mu kurangu-ra iki igikorwa kuko si nyinshi kanatsinda umugambi tubona warangutse neza.

Ico tutokwibagira gushikiriza n’ivyipfuzo urwaruka, abavyeyi n’abatware b’aho twakoreye badushikirije ari vyo vy’ibi:

  • Kubandanya inyigisho z’ubuntu;

  • Kwagura umugambi kugira n’abandi bashikirwe ha-nyuma bahindure ingendo;

  • Kwigisha inyigisho z’Ikigo ubuntu abarongoye abandi mu bisata vyose vy’igihugu;

  • Gutegura urwaruka n’abagize ikibano mu bihe vy’ama-tora baze bagumane ubumwe ata wandya wangura;

  • Gufasha urwaruka kurondera no kurangura imigambi yo kwiteza imbere;

  • Kubandanya guhuza urwaruka, abavyeyi n’abatware bo mu ntwaro ngo bayage ivyokwubaka ikibano cabo.

Ibi vyipfuzo rero ni vyo Ikigo Ubuntu n’abagifata mu mugongo bokwicarira kuko biraboneka ko bifise ishingiro.

  1. Ishure ni ituta vy’ubumenyi n’ubuntu

Ikigo Ubuntu kimaze kubona ko aho kiriko kirarangurira ibikorwa vyo gusubira kunywanisha abantu kibicishije ku ku-nagura imico y’ubuntu itera itituka kandi kigiye kirumviriza ivy’iyumviro vy’abamwe n’abandi, ico kigo carabonye ko hari igice c’urwaruka naco kitokwibagirwa. Ico gice ni igice c’u-rwaruka ruriko ruronka ubumenyi bwo mw’ishure.

Muti mw’ishure abarezi batanga ubumenyi n’ubuntu. Ni vyo kandi n’inzego zose zikorera muri ico gisata ziravyitwara- rika kugeza n’aho mu ndinganizo z’ivyirwa bibuka gutegeka- nya ibijanye n’imico n’imigenzo y’Abarundi tutibagiye ko ivyo vyose vyubakira ku nyifato n’ingeso runtu.

Ikimaze kwibonekeza ni uko umwana akiri ku ziko aro-nka indero yo ku ziko nyene aho abigisha biwe ari abavyeyi, abavukanyi, incuti zo muryango hamwe n’ikibano. Umwana amaze kuja kw’ishure ibintu birahinduka cane kuko ubu agiye

gukurikiranwa umwanya munini n’umwigisha-murezi yanonosoye ico gikorwa co gutanga ubumenyi n’indero runtu.

Bibondo, ubumenyi butagira ubuntu ataco buzobamarira!!

Ariko rero, twibukanye ko indero umwana yaronkeye ku ziko ari wo mushinge w’ibizokurikira vyose.

Ni co gituma kandi n’igihe umwana agiye mw’ishure, umuvyeyi abandanya arera wa mwana wiwe uko yahora mu kuguma yibuka ko ihangiro nya mukuru ari uguca akenge runtu.

Aho kw’ishure rero umwana ahigira vyinshi: ni ukuvuga ko ahigira vyiza na bibi. Ibibi avyigira cane cane ku bandi ba-na bahahuriye baba bafise ingeso mbi hanyuma bakazigisha abandi bana. Bisaba rero ko abagisha-barezi bunganirwa ubwa mbere n’abavyeyi bene ibibondo, ubwa kabiri bakunganirwa n’abo bose bafise ico boterera mu kurera abana Burundi bw’ejo.

Mu mwaka w’2010, biciye muri iki gikorwa co gufasha kurera urwaruka Burundi bw’ejo ruri mu mashure y’isumbu-ye2, ikigo Ubuntu gifadikanije n’ayo mashure, caratunganije igitabu3 nyunganira nyigisho ku bijanye no kwigisha imico y’Ubuntu. Mu mashure ane y’urufatiro (Isemi-nari Ntoya yo mu Ciya, Ishure ryisumbuye ryo mw’i Jenda, Ishure ryisumbuye ryo mu Rugari hamwe n’Ishure ryisumbuye ry’i Tora) abanyeshure baho bari mu mirwi y’Ubuntu bari kumwe n’abarezi babakurikirana, barafashe umwanya ukwiye wo gushobora gutohoza neza no gutora umuti w’ingeso mbi nyamukuru zihanze abanyeshure n’abarezi bari mu mashure yisumbuye cane cane yo mu ndaro.

Ariko rero, n’abanyeshure batari mu ndaro, hari ingeso n’inyifato zitabereye basangiye n’abanyeshure biga mu ndaro, n’izindi ataho bazihurirako.

  1. Ingeso mbi nyamukuru zihanze abanyeshure bari mu mashure yisumbuye

Bivanye n’aho umwe wese aherereye, inyifato agira ija-nye n’ako karere nyene naho hari kamere ka muntu kadahi-nduka vyoroshe aba afise. No mu mashure ni uko kuko. Aba-nyeshure bari mu ndaro, baratwiganiye ingeso nya mukuru zi-hanze urwaruka n’abarezi. Inkuru nkuru ni izi:

  • Ukutubahana (n’ukutubaha amategeko y’ishure) hagati y’abarerwa ubwabo, abarezi, abavyeyi hamwe n’abo

bose kakorera kw’ishure rifise indaro;

  • Ukudafashanya hagati y’abanyeshure ubwabo, abarezi hamwe n’abavyeyi;

  • Akarenganyo mu mashure hagati y’abanyeshure nyene, umuyobozi n’abarezi n’abahakorera;

  • Ububeshi bugirwa cane cane n’abanyeshure, abarezi bamwe bamwe hamwe n’abantu bose bakorera kuri iryo shure;

  • Ubusuma kw’ishure bukorwa n’abarerwa n’abarezi ba-mwe bamwe;

  • Ubunebwe bufata bose aho kw’ishure;

  • Ishari n’inzigo bigwiriye cane mu banyeshure n’aho bi-shobora gushika mu barezi n’abakozi b’ishure;

  • Abahungu n’abakorwa bakundana birenze urugero kw’ishure (copinage);

  • Ubushurashuzi mu banyeshure no mu barezi bamwe bamwe bagoba izo baragiye.

Ico gikorwa camaze imisi itari mike imirwi y’Ubuntu mu mashure bariko baracicarira. Abavyeyi, abarezi n’abare-rwa barashimye ico gikorwa kuko cafashije abatari bake muri ayo mashure.

Ukurerera runtu ni igikorwa c’umuvyeyi n’umurezi!

Umuhisi w’umuhinga mu vyo gutegura inyigisho Antime MIVUBA yafashije cane muri ico gikorwa ni we ya-vuze ati: Ikigo ubuntu catoye inzira nziza yo kwigisha urwa-ruka ruri mu mashure y’indaro ubuntu”. Ivyo yabivuga kuko ubuhinga Ikigo Ubuntu gikoresha ari ubwo guhera ku vyo abantu bo nyene babamwo.

Ico twokwibukanya ni uko igikorwa co gufasha kurwa-nya ingeso mbi ari igikorwa kitoroshe kandi gisaba guhozako. Si ukuvuga rero ko izo ngeso mbi zaheze, ni ukubandanya twibukanya ingeso nziza zoranga umurerwa ariko ararondera ubumenyi bwo mw’ishure maze aze akure ku mutima no ku mubiri.

  1. Ubu naho vyifashe gute mu mashure arangurirwamwo uyu mugambi?

Bati: “Intore irarangwa” kandi bati: “Inzira nziza uyica-mwo kabiri”. Ikigo Ubuntu carabonye ko ugukorana n’Urwa-ruka ruri mu mashure yisumbuye ari uburyo bumwe bwo ku-nganira igihugu n’abavyeyi mu ndero y’Urwaruka. Ni co gituma, umugambi wose uje werekeye urwaruka ico kigo kitibagira n’urwaruka ruri mu mashure yisumbuye na cane cane ayatari ay’indaro. Uyu mugambi Ikigo Ubuntu gikorana n’Ugufasha kw’Ubusuwisi, kiriko kiwurangurira mu mashure yisumbuye atatu harimwo n’uwundi murwi uhurikiyemwo abanyeshure baje bava mu ntara zitandukanye. Ayo mashure na yo ni aya:

  1. Ikibariko c’inkumi n’imisore iri mu Mirwi y’Ubuntu mu mashure

Ishure

Gore

Gabo

Bose

w

Ishure ryisumbuye ryo Mukajaga (Lycée KINYINYA)4

30

30

60

2.

Iseminari Ntoya yitiriwe Umweranda n’Umutumwa Petero w’i Micca5

-

60

60

3.

Ishure ryisumbuye ry’imyuga y’i Bukeye6 (ETMM7)

7

53

60

4.

Umurwi w’Abanyeshure bita “Club Inter-régional)

30

30

60

Bose hamwe

67

173

240

Muri ayo mashure yose yerwa n’uyu mugambi, Ikigo Ubuntu n’abagifata mu mugongo, bahakorera ibikorwa vyose biba vyategekanijwe muri uwo mugambi ariko bisunze indi-nganizo y’ishure.

Abanyeshure bo mu mirwi y’Ubuntu barashima ibiko-rwa bikorerwa muri iyo mirwi kandi bipfuza ibi bikurikira:

  • Kubandanya inyigisho z’Ubuntu n’inyigisho z’ingene bo kwifata muri ibi bihe vy’amatora n’inyuma yayo;

  • Ko izi nyigisho zokwiragizwa mu yandi mashure;

  • Ikigo Ubuntu n’Ugufashanya kw’Ubusuwisi bobanda-nya babakurikirana.

  1. Mu ncamake

Igikorwa kijanye no gufasha abanyeshure bari mu mi-rwi y’Ubuntu aho kimaze gushinga imizi kirafise akamaro ka-nini. Ingeso zimwe zimwe zitameze neza ziba zigaragaza mu barerwa kumbure abarezi batarazimenye, zitaratorerwa umuti amazi atararenga inkombe. Abanyeshure bagenzi babo babazi ni bo baca bazicarira canke bakazihagurukira muri iyo mirwi y’Ubuntu.

Umuntu yofatira ku karorero kashitse ku mashure amwe amwe; kw’ishure imwe y’indaro aho abanyeshure bo mu murwi b’ubuntu batujije ingeso yo gucuranwa, ahandi bagatuza ingeso y’abana b’abakobwa baheba amashure bakaja kurongorwa, ahandi bagafasha gukaburira abandi umuco wo gusubiza hamwe hamwe no gutsimbataza umuco w’amahoro aho babaye. Nta neza yoza isumba mwene ivyo bikorwa.


 

1 Raba muri Magazine y’Ukwezi kwa Munyonyo n°150 umwidondoro uramvuye ku bijanye n’amakomine yerwa n’uyu mugambi.

2 Amashure yarimwo Imirwi y’Ubuntu mu mwaka w’2010 ni aya : 1) Mu Gisagara ca Bujumbura hari Kaminuza y’Uburundi, ishure ryisumbuye rya Ntahangwa CPEBU, 2) Mu Ntara ya Bubanza hari Iseminari Ntoya yo mu Ciya n’Ishure ryisumbuye rya Bukinga, 3) mu Ntara ya Muyinga hari ishure yisumbuye ya Rugari n’irya Komine rya Kinazi, 4) mu Ntara ya Gitega umurwi w’Ubuntu wari kw’Ishure ryisumbuye ryitiriwe Umweranda Tereziya w’Umwana Yezu, 5) Mu Ntara ya Bujumbura hari imirwi y’Ubuntu kw’Ishure ryisumbuye bitiriye Inyenyeri yo mu misozi i Jenda n’Ishure ry’imyuga ry’i Majombe. 6) Mu Ntara ya Bururi, Imirwi y’Ubuntu yakorera kw’ishure ryisumbuye ry’i Tora no kw’Ishure ryisumbuye rya Komine rya Mugamba.

3 Club Ubuntu, Education aux valeurs d’Ubuntu en milieu scolaire, Manuel de formation pour les écoles secondaires. Centre Ubuntu, 2010 (Ntikirasohoka).

4 Intara ya Bujumbura itari mu gigara muri Komine Mutimbuzi

5 Intara ya Rutana muri Komine Rutana

6 Intara ya Kayanza muri Komine Matongo

7 Ecole Technique Monseigneur Michel NTUYAHAGA

Share
Back to Top