URWARUKA, IGITI CIZA CAMA IVYAMWA VYIZA!
Si agaseseshwarumuri aho babiri canke batatu bashize inguvu hamwe ngo barangure igikorwa ciza, ico gikorwa kiraheza kikavamwo ivyiza.
Mu mezi ane Ikigo Ubuntu n’Ugufashanya n’igihugu c’Ubusuwisi mu Burundi tumaze turiko turarangura umuga-mbi twise “« Dushingire ku Buntu kugira ikibano kibandanye gishinze imizi mu Burundi kandi dutsimbataze umuco w’Ama-horo», urwaruka, rwaba urutagiye mw’ishuye canke urukiri kw’ishure, baba abavyeyi babo hamwe n’abatware, twese tu-rashima ko uyu mugambi wazanye akunguko mu vyo gusasa-gaza amahoro n’ubuntu aho tubaye.
Urwaruka n’abavyeyi tumaze imisi dukorana bagira ba-ti: “Burya ubuntu ni ryo shingiro ryo gutahura uwundi ko ari ikiremwa muntu nkanje, ubudasa bwacu ari nk’amashurwe agiye hamwe abera ijisho ry’uwuriko arayaraba”. Vyongeye, murakaza kudufasha kugira ngo abadasangiye ivyiyumviro
vya poritike bashoboye gusubiza hamwe, abandi nabo bati: “Inyigisho Ikigo Ubuntu gitanga zirahindura umuntu maze agaca akenge-runtu hanyuma akamenya gutunganya neza ibintu ku buryo benshi bamutangarira.
Ariko rero, impinga iracari ndende ari na co gituma abo twakoranye bose basaba ko twobama hafi na cane cane muri ibi bihe turimwo, tukanabafasha no mu bikorwa vyo kwiteza imbere.
Ivyo vyipfuzo tuvyakira neza kuko biri mu ntumbero z’Ikigo Ubuntu. Tugire Ubuntu.
P. Placide NTAHONSHIKIYE
- Identifiez-vous pour poster des commentaires