III. UGUSOZERA
Igihe cose twibutse ko kiremwa-muntu aruta ibindi bire-mwa vyose kuko yaremanywe ubuntu gutyo amaze gushika mu bigero agashobora gucagura ikibi n’iciza, tuba turiko dutera inta-mbwe ndende iteza imbere kiremwa-muntu nyene n’ikibano aba-yemwo.
Turashimira cane rwose Ikigo c’Ugufashanya c’Ubusu-wisi, abatware bo mu Ntara twakoreyemwo, abavyeyi n’urwaru-ka twakoranye uyu mugambi « Dushingire ku Buntu kugira iki-bano kibandanye gishinze imizi mu Burundi kandi dutsimbataze umuco w’Amahoro». Tubasaba ngo ntibadohoke ku muco wo-kwama turiko turafashanya kugira ngo ubuntu bunaguke maze amahoro asasagare aho tubaye.
Akabuto Ikigo Ubuntu n’abo bafashanya kabibwe aho twakoreye, birakwiye ko kokwami-zwako ijisho, kakavomerwa, kagakura kugira ngo kaze kame vyinshi. Gutyo, igihugu cose kimote ubuntu buvyara amahoro. Tugire Ubuntu!
P. Placide NTAHONSHIKIYE
- Identifiez-vous pour poster des commentaires