Kuva isi ibaho, yamye yugarizwa n’ibiza vy’indwara zita-ndukanye. Muri ivyo bihe vyose, inganda zaratikira, imi-ryango yabuze igasigara yipfumbereje. Ubukene, ubwoba n’umwiheburo bikugariza ibihugu biba vyatewe. Kubw’i-vyo, abashakashatsi n’abahinga mu vy’ubuvuzi baca baku-ra amaboko mu mpuzu bakarondera imiti canke incanco zokubirwanya. Inyigisho ziratangwa kugira habe ukwirinda n’ugutuza izo ndwara. Abajejwe intwaro nabo barafasha mu guhimiriza abo barongoye mbere n’ ingingo zikomeye kandi zitandukanye zigafatwa kugira izo ndwara zituzwe.
Guhera mu mpera z’umwaka wa 2019, isi yarugarijwe n’i-kiza c’umugera wa corona. Uburundi na bwo nyene nti-bwasigaye inyuma. Ni muri iyo ntumbero, Ikigo Ubuntu gifashwe mu mugongo n’igihugu ca Suisse kiriko gitanga i-nyigisho ku rwaruka n’abajejwe intwaro, abaserukira ama-shirahamwe y’abakenyezi, amadini, abajejwe umutekano ku rwego rwa komine n’abaserukira imigwi ijejwe gukwiri-kirana ivy’umugera wa corona ku rwego rwa komine, bo mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi (Cibitoke (Mabayi, Buganda),Rutana (Giharo, Mpinga-Kayove), Gitega (Itaba), Rumonge (Mugara, Buzimba), Makamba (Nyanza-Lac), Ngozi (Ruhororo, Mubanga, Gashikanwa), Kayanza (Matongo) kugira baronke ubumenyi ku vyereke-ye ico kiza bongere babusabikanirize abandi hanyuma baki-gwanirize hamwe.
N’aho hari abariko barita ku rutare kugira barandurane n’i-mizi ico kiza, hari n’abandi babibona ibisanzwe bagafata minenerwe ingingo Leta yafashe kugira igituze. Hari n’aba-ndi bahohotera abandi mu kubinuba ngo baragwaye ico ki-za kuko bavuye mu bisagara kandi ata vyemeza biriho ba-kibagira ko inyifato yo gupimisha ijisho itabereye ahubwo ituma abo binubwa batuntura ku mutima. Hari n’abandi ba-hunga aho baba babegeranirije kugira babapime ko barwa-ye ico kiza. Abo bose berekana inyifato yo gutuza kuko u-mwe wese arafise uruhara mw’ituzwa ry’ico kiza.
BIGIRIMANA Madeleine
Book traversal links for Tugwanirize hamwe umugera corona dusanasane imitima yakomeretse
Sommaire
- 1TWIRINDE KUJANA NYABAHURURU MURI IKI GIHE TWUGARIJWE N’UMUGERA CORONA
- 2JANINE ATERA AKAMO SE WIWE YEREKANA UBWOBA BWA CORONA VIRUS
- 3UBWOBA BUTEKERA UMURYANGO WA JANINE
- 4MARIKO ASABA JANINE KO YODUGA KUGWAZA NYINA
- 5MAMA KEZA ARUNGIKA JANINE
- 6HACIYE IMINSI MAMA KEZA AGANIRA N'UMUBANYI
- 7ABAREMESHAMUBANO BO MU KIGO C'UBUNTU BAGIRA IKIGANIRO KU MUTUMBA AHO JANINE AVUKA
- 8IGIKINO
- 9JANINE NA ERIKE BAJIJUKA
- 10UMUCO W’UGUFASHANYA WOBA ARI INTAMBAMYI MU RUGAMBA RWO KURWANYA IKIZA KORONAVIRISI MU BURUNDI?
- 11UGUSOZERA
Centre Ubuntu