Skip to main content

M. Placide NTAHONSHIKIYE

III. UGUSOZERA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Igihe cose twibutse ko kiremwa-muntu aruta ibindi bire-mwa vyose kuko yaremanywe ubuntu gutyo amaze gushika mu bigero agashobora gucagura ikibi n’iciza, tuba turiko dutera inta-mbwe ndende iteza imbere kiremwa-muntu nyene n’ikibano aba-yemwo.

DUSOZERE

Submitted by Anonymous (not verified) on

Imyidogo y’abanyagihugu ishingiye ku ngaruka mbi zite-rwa n’abakobwa n’abagore batunzwe no gucuruza imibiri yabo irafise ishingiro. Ikibabaje gusumba ni uko umengo iyo myidogo ntaho ishika kuko umengo ntawuyakira. Ni ukuvuga ko bose ba-sigaye babona ko ico kibazo ari igisanzwe kandi ari inkota y’u-bugi bubiri.

TUBE TURAKARISHA UBWENGE MU BUNTU

Submitted by Anonymous (not verified) on
 

Wemera Imana canke utayemera, mbega umubiri w’umuntu yaba umwigeme, umugore, umusore canke umugabo, urashobora kuba igicuruzwa ? Kuki ? 

Sigura, utange n’uturorero

Wandikire Ikigo Ubuntu

Agasandugu ka posita 2960 i Bujumbura, canke

wishikirire kuri ico Kigo kuri Paruwasi Mikaheri Mweranda (Saint Michel)