INKURU ZITANDUKANYE ZEREKANA INKURIKIZI KU BADANDAZA, KU MIRYANGO NO KU MIBANO

 

Description : IMG-20220407-WA0010

 

Kuyagira abandi ivyagushhikiye bibabaje niyo ntango yo gukira

 

 

  1. Inkuru

Mu biganiro Ikigo Ubuntu cagiraniye n’abenegihugu bo mu ntara zitandukanye  ku vyerekeye inkurikizi ku bacuruza n’abakora ibikorwa vy’iterambere mu gihe ca « corona virisi », ngizi inkuru zitandukanye zashikiri-jwe.

Rugombo

Umugabo akiri muto avuka muri zone Rugombo, yako-rera sebuja mu rucuruzwa rw’ibiraya akabijana mu gi-hugu c’Urwanda. Uno nawe akaronka amafaranga ibi-humbi bitanu (F 5000) ku musi. Inyuma y’amezi atatu, yaciye yikorera ivyiwe mu gushora ibiraya mu gihugu c’Urwanda, kuko yari afise umutahe wiwe w’amafara-nga ibihumbi amajana atatu (F 300 000).  Aho bugari-ye imbibe ku bw’ikiza « corona virisi », ubworo bwa-ramwinjiranye, mbere na wa mutahe arawukoresha mu kwikenura muri utu na turiya. Amagorwa ntasiga aya-ndi, umugabo w’umubanyi atunze yaciye amutwara u-mugore. None ubu, umugore yaramutaye, asigaye are-ze abana wenyene. Uwo mugabo yaratuntuye ku muti-ma kubera uguhomba mu rudandazwa rwiwe n’uguhe-mukirwa n’umukenyezi wiwe.

 

 

Gihanga

Umugabo w’i Gihanga yakora urucuruza rw’ivyamwa : pasteke, mandarine, imicungwe. Ivyo vyamwa yabiku-ra mu Burundi akabishora  muri Repubulika iharanira Demokarasi ya  Congo. Yabitwara kw’ikinga kandi ari vyinshi. Urwo rudandazwa rwari rwateye imbere ku buryo yari abayeho neza n’umuryango wiwe. Vyonge-ye, yarumvikana  n’Abanyecongo gushika n’aho yata-nga ibicuruzwa akarindira ko bamuriha amahera mu nyuma.  Aho ikiza « corona » gitereye, imbibe z’Ubu-rundi na Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo zikugarwa, yarahomvye kuko iryo tegeko ryasohotse  ashaka kuja gutora amafaranga y’ivyamwa yari yara-gurishije. Yaragerageje uko ashoboye kose kugira aja-buke imbibe aje kurondera ayo mafaranga biranka. A-maze kubona ko yahomvye ivyo yabiriye akuya iyo myaka yose, yaciye ata ubwenge agwa hasi. Gushika ubu, ntariyakira.

Gatumba

Ikiza « corona » kitaratera, umugabo n’umugore baba mu Gatumba, bakora ubuzi  butandukanye. Umugabo yakora akazi ko kunguruza abantu kw’ikinga muri Re-pubulika iharanira Demokarasi ya Congo. Umugore yacuruza inyanya, amavoka n’intore muri ico gihugu nyene. Ico kiza kimaze gutera, yaba umugabo yaba umugore, nta n’umwe yasubiye guhonyora muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo kuko uru-bibe rw’ico gihugu n’Uburundi rwari rwugaye. Guhera ico gihe, haciye hibonekeza ubukene mu muryango wabo. Umugore ntiyashoboye kuronka amafaranga asubiza uwari yaramuguranye mu gihe yakora uruda-ndaza. Muri ico gihe, uwo muryango warabura amafa-ranga yo kuriha inzu ubamwo. Umugore atangura kuri-ma akorera abandi kugira baronke ico bafungura. Ikiza « corona » carabatumye bahomba mu rudandazwa rwa-bo kandi baragize umubabaro.

Nyamurenza

Umwana w’umuhungu yiga mu mashure y’intango  yo muri zone Buye, komine Mwumba, intara ya Ngozi. Mu gihe ca « corona virisi », yaragiye kwipimisha ku bitaro vy’i Buye asanga aragwaye. Baciye bamushira aho bugaraniraabarwaye mu kiringo c’indwi yose.  Muri ico gihe nyene, mutoya w’uyo muhungu yararwa-ye igihute nyina  amujana muri ivyo bitaro vy’i Buye, aho naho, hari hategekanijwe abantu bazoza barahipi-mishiriza « corona virisi ».  Abanyeshure bigana na wa muhungu bagiye kwipimisha baca babona nyina bata-ngura kumwagiriza ko umwana wiwe ariwe yabandu-kije arico gituma baje kwa muganga. Uwo muhungu yaravuwe arakira ariko abandi banyeshure baguma bamwinuba ngo ntabanduze. Ivyo ntivyahereye aho, haba kw’ishure canke mu kibano, bamutazira « coro-na ». Uwo muhungu yarababaye ku mutima ku buryo n’ishure yahevye. Yahisemwo kwigumira muhira kugi-ra aze arinyegeza abantu.

 

Buganda

Umugabo avuka muri zone Ruhagarika yarangura ibi-tenge muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo akongera akabicururiza i Burundi. Aho «corona virisi» itereye uwo mudandaza yaciye ashikira aho bugaranira abantu kugira babapime ico kiza. Hanyuma ibitenge yari yaranguye barabimwivye aca arahomba. Urwo ru-hombo rwatumye adashobora gusubiza amahera yari yaraguranye mu gukora urwo rudandaza. Kubera yari yabuze amahera yo kwishura ingurane yari yasavye,  yaciye agurisha itongo ryiwe nawe aca ariha  amafara-nga angana imiliyoni zibiri. Uruhombo rwaramuteye i-gikomere co ku mutima.

Kabarore

Umucuruza  yari amaze imyaka itari mike mu rudanda-za, akama ashorera ibiraya mu gihugu c’Urwanda. Aho ikiza “corona virisi” gitereye, imbibe z’Uburundi n’U-rwanda  zikugarwa, uwo yaciye ahagarika gushorera aho. Imbere y’uko ico kiza gishika mu gihugu cacu, u-wo mugabo yari mu mashirahamwe atandukanye, yo kuziganya no kuguranana aho yasaba ingurane akayi-subiza n’inyungu. Ariko, kubera ico kiza, imbibe z’i-vyo bihugu bibiri zarugaye, urudandaza rwaragabanu-tse asanga afise amadeni muri ya mashirahamwe. Ku-gira ashobore kuriha ayo madeni, yagurishije amato-ngo. Ubu abayeho nabi kandi yerekana ibimenyetso vy’ihahamuka. 

Busiga

Umucuruza avuka muri zone Rukeco yari umunywanyi w’ikoperative «Tugwizamata», yasavye ingurane mu kigega gitanga ingurane kugira urudandaza rwiwe ru-gende neza. Inyuma y’amezi makeya, ikiza « corona » carateye, uwo mucuruza baramupimye basanga agwa-ye ico kiza. Yaciye aguma yiyugaraniye mu nzu, aho yadandariza harugarwa, ibidandazwa birononekara. Guhera ico gihe, abaye mu bukene kuko adashobora kuronka ibitunze umuryango kandi ntarariha amadeni. Abantu bo mu kibano bamuraba ribi.  Naho yasubiye gukora urucuruza, ntarashika ku ntambwe yaragezeko imbere y’ico kiza kubera ibikomere vyo ku mutima ca-musizemwo.

 

 

Matongo

Imvukira y’i Bandaga, muri komine Matongo, yakora urucuruza rw’amabungo mu gihugu c’Ubuganda imbe-re y’uko ikiza ca « corona » kiza. Aho imbibe zivyo bi-hugu zugariwe kubwa « corona virisi », umugambi wi-we waciye uhagarara. Gushorera muri rya soko ryo ha-nze y’igihugu ntivyabaye bigishoboka. Umuravye ubu, agenda nk’uwatakaje ubwenge kuko atabona neza ka-zoza k’iwe n’ak’umuryango. Kubw’urwo ruhombo, nta gaciro bamuha haba mu muryango canke mu kibano.

   

Kayanza

Hari umucuruza wo mu Kayanza yahora arangurira ibi-dandazwa vyiwe mu gihugu ca Tanzaniya. Aho « coro-na virisi » gitereye, baramupimye basanga ararwaye i-co kiza. Kubw’ivyo, vyabaye ngombwa ahagarike uru-dandaza. Kubera ata kindi gikorwa yakora, yarataye u-mutwe, aragwara umutima, ahava ajanwa mu bitaro. Yatanze amafaranga menshi. None ubu yugarijwe n’u-bukene burenze none yarihebuye ko atazosubira kuba-ho neza nka mbere.

 

 

 Icigwa twokura muri izi nkuru:

Iyo ikiza giteye, abantu baragira ubwoba batinya kwa-ndura no gupfa. Mu gihe ico kiza kibatesheje ibikorwa baba bariko bararangura, kirabasigamwo imvune baga-cika inkokora. Ariko, iyo habonetse  abababa hafi, ba-batahura, nabo barumva ko baremye, mbere bakaronka n’intege zo gusubira ku mirimo bahoramwo.

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

  1. Inkurikizi za corona virisi zibonekeje muri izo ntara zitandukanye

Description : IMG_20220408_114754_134

 

 

Dutorere hamwe umuti w’ibibazo vyo mu kibano

 

 

 

 

 

  • Abakenyezi n’abashingantahe batagifise ubusho-bozi bwo kubandanya imigambi yahora ibabe-shaho.
  • Ubukene.
  • Iduzwa ry’ibiciro.
  • Kwihebura kurengeje.
  • Abagabo bamwe bamwe baheba imiryango yabo bagahungira Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo
  • Kutagira imigenderanire n’imiryango iri  Repu-bulika iharanira Demokarasi ya Congo
  • Abana barwaye indwara zo gufungura nabi.
  • Kubura isoko ry’ibidandazwa.
  • Amahera yaheze Repubulika iharanira Demoka-rasi ya Congokuko imbibe zugaye.
  • Ubusuma bwo mu mirima.
    • Gucika inkokora.
    • Kwigunga kubera gutinya ko abandi bogutwe-nga.
    • Ingorane hagati y’abubakanye bitewe n’ubuke-ne.
    • Gufungwa kubera ukubura amahera yo kuriha a-madeni yafashwe mu kurangura imigambi y’i-terambere.
    • Ubushurashuzi n’ukurenga ibigo.
    • Kusigara ureze abana we nyene.
    • Ubusuma buciye ku rwenge.
    • Ihahamuka ry’abantu batashoboye kuriha ama-deni bari basavye
    • Iyugarwa ry’imbibe kubera ikiza « corona ».
    • Gutakaza ubwizigirwa mu banywanyi b’amashi-rahamwe yo kuziganya no kuguranana kubera « corona virisi ».
    • Ukubura imitahe ku bacuruza.
    • Ubwoba burengeje.
    • Itituka ry’imigenderanire y’abantu bo mu ki-bano.
    • Kugira uruhagarara.
    • Ugutakaza akazi.
    • Ihahamuka ku bantu bafashe amadeni hanyuma ntibayarihe.
Share
Back to Top