Badandaza namwe banywanyi bo mu mashirahamwe dusubire ku kivi

Mu ntumbero yo gushigikira abenegihugu bakozweko n’ikiza ca corona virisi bahora bakora ibikorwa vyo kwiteza imbere, mu nyuma, bakagira ihahamuka ku rugero rutandukanye kubera ibibazo vy’umurenge-ra,Ikigo Ubuntu gifashwe mu mugongo na PNUD n’i-gihugu ca Suisse, caragiraniye ibiganiro n’abenegihugu bo mu ntara zitandukanye  zo mu gihugu : Cibitoke (Rugombo, Buganda), Bubanza (Gihanga), Bujumbura (Mutimbuzi), Kayanza (Matongo, Kabarore, Kayanza), Ngozi (Busiga, Mwumba, Nyamurenza) kugira gifashe gutekanya imitima yakozweko n’ico kiza ngo basubire mu migambi yabo yo kwiteza imbere baremye mu mi-tima.

Mu biganiro Ikigo Ubuntu cagiraniye n’abenegihugu bo muri izo ntara, baraseruye akari ku mutima, baravu-ga ibibazo bahuye, inkurikizi zibonekeje ku muntu no mu kibano, bitewe n’ikiza “corona”.

 N’aho biri uko, hari abigira sindabibazwa ntibabone ko abo bantu bakozweko n’ico kiza bakeneye uwubafa-ta mu mugongo kugira baronke inguvu zo gusubira ku kivi. Ahubwo, bishinga kubakumira bakibagira ko “u-muntu agigwa n’uwundi”.

Share
Back to Top