Rwaruka, twubakire kazoza kacu ku Mahoro n’Ubuntu

Kiremwa-muntu yamye na ntaryo yisanzura neza iyo ari mu kibano cubahiriza bose, umuto, umukuru, yaba ari mu bwo-ko ubu canke buriya, mu ntara iyi canke iriya ku buryo abagize ico kibano babana nk’abavandimwe. Iryo ni ryo hangiro nge-nderwako Ikigo Ubuntu cipfuza gushikako.

Birahimbaye cane rwose iyo ubonye abagize ikibano cari kigeramiwe n’ingeso mbi zo kwinubana bishingiye ku vyiyu-mviro bitandukanye vya poritike bagize bati ni vyiza ko twoshi-nga umwirwi wo gucungera umutekano wacu ugizwe n’inyabu-ne ; birabeye kandi, wumvise ko urwaruka rwose rwipfuza ku-vavanura n’ingeso n’inyifato mbi zobabera intamyi ya kazoza keza.

Birababaje kubona twese tutabona kumwe ico tworaga abana bacu, tukabaraga ibikomere vy’akahise kabi aho kuro-ndera kurandurana n’imizi ivyo vyose ko vyadusinzikaje muri kahise n’ubu bitarahera neza.

Uyu mwihwezo si uwukozwe uno musi gusa, ni umwi-hwezo twagiye turagira uko bukeye uko bwije, uko dukoraniye hamwe n’urwaruka mu bikorwa bituma tunywana aho tubaye kugira ngo twiteze imbere. Ubajije hirya no hino, rwaba urwa-

ruka, baba abavyeyi babo, uti “Mbega ikintu nya mukuru mubo-na cotuma gisubiza inyuma urwaruka muri kazoza karwo ni igiki?” Bamwe bishura bati ni “Ubukene” abandi na bo bati : “Akamwanawamama”, hari n’abishura ngo: “Ukutihanganirani-ra mu badasangiye ivyiyumviro vya poritike » n’ibindi.

Muri iki Kinyamakuru Ubuntu burihabwa turabayagira uko urwaruka dukorana umugambi w’Ikigo Ubuntu gifashwe mu mugongo n’Ubusuwisi rwipfuza gutsimbataza amahoro n’Ubuntu mu Burundi.

P. NTAHONSHIKIYE Placide

Share
Back to Top