II. IMBONEZA Z’UBUNTU NI ZO ZUBAKA IKIBANO CIZA

  1. Duhindure inyifato zimwe zimwe zo muri kahise

Uburundi n’ababubamwo baranezerwa cane iyo baba-yeho bidagadura mu kamwemwe ntangere kuko ata kintu kiba kiriko kirabaca ivutu ngo bame mu marira no mu mubabaro. Muri ico gihe, uwaronse duke aturyana umutima mu nda, ya-bura naho akiryamira kandi nta we atako umwikomo.

Imyaka irenga mirongo itanu Abarundi baraseserejwe n’amagume adasanzwe bagiye baracamwo. Abantu n’ibintu vyarahatikiriye maze bituma abarundi batari bake bibaza ibi-bazo bitari bike gushika n’aho bata umwizero bari bafitiye indongozi zabo.

Kugira rero ikibano gisubire kunaguka mbere n’umwi-zero ugaruke mu bantu, abanegihugu bose bategerezwa kuba-nza kwumva ko bidegemvya mu kubaho kwabo. Ivyo bibone-kera ku bintu bitanu nya mukuru nk’uko bishikirizwa n’umu-hinga yitwa Pable de Grief: 1) ubwigenge mu vy’intwaro, 2) akarusho mu vy’iterambere, 3) itunganywa ryiza ry’imico n’imigenzo n’ikibano, 4) ugutunganya vyose ku mugaragaro ata ngingo zifatirwa mu kinyegero 5) n’umutekano uhumuriza bose aho babaye no mu vyo babayemwo.

Ibikorwa vyose turiko turakora, nta kamaro kanini vyo-mara igihe tutiyumviriye ingene hoboneka imboneza z’ubuntu zobandanya ico gikorwa kugira kibe igikorwa kiramba. Muri ico gihe, ivyo bintu bikuru bikuru uwo muhinga yashikirije, twobitsimbataza vyose.

Kugira ikibano kinaguke hanyuma cikwize ivya ngombwa-nshingiro ni uko abanyagihugu bahindura ingendo maze bakubahuka kuvuga ikiri ku mutima kugira gitorerwe umuti. Nta vya bindi ngo “nk’uko vyamye hambere yose nibimereko n’ubu no mu myaka yose”. Iyo ngendo imaze guhinduka, abarongozi b’ubuntu, bahimiriza abanyagihugu kwumva no gukurikiza ivyo babahimirizamwo. Ivyo bizoshoboka ariko iyo abaserukira abandi batanga akarorero keza ni ukuvuga ko abanyaghigu babizigira kuva ku mwana gushika k’uwukuze.

Birakenewe cane ko uburongozi bubona kure, bukema-nga gushira mu ngiro ivyapfundikiwe mu nama ya bose no ku neza ya bose. Ikindi cihutirwa bwokora ni uko bwoza buramenyesha abanyagihugu aho ibikorwa bapfundikiye hamwe bigeze hanyuma bagakaburira abenegihugu b’aho babaye ibikorwa vy’iterambere. Ni nkenegwa rero guteza imbere iki gikorwa co gukaburira urwaruka uyu muco wo kuba imboneza z’ubuntu kuva bakiri bato.

  1. Twese twokwiga kuba imboneza z’ubuntu

Abantu bose barashobora kuba imboneza z’ubuntu. Umupfasoni, umushingantahe, urwaruka, abajejwe amashe-ngero n’amashirahamwe yigenga, abari mu ntwaro, abari mu buzi butandukanye bwaba ubwa Reta canke abikorera utwa-wo, bose barashobora kuba imboneza zibushitse babishatse.

Muri iki gikorwa co gukaburira urwaruka amahoro n’ubuntu aho babaye, twipfuza ko n’urwaruka rwofata iya mbere kwerekana ko rubona iyo rutera rugana kandi rufise ugushaka gutegura kazoza keza. Nta co twoba dukoze tutarondeye guhimiriza urwaruka ngo rutangure gufata ibintu mu ntoke kandi neza.


Twese turashobora kuba imboneza z’Ubuntu!!

Iyo rero tuvuze imboneza, benshi bumva abategetsi ca-nke indongozi z’abandi haba mu vy’intwaro y’igihugu canke mu kurongora amashirahamwe n’iyindi mirwi y’abanya-gihugu. Ariko si abo gusa.

Uburongozi buhera hasi mu rugo bukabandanya gushi-ka ku gatumba, mw’izone, muri komine no mu gihugu cose. Uburongozi kandi buragaragarira mu mashirahamwe abanya-gihugu bishingira bo nyene kuko baheza bakitorera indongozi. Muri ayo mashirahamwe, urwaruka ntirusigara inyuma.

Menya neza:

Uburongozi bushingiye ku kuntu umuntu akoresha ubu-basha afise ku bandi, ingene ubwo bubasha bumurikira abandi mu vyo barimwo vyiza maze bose ugasanga basenyera ku mu-gozi umwe.

Ikindi twomenya ni uko imigenderanire y’abantu ishi-ngiye ku bubasha n’ubutegetsi umuntu afise. Ubwo bubasha n’ubutegetsi bwama buri mu mibano no mu bikorwa ivyo ari vyo vyose kandi bushingiye ku kuntu umuntu yiyumva.

Vyongeye kandi, iyo uri imbere y’abandi mu vy’uburo-ngozi, urahindura ukuntu wiyumva mbere harimwo no kuba-bara ku mutima na cane canke iyo ico gikorwa kiriko kiramu-zazanira atabona ico afata n’ico areka. Twokwibukanya mbere ko hari n’abahakwa guta ngo bomoke mu mabanga baba ba-shizwe.

  1. Kuba imboneza

Haba mu vyo gutunganya amashirahamwe, haba mu vyo gutunganya neza ivy’intwaro, hategerezwa kuboneka aba-ntu b’imboneza z’ubuntu. Iyo hari imboneza mu ndongozi z’ubuntu, imitina y’abanyagihugu iguma mu nda maze abantu bagafashanya uko bashoboye ata mwana n’ikinono canke ata wandya wangura hanyuma ari ishirahamwe canke ari intara igatera imbere bimwe biboneka.

Erega mwene abo barongozi, ni bo bakaburira abo ba-sangiye ikivi n’abo barongoye ibikorwa. Nta numwe yumva ko ari sindabibazwa canke yumve ko aremerewe n’umuzigo w’amategeko y’abarongozi babarongoye. Vyose biba umuno-ni. Imboneza z’ubuntu ni izikaburira abanyagihugu canke abo basangiye umugambi guterera ivyiyumviro vyukaba maze ba-gafata n’ingingo zitunganiriza bose muri uyo mugambi.


Indongozi zija imbere abandi mu bikorwa

Mu mashirahamwe y’urwaruka dukorana, hari urwaru-ka rwamaze gufata ingendo yo kuba imboneza z’ubuntu kuko baritanga bitangira abandi uko bashoboye bataravye nkunzi maze abo barikumwe nabo bagaca bakorana umwete.

Ntibitangaje ko hari abavukana ingabirano zo kurongo-ra neza abandi, ariko kuba imboneza birasaba ko n’umuntu yoboshiramwo ugushaka maze akavyiga. Iyo mw’ishiraha-mwe canke mu bisata vy’igihugu abarirongoye bigira sinda-bibazwa hanyuma ntibaserure ivyiyumviro vyabo, nta kintu ciza gifadika baheza ngo bashikeko.

  1. Hakenewe iki kugira haboneke imboneza z’ubuntu?

Urwaruka rurakwiye kunoganza neza ibijanye n’ivyo gufasha abenegihugu biciye mu kuba imboneza. Ivyo rero biraheza bigafasha abantu bose, abakuru n’abato kugira ba-bone ko muri bo harimwo abashobora kuba imboneza z’aba-ndi. None ni uruhe ruhara imboneza z’ubuntu zifise mu gutu-nganya aho babaye canke mu gutunganiriza bose? Imboneza y’ubuntu:

  • Itegerezwa gutegura no kumenyesha abo ajejwe imiga-mbi ifise, ibikorwa iriko iratunganya n’ico ivyo biko-rwa biriko birashikako canke bizoshikako;

  • Irerekana ico ivyo bikorwa bimariye bose na cane cane abo ajejwe kuja imbere;

  • Irahanuza abato n’abakuze kuva imigambi igitangura kwiyumvirwa gushika ishirwe mu ngiro;

  • Ikaburira abajejwe kwitaho ubuzima bw’aho abaye mu kibano n’akarere babayemwo;

  • Itunganya ishirwa mu ngiro ry’imigambi yashimwe gu-shinga no kuyishira mu ngiro kuko ni ivyabo;

  • Irasuzuma kandi ishirwa mu ngiro ry’ivyapfundikiwe mu nama ya bose ku neza ya bose.

Imboneza ntitamba yirorera. Oya, kuko abo basangiye ikivi na bo nyene barafise ico bategerezwa kurangura kugira berekane ko bishimiye imboneza yabo. Ivyo imboneza zitege-rezwa gukora na vyo ni nk’ibi:

  • Zitegerezwa ubwabo kutigira ba sindabibazwa ngo ivyo twebwe ntibituraba: biraba abo turongoye;

  • Abanyagihugu n’urwaruka rurimwo, ziraheza zikitwa-rarika na ntaryo gusiguza ibijanye n’ikibano cabo, inta-ra canke umugambi bariko bararangura gutyo bakame-nya aho ibintu bigeze n’uko biriko biragenda;

  • Kumenyera kugenzura mu buntu (atari mu bugumutsi), ibijanye n’ibiriko birarangurwa ku neza yabo;

  • Zigaterera ivyiyumviro vv’ingene umugambi wabo canke ikibano cabo zotorerwa umuti kuko bitagenze uko, ivyariko birakorwa vyose birwa mu mazi.

Mu bikorwa twagiye turarangurira hamwe n’abagize imirwi y’urwaruka na cane cane mu nyigisho zo kubakaburira ubwenge, urwaruka rwo nyene rwarashoboye kubona bimwe bimwe vyerekana iri banga ry’imboneza y’ubuntu. Ibikuru bikuru bashikirije ni ibi:

  • Intungane mu mutima wiwe no mu maso y’abantu;

  • Ni umuhuza;

  • Imvugakuri;

  • Incabwenge;

  • Ni inkerebutsi;

  • Ntahengama;

  • Ntavugira muvumbi kumuvumba;

  • Ashira amanga (kurinda);

  • Akoresha imvugo ida-sesereza umuntu n’umwe;

  • Aremanga ingingo ya-fashe n’ico cose yavu-ze;

  • Ariyumvira imbere yo gufata ingingo;

  • Agumya ibanga mu kudatwarira hejuru;

  • Atanga akarorero ke-za;

  • Arazira ikinyoma;

  • Nta nkunzi kuko ada-hengama;

  • Akunda ibikorwa;

  • Yubaha Imana n’aba-ntu;

  • Ashira imbere agati-ma mburanyi;

  • Ashira imbere ibiko-rwa;

  • Aritanga;

  • Ni inshigwarimene-tse;

  • Agira inama abo ase-rukira canke arongo-ye;

  • Yiyegereza abantu ku neza ya bose;

  • Ntatinya urukamvye;

  • Abona ibintu kare kandi abona kure ku-gira abe arategekanya icokorwa kibereye;

  • Ntagira nkunzi aku-nda bose;

  • Ntajana nyabahururu;

  • Ntahuruduka (si ikigwarudubi);

  • Arasaba imbazi iyo hari ivyamugoye;

  • Atanga imbabazi;

  • Yicisha bugufi;

  • Ntadohoka kw’iba-nga;

  • Ntakaza ishavu;

  • Ntatwagwa n’agasha-vu;

  • Arondera gutera inta-mbwe mu buzima bwiwe n’ubw’abandi;

  • Ni umuhuzabikorwa;

  • Ntashira inda imbere;

  • Ntadya ibiturire;

  • Atunganya neza ivyo ajejwe;

  • Ntagira ku mabwire canke ku nsaku;

  • Yirinda amatati kandi akayatatura hakiri kare;

  • Ntasamazwa n’ibita-gira mvura;

  • Amenya kugiriranira imigenderanire myiza n’abandi.


 

Ikibano kirimwo imboneza z’ubuntu ntikiyoberanye na gato, kirigaragaza. Nk’ubu turiko dukorana n’urwaruka, urwo rwaruka nyene ruraheza rukafata ibintu mu ntoke nk’imboneza z’ubuntu zibushitse. Ibindi biranga ahari imboneza z’ubuntu ni nk’ibi:

  • Ubuntu ingeso n’inyifato nziza, amahoro, umutekano birasasagara mu karere no mu gihugu cose;

  • Iterambere ririyongera kuko ibikorwa vy’iterambere rusa-ngi biriyongera ata gusigana kandi umwe wese arubahiri-zwa mu bikorwa vyiza;

  • Amanama ya bose aratunganywa, bakayitaba kandi agakorwa ku gihe yagenewe, aboyarongoye ntibasigana; akarorero: agateka kazina muntu karubahirizwa, amazi meza aragirirwa isuku, imigambi y’iterambere iratunganywa, ikaranguka kandi neza; amategeko arakurikizwa kandi uwuyarenze arahanurwa canke agahanwa hisunzwe ayo mategeko nyene, n’ibindi;

  • Nta busimbirahamwe;

  • Urwaruka n’abakuze birijukira iterambere ryo mu kibano ingo n’imiryango no mu gihugu cose. Akarorero: mu ma-shure n’amagara y’abantu biriyongera;Itunganywa ryiza ry’ubutunzi bw’abenegihugu bashize hamwe canke baronse buvuye ahandi nko muri Reta canke mu bagira neza;

  • Ukwizerana kw’abanyagihugu bose n’abarongozi babo kuriyongera;

  • Ugufashanya mu bagize ikibano biriyongera;

  • Umuntu ashikiriza iciyumwiro ciwe ku mugaragaro kandi mu murupfasoni biriyongera.

  1. Ahabuze imboneza z’Ubuntu harangwa n’iki?

Wa wundi ati: “ Amagorwa aramenyerwa”. Umuntu ara-shobora kuba mu bintu imyaka n’imyaka agahava abona ko ivyo bintu ari ibisanzwe. Ibigenda neza n’ibigenda nabi bihakwa kuri-nganira. Vyongeye kandi ivyo vyose hari igihe atabibona. Abibonye naho, ntabona ingene yobivamwo. Muri ico gihe, umwe wese akora ivyo ahambije kandi abona ko ari vyo bibere-ye. Hari rero ingaruka mbi ziheza zikigaragaza muri ico gihe ari zo z’izi:

  • Umutekano urahunga-bana mu kibano;

  • Nta terambere;

  • Ukutubaha indongozi;

  • Umukene nta jambo;

  • Uguhunga n’ugusahu-rwa utwawe;

  • Ugutotezwa kwa ba-mwe n’abandi;

  • Igiturire kiriganza mu mice yose y’igihugu;

  • Amategeko ntiyubahi-rizwa;

  • Ubwoba bukwira hose

  • Ubusuma burimono-goza;

  • Ubunebwe buriyonge-ra maze bugacika u-buhizi;

  • Iterambere riba umu-gani;

  • N’ibindi vyinshi bibi.

  1. Mu ncamake

Imboneza z’ubuntu ni abo bose bagaragaza birya bime-nyetso twadondaguye aho hejuru biranga umuntu w’ubuntu. Kuba imboneza si ibintu umuntu avukana naho biza

vyiyongera ku kamere ya muntu; ni ibintu umuntu agerageza kwiga kugira ashobore kugirira ikimazi abandi na cane cane abo arongoye. Ni vyiza kandi ni nkenerwa ko urwaruka ru-kurana ako karangamutima kugira rushobore kuzosimbura abariko barasaza ubu gutunganya neza imiryango, ikibano n’igihugu babayemwo. Birakwiye ko kuba imboneza z’ubu-ntu woba umuco abarundi twese twipfuza gushikako.

Share
Back to Top