By webmaster on November 15, 2022
Muri make, ivyokorwa kugira abantu bakora ibikorwa vy’iterambere baraburabujwe na “corona virisi” baga-hagarika n’ivyo biyungunganyamwo basubire ku kivi:
Abadandaza
- Borengera ivyabashikiye bakabandanya batara-taza mu bikorwa vyobateza imbere.
- Kwiyakira bakabona ko ubuzima budaca buha-garara.
Amashirahamwe
By webmaster on November 15, 2022
Kuyagira abandi ivyagushhikiye bibabaje niyo ntango yo gukira
- Inkuru
Mu biganiro Ikigo Ubuntu cagiraniye n’abenegihugu bo mu ntara zitandukanye ku vyerekeye inkurikizi ku bacuruza n’abakora ibikorwa vy’iterambere mu gihe ca « corona virisi », ngizi inkuru zitandukanye zashikiri-jwe.
By webmaster on November 15, 2022
Muri iyi nkuru, Ruzariya ni umukenyezi abanye ne-za n’umushingantahe wiwe Firipo. Aradandaza i-nzoga y’urwarwa amafaranga aronse akayakoresha mu guteza imbere umuryango. Ivyo vyahindutse i-gihe nyina wa Ruzariya agwariye “corona virisi” ikanamuhitana. Inyuma y’aho, Ruzariya yashoye inzoga nkuko yahora abikora, arabura n’umwe amu-gurira kubera ababanyi bari bazi ko nyina wiwe ya-size yandukije umuryango wose, bagatinya kwa-ndura no gupfa.