Ibanga ryo kwigisha ibibondo n’abakuze

 INTANGAMARARA 

« Ibanga ribangirwa ingata », kandi ngo « Ntawutanga ico adafise ». Abo ni abakurambe-re babitwibutsa. Umwana ageze kuja

mw’ishure asigara abonana n’abavyeyi umwanya muto uge-reranije n’uwo yirirwana n’umwigisha wiwe. Umwigisha ni we aca asubirira umuvyeyi mu ndero y’abana yaronse ngo yigishe umwaka wo-se. Uwo mwana rero azoba ico umwigisha wiwe azoba yamugize. Ni ukuvuga ko umwigisha aca aba umuvyeyi-murezi canke umwigisha-murezi kuko agiye kuha abana ajejwe ubumenyi n’inde-ro runtu.  

Igihe rero yotanga indero yonyene, uwo mwana nta co yokwimarira muri kazoza. Igihe kandi uwo mwigisha-murezi yihambiriye ku gu-tanga ubumenyi gusa, n’ubwo uwo mwana nta co azokwimarira.

Ubutungane kuri bose


INTANGAMARARA

Imyidogo y’Abarundi n’Abarundikazi ku bijan-ye n’ingene ubutungane butunganiriza abantu ni myinshi. Hari abasemerera bati “Ubutungane nibwi-genge”, abacamanza na bo bagendere akaranga mutimakabagenga imisi yose kugira urwo rwego ru-shimwe na bose ».

Birababaje cane kubona abantu bagirizwa iv-yaha, vyaba ivyerekeye amatati canke ibindi vyaha bikomeye hanyuma ntibahanwe. Iyo ngendo yo ku-dahana abagirizwa ivyaha isa n’iyiriko irakwiragira mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu. Ingaruka zikurikira ni umurengera kandi ni mbi kuko hariho aba-ca bakora ivyaha n’ibigirankana ngo na naka yara-bikoze none ubu aridegemvya.

Inyota y’ivy’isi

INTANGAMARA

Igihugu c’Uburundi n’Urwanda vyaraciye mu bihe vy’in-dwano zikomeye ariko rero nta munyamahanga yaduteye. Aba-nyagihugu nitwebwe nyene twiyicaniye arico gituma bikwiye rero ko twosubiza hamwe tukarekuriranira, tukagaruka ku muco w’ubuntu, tugasubira kuba bamwe. Ariko rero, umuntu yokwi-baza ko yosubiza hamwe na mugenziwe gusa? Inyishu ni oya kuko: 

  1. Umuntu abwirizwa gusubiza hamwe n’Imana hanyuma akamenya ko ari Yo yamuremye kandi ari Yo iri hejuru ya vyose. Yomenya kandi ko Imana izomubaza ivyo ya-koze akiri ng’aha kw’isi;

Tuvyare abana bashika mu bigero

 INTANGAMARARA

Abakenyezi batari bake bakenyereye kw’isusa y’ikibazo co kwama bariko barasama inda n’umwana ataranaragaza, baka-maramara mu bandi,bagata umutwe bibaza ingene bokwibaruka abana bakwiye kandi ku rugero batarinze gusenyagurika umugo-ngo. Ariko nta inyishu itomoye baronka, bayironse naho baka-mana amadidane n’umubabaro mu mutima bibaza ko kumbure batoba bakoresha uburyo bwaka ubuzima uwo bataremye, canke bibaza ko kumbure basubiriye gusama hataragera, canke ko ba-zohava bavyara umuntu amugaye canke ikiburirane.

La mise en place des Mécanismes de Justice Transitionnelle au Burundi pourra-t- elle déclencher la réapparition des anciens traumatismes et/ou la naissance de nouveaux?

 

Nul n’ignore que le Burundi a vécu certaines périodes sombres qui, selon la convention entre le Gouvernement du Burundi et l’ONU, doivent être revisitées pour  mettre la vérité à la surface. A ce sujet,  des Mécanismes de Justice Transitionnelle sont en train d’être mis en place pour établir cette vérité, guérir les traumatismes, lutter contre l’impunité et pouvoir entreprendre des réformes capables de sécuriser tout le monde  et pouvant garantir la non répétition des événements qui ont endeuillé notre pays.

Aides aux rapatriés : effet boomerang

 

Suite aux violences cycliques qui ont secoué le Burundi depuis plusieurs décennies, une  partie de la population a fui le pays tandis que l’autre partie est restée dans une peur  indescriptible. Ces violences ont eu aussi pour conséquence la paupérisation d’une grande majorité de la population. Ces derniers temps, avec espoir de retrouver un pays calme,  beaucoup de personnes ont récemment préféré regagner leur terre natale. Dans le but de les aider à se réinstaller, beaucoup d’organisations, en plus des aides accordées par le gouvernement et le Haut Commissariat aux Réfugiés, se sont approchées de cette catégorie de gens. Certaines organisations locales et internationales les aident à se prendre en charge à travers les financements de petits projets tandis que d’autres leur accordent des biens matériels dont ceux servant à la construction des maisons.

Quatrième Conférence Internationale sur le Traumatisme psychologique

 Organisée par Africa Mental Health Foundation (AMHF)
Tenue au Catholic Universty of Eastern Africa (CUEA)
Nairobi, Kenya
11 Juillet -15 Juillet 2011

La quatrième conférence Régionale sur le Traumatisme psychologique tenue à Nairobi était un succès avec un nombre de participants tournant autour de 600 personnes venues de tous les coins d’Afrique, d’Asie, d’Europe, des Etats Unis et du Canada. Cette conférence est la quatrième organisée pour discuter  du diagnostic et du traitement des blessures mentales dues aux guerres et aux terrorismes dans le monde.

 

Formation des comités locaux, des élus locaux et des autres membres du leadership local sur la notion de traumatisme

 Le phénomène de traumatisme constitue toujours un phénomène nouveau et incompris dans notre pays. Ainsi, la plupart des burundais (surtout les non instruits) considèrent jusque aujourd’hui les personnes traumatisées comme des malades mentaux ou des personnes victimes de l’ensorcellement. Au niveau de la terminologie culturelle, les mots utilisés pour désigner un traumatisé prouvent à suffisance que les gens nécessitent une sensibilisation sur ce que c’est le trauma, ses causes, ses signes ou symptômes, ses conséquences (sur tous les plans), etc. D’autres encore ont du mal à distinguer le traumatisme du simple stress (qui fait partie de notre vie quotidienne) alors qu’il y a une différence entre ces deux concepts bien qu’ils aient quelques signes communs. Ainsi, une personne traumatisée  est celle qui a vécu une expérience douloureuse traumatisante et qui a connu des modifications comportementales et émotionnelles consécutives à cette expérience.

Ibanga ry’ abashingantahe mu ntwaro rusangi

 INTANGAMARARA

Bamwe mu batowe mu ntwaro yo kumutumba bageze aho basuzugura intahe y’abashingantahe batiwe ngo ni inkoni nk’izi-ndi; bageze aho bavuga ko batiwe n’abanyagihugu mu kubizigira bakabaha amajwi ngo babarongore; abashingantahe nabo bati twatiwe izuba riva nabo nibasabe batirwe hisunzwe imigenzo y’abasokuru, nibaduhe na twe intahe tuyikubite ntiyotunanira n’ibindi. Ivyo ni vyo bibazo shingiro igihugu gitegerezwa gutore-ra umuti vuba bwango kuko imigenderanire yagati y’iyo mirwi yohava yononekara ibintu hanyuma umunyagihugu akaba ari arwa mu mporero.

Ubajije abashingantahe ku rwego rw’igihugu bakubarira ko ico kibazo bakizi kandi bamaze kukivugana n’abajejwe intwaro mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ariko ume-ngo ibintu ntivyoreshe kudadanura.

Mu nomero zizokwirikira, tuzogerageza kubashikiriza ingi-ngo zimwe zimwe ziri mu gatabu kavuga ivy’abashingantahe n’abatowe bokwisunga mu gutunganiriza abanyagihugu. Utwo dutabu twaratanzwe mu banyagihugu ariko ntitwashikiriye benshi.

Ishure ni ituta ry’ubumenyi runtu

 INTANGAMARARA

Sokuru na nyokuru bati : “Indero iva hasi”,  “Umwana aba ico wamuteguriye” canke ngo: “ Ubuza gusha buratagata”. Mu bitabu vyeranda naho handitse ngo: “Ntawamura ivyamwa vyiza ku giti kibi”. Abandi bati: “Ishure ni ituta bateguriramwo kandi bakabungabungiramwo urwaruka kugira ruzovemwo inca-bwenge z’ubuntu”.

Ivyo vyiyumviro vyose birerekana uruhara rw’umuvyeyi, rw’umurezi, rw’umwana nyene n’urw’abandi bantu mu gutegu-rira abana babo kazoza keza. Umwana rero azoba umuntu nya muntu, umuntu w’incabwenge-runtu, umuntu akunda ibikorwa kandi yubaha kiremwa muntu bivanye n’ingene yarezwe, n’aho yarerewe.